Ja ku birimwo

Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?

Woshobora gute kuba umugenzi w’Imana?

Inyishu Bibiliya itanga

 Kwiga ivyerekeye Imana no gukora ibiyihimbara birashobora kugufasha kuyimenya. Imana na yo izoca ‘ikwiyegereza.’ (Yakobo 4:8) Bibiliya idukura amazinda ko “itari kure y’umwe wese muri twebwe.”​—Ivyakozwe 17:27.

 Ivyo twokora kugira tube abagenzi b’Imana

 Gusoma Bibiliya

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Icanditswe cose cahumetswe n’Imana.”​—2 Timoteyo 3:16.

  •  Ico bisobanura: Imana ni yo yandikishije Bibiliya. Yarashize ivyiyumviro vyayo mu mitima y’abayanditse. Biciye kuri ico gitabu kidasanzwe, Imana yaraduhishuriye ico ishaka ko dukora. Yaraduhishuriye kandi ukuntu imeze, nko kuba ikundana, ifise ubutungane n’imbabazi.​—Kuvayo 34:6; Gusubira mu vyagezwe 32:4.

  •  Ico wokora: Nusome Bibiliya buri musi. (Yosuwa 1:8) Nuzirikane ku vyo usoma, maze wibaze uti: ‘Ibi binyigishije iki ku vyerekeye Imana?’​—Zaburi 77:12.

     Nk’akarorero, soma Yeremiya 29:11 uce wibaza uti: ‘Imana inyipfuriza iki? Amahoro canke ivyago? Yoba ibika inzika canke inyipfuriza kazoza keza?’

 Kwihweza ivyaremwe

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Kamere [z’Imana] zitaboneka zibonwa neza uhereye kw’iremwa ry’isi, kubera ko zitahurirwa ku bintu vyaremwe.”​—Abaroma 1:20.

  •  Ico bisobanura: Ibintu Imana yaremye biraduhishurira ukuntu imeze nka kurya nyene akantu k’agahingurano gahishura vyinshi ku wagahinguye, n’imashini ihanitse igahishura vyinshi ku wayikoze. Nk’akarorero, ukuntu ubwonko bw’umuntu bumeze n’ibintu bishobora kubujamwo birerekana ubukerebutsi bw’Imana. Inguvu ziri mu zuba no mu nyenyeri na zo zirahishura ububasha bwayo.​—Zaburi 104:24; Yesaya 40:26.

  •  Ico wokora: Nufate akanya wihweze ivyaremwe, ugire n’ico uvyigiyeko. Igihe uvyihweza, niwibaze uti: ‘Ibintu bitanganje tubona mu vyaremwe bihishura iki ku vyerekeye Imana?’ a Ariko ntiwumve, hariho ibintu vyinshi ivyaremwe bitaduhishurira ku vyerekeye Umuremyi wacu. Ni co gituma yaduhaye Bibiliya.

 Gukoresha izina ry’Imana

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Nzomukingira kuko yamenye izina ryanje. Azonyambaza, nanje ndamwishure.”​—Zaburi 91:14, 15.

  •  Ico bisobanura: Imana, iyitwa Yehova, iritwararika cane abazi izina ryayo kandi bakarikoresha babigiranye icubahiro. b (Zaburi 83:18; Malaki 3:16) Imana yaratwidondoye, iratubwira izina ryayo. Yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.”​—Yesaya 42:8.

  •  Ico wokora: Nukoreshe izina Yehova igihe uvuga ibimwerekeye.

 Kuyagira Yehova mw’isengesho

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Yehova ari hafi y’abamwambaza bose.”​—Zaburi 145:18.

  •  Ico bisobanura: Yehova ariyegereza abamusenga babigiranye ukwizera. Gusenga birerekana ko twubaha Imana cane.

  •  Ico wokora: Nusenge Imana kenshi. (1 Abatesalonika 5:17) Nuyibwire ibikuraje ishinga n’ukuntu wiyumva.​—Zaburi 62:8. c

 Kwizera Imana

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Ata kwizera ntibishoboka [guhimbara Imana] rwose.”​—Abaheburayo 11:6.

  •  Ico bisobanura: Dutegerezwa kwizera Imana kugira dushobore kuyiyegereza. Muri Bibiliya, kwizera Imana ntibigarukira gusa ku kwemera ko ibaho. Bisobanura kandi kuyizigira duherejeko kandi tukizigira ivyo yasezeranye hamwe n’ingingo ngenderwako zayo. Kugira tugiranire ubucuti bwiza n’uwundi muntu, bisaba ko tuba tumwizigira.

  •  Ico wokora: Ukwizera nyakuri gushingiye ku bumenyi. (Abaroma 10:17) Ku bw’ivyo, niwige Bibiliya maze ubone ibimenyamenya bikujijura ko ukwiye kwizigira Imana n’amategeko yayo. Ivyabona vya Yehova bohimbarwa no kwigana nawe Bibiliya. d

 Gukora ivyo Imana igomba

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Iki [ni] co ugukunda Imana gusobanura: ni uko twubahiriza amabwirizwa yayo.”​—1 Yohani 5:3.

  •  Ico bisobanura: Yehova ari hafi y’abamukunda bakabigaragaza mu kwihatira kugamburuka amabwirizwa yiwe.

  •  Ico wokora: Igihe usoma Bibiliya nurabe ibintu Imana ikunda n’ivyo yanka. Niwibaze uti: ‘Ni ibiki nohindura kugira mpimbare Umuremyi wanje?’​—1 Abatesalonika 4:1.

 Gushira mu ngiro ivyo Imana ishaka kugira wibonere ko ikwitwararika

  •  Ico Bibiliya ivuga: “Nimwirabire ukuntu [Imana] ari nziza.”​—Zaburi 34:8, The Bible in Basic English.

  •  Ico bisobanura: Imana igusaba ngo wirabire ukuntu imeze neza. Wiboneye ukuntu igukunda kandi ikagushigikira bizotuma wipfuza kuyiyegereza.

  •  Ico wokora: Uko usoma Bibiliya, nushire mu ngiro impanuro Imana iguha maze wibonere ivyiza bivamwo. (Yesaya 48:17, 18) Vyongeye, niwihweze uburorero bw’abantu bashoboye gutsinda ingorane babifashijwemwo n’Imana, bigatuma ubuzima bwabo n’ubw’imiryango yabo burushiriza kumera neza kandi bagahimbarwa vy’ukuri. e

 Ivyiyumviro bitari vyo ku bijanye no kwiyegereza Imana

 Iciyumviro kitari co: Imana irahambaye cane kandi irakomeye cane ku buryo itokwipfuza kutwiyegereza.

 Ukuri: Naho Imana ari Mushoboravyose kandi ikaba ihambaye mu biriho vyose, yipfuza ko tuyiyegereza. Bibiliya irimwo uturorero twinshi tw’abagabo n’abagore babaye abagenzi bayo.​—Ivyakozwe 13:22; Yakobo 2:23.

 Iciyumviro kitari co: Ntidushobora kumenya Imana kubera ko ari amayobera.

 Ukuri: Hariho ibintu vyerekeye Imana bitoroshe gutahura, nko kuba ari impwemu itaboneka. Ariko turashobora kumenya ibiyerekeye. Nkako, Bibiliya ivuga ko kugira turonke ubuzima budahera dukwiye kubanza kuyimenya. (Yohani 17:3) Bibiliya irakoresha imvugo dushobora gutahura igihe ivuga ibijanye n’Umuremyi wacu, gutyo tukamenya ukuntu ameze, umugambi afitiye abantu n’isi hamwe n’ingingo ngenderwako ziwe. (Yesaya 45:18, 19; 1 Timoteyo 2:4) Kandi nk’uko twabivuze, Bibiliya iraduhishurira izina ry’Imana. (Zaburi 83:18) Rero, turashobora kumenya Imana kandi tukayiyegereza.​—Yakobo 4:8.

a Nimba wipfuza kumenya uturorero tw’ingene ubukerebutsi bw’Imana bugaragarira mu bidukikije, raba urukurikirane rw’ibiganiro bivuga ngo “Vyoba vyariyadukije?

b Izina Yehova abantu benshi biyumvira ko risobanura “Atuma bicika ukuntu.” Mu kuduhishurira izina ryayo, ni nk’aho Imana itubwira iti: ‘Nzotuma ivyo nipfuza n’imigambi yanje biranguka. Nama nshitsa iryo mvumereye.’

c Raba ikiganiro kivuga ngo “Kubera iki nosenga? Imana yoba izonyishura?

d Wipfuza amakuru yiyongereye, nurabe akavidewo Ingene dufasha abantu kwiga Bibiliya

e Raba ibiganiro bivuga ngo “Bibiliya irahindura ubuzima.”