Ja ku birimwo

Turashashaye kukubona

Turashashaye kukubona

Wogaragariza gute umutima mwiza batoyi bawe? Reka turabe ingene wobigira.

Bavyeyi, nimusome mwongere muganire ku Baroma 12:10 muri kumwe n’abana banyu.

Voma wongere ucapure aka gakorwa.

Abana barashobora gukora ibintu vyinshi kugira bafashe batoyi babo bavukana. Nimurabe ividewo ivuga ngo Turashashaye kukubona, muce mufasha abana banyu kumenya ingene bogaragariza umutima mwiza batoyi babo. Nimukate amafoto mwongere muganire ku bibazo biri ku rupapuro rwa 1. Nimuce muraba ku rupapuro rwa 2 aho bihuye n’ayo mafoto maze muyamadikeko.

Raba kandi

INYIGISHO ZO MURI BIBILIYA

Udukorwa tw’abana

Nukoreshe utu dukorwa two gukina dushingiye kuri Bibiliya mu kwigisha abana bawe ivy’Imana.