Abaroma 12:1-21

  • Mutange imibiri yanyu nk’ikimazi kizima (1, 2)

  • Ingabirano zitandukanye, ariko umubiri ni umwe (3-8)

  • Ukuntu umukirisu w’ukuri akwiye kwigenza (9-21)

12  Ndabinginze rero bavukanyi, kubera impuhwe z’Imana, mutange imibiri yanyu+ nk’ikimazi kizima, ceranda+ kandi cemerwa n’Imana. Muyikorere igikorwa ceranda mukoresheje ububasha bwo kwiyumvira+.  Nimureke kwoshwa n’iyi si*, ahubwo muhinduke mu guhindura uburyo mwiyumvira+, kugira mumenye neza+ ivyo Imana igomba, ni ukuvuga ibintu vyiza, vyemewe kandi bitagira akanenge.  Biciye ku buntu buhebuje* nagiriwe, mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ibimwerekeye kuruta uko bikwiriye+. Ahubwo yiyumvire mu buryo bubereye, bivanye n’urugero rw’ukwizera Imana yamuhaye*+.  Kurya nyene umubiri wacu ufise ibihimba vyinshi naho ari umwe+, mugabo vyose ntibikore igikorwa kimwe,  ni ko na twebwe naho turi benshi, turi umubiri umwe mu bumwe na Kristu, mugabo umwe wese akaba igihimba cegukira mugenziwe+.  Twese dufise ingabirano zitandukanye bivanye n’ubuntu buhebuje twagiriwe+. Nimba dufise ingabirano yo kuvuga ubuhanuzi, tubuvuge twisunze urugero rw’ukwizera twahawe.  Nimba dufise ingabirano yo gukorera abandi, tubandanye kubakorera. Nimba ari uwigisha, nabandanye kwigisha+.  Nimba ari uwuremesha*, nabandanye kuremesha*+, uwutanga* abikore atitangiriye itama+, uwuhagarikira* abandi abikorane umwete+, uwugira imbabazi na we abigire anezerewe+.  Urukundo rwanyu ntirubemwo ubwiyorobetsi+. Ikibi nimucanke urunuka+, mwumire ku ciza. 10  Mukundane nk’abavukana, mugiranire ikibabarwe. Mube aba mbere mu gutera iteka* bagenzi banyu+. 11  Mube abanyamwete, ntimunebwe*+. Mururumbe impwemu+. Mukorere Yehova* nk’abashumba+. 12  Nimunezerwe kubera icizigiro. Mwihangane mu makuba+. Mushishikare gusenga+. 13  Musangire n’abavukanyi* bivanye n’ivyo bakeneye+. Mwame mugaragaza ubwakiranyi+. 14  Mugume muhezagira ababahama+. Nimuhezagire, ntimuvume+. 15  Munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira. 16  Nimubone abandi nk’uko mwibona. Ntimwiyumvire ibintu bihanitse*, ahubwo muyoborwe n’ibintu biciye bugufi+. Ntimwigire abanyabwenge+. 17  Ntihagire uwo mwishura ikibi ku kindi+. Mukore ivyo bose babona ko ari vyiza. 18  Nimba bishoboka, nimukore ivyo mushoboye ku giti canyu kugira mubane amahoro n’abantu bose+. 19  Ntimwihore bakundwa, ahubwo mureke uburake bw’Imana bukore+, kuko vyanditswe ngo: «“Uguhōra ni ukwanje. Ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko”, ni ko Yehova* avuze+ 20  Ariko «nimba umwansi wawe ashonje, mugaburire. Nimba anyotewe, muhe ico anywa, kuko niwabigira uzoba umurunze amakara yaka ku mutwe*+ 21  Ntureke ngo ikibi kigutsinde, ahubwo ugume utsinda ikibi mu gukora iciza+.

Utujambo tw'epfo

Canke «gushushanywa n’ivy’iki gihe», «kuja mw’iforoma y’iyi si.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «yamugereye.»
Canke «uwuhimiriza.»
Canke «guhimiriza.»
Canke «uwugabura.»
Canke «uwuja imbere.»
Canke «mwibwirize gutera iteka.»
Canke «ntimunebwe ku bikorwa vyanyu.»
Mu kigiriki havuga ngo «n’aberanda.»
Canke «ntimwishiremwo ivyiyumviro bihanitse.»
Ni ukuvuga gutuma uwo muntu yoroha nk’aho woba ushongesheje ishavu ryiwe.