Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 3

Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

Inkomezi zacu, icizigiro cacu n’umwizero wacu

(Imigani 14:26)

  1. 1. Ewe Yehova warakoze

    ku bw’icizigiro

    Ciza cane waduhaye

    kandi c’agaciro.

    Har’aho tugir’amaganya

    adushiramw’ubwoba

    Butwak’ico cizigiro,

    tugatiny’ivyoba.

    (ICITABIRIZO)

    Ur’inkomezi zacu

    n’umwizero.

    Ico tubuz’uraduha.

    Igihe twigisha

    turatekana

    kukw’ari wewe twisunga.

  2. 2. Dufashe rero se Yehova

    ntitukibagire

    Yukw’ari wew’uduhoza

    mu bihe bigoye.

    Ivyo biraduha kurema

    aho kujugumira,

    Tukakuyag’ata bwoba,

    tukitekanira.

    (ICITABIRIZO)

    Ur’inkomezi zacu

    n’umwizero.

    Ico tubuz’uraduha.

    Igihe twigisha

    turatekana

    kukw’ari wewe twisunga.