Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

URURIRIMBO RWA 96

Igitabu c’Imana ni ubutunzi

Igitabu c’Imana ni ubutunzi

(Imigani 2:1)

  1. 1. Har’igitabu kizanir’abantu

    Amahoro be n’icizigiro.

    Ibirimwo birafis’ububasha;

    Kirakangur’abari mw’itiro.

    Nya gitabu rero ni Bibiliya.

    Cahumetswe na Yehov’ubwiwe;

    Canditswe n’abagabo bamukunda

    Kandi barurumb’impwemu yiwe.

  2. 2. Kiravug’ingen’irema ryagenze

    Ukunt’ibiriho vyahabaye,

    Ingen’umuntu yaremw’atunganye,

    N’ukw’Iparadizo yatakaye.

    Baranditse n’ivy’umumarayika

    Yans’ubukuru bw’Iman’ubwayo

    Bikavamw’icaha n’umubabaro.

    Yamar’intsinzi izob’iyayo.

  3. 3. Ubu ni mu gihe c’umunezero:

    Ubwami bw’Imana buraganza.

    Nya bwami be n’ivyiza buzozana

    Tuguma tuja kubitangaza.

    Izo nkuru ni muri nya gitabu;

    Ni nk’inzimano yo gufungura.

    Kiraturons’amahoro ntangere.

    Eka n’ubutunzi twocukura.