Yesaya 48:1-22

  • Isirayeli ikosorwa ikongera igatyororwa (1-11)

  • Yehova azohagurukira Babiloni (12-16a)

  • Imana itwigisha ibitugirira akamaro (16b-19)

  • «Nimuve muri Babiloni!» (20-22)

48  Nimwumvirize ibi, yemwe abakomoka kuri Yakobo,mwebwe mwiyitirira izina rya Isirayeli+mukaba kandi mwavuye mu mazi ya Yuda*,mwebwe murahira izina rya Yehova+mukambaza Imana ya Isirayeli,naho mutabigira mu kuri no mu bugororotsi+.   Kuko biyita abo mu gisagara ceranda+,bakarondera ko Imana ya Isirayeli ibafasha+,imwe yitwa Yehova Nyeningabo.   «Kuva kera narabamenyesheje ivyo muri kahise*. Vyavuye mu kanwa kanje,ndabimenyekanisha+. Bukwi na bukwi naragize ico nkoze, biraheza biraba+.   Kubera ko nari nzi yuko uri intagondwa,yuko izosi ryawe ari umurya w’icuma, kandi ko uruhanga rwawe ari umujumpu+,   nabikubwiye kuva kera. Imbere y’uko biba, narabikumenyesheje,kugira ntuvuge ngo: “Ikigirwamana canje ni co cabikoze,kandi igishusho canje kibaje n’igishusho canje gikozwe mu cuma* ni vyo vyategetse ko biba.”   Vyose waravyumvise wongera urabibona. None ntiwobivuga+? Guhera ubu ngira ndakumenyeshe ibintu bishasha+vyagumye ari ibanga kandi utamenye.   Biriko biremwa ubu, si ivya kera.Ni ibintu utari bwigere wumva gushika uyu musi,kugira ntuvuge ngo: “Erega nari ndabizi.”   Eka nta co wumvise+, nta n’ico wamenye,kandi mu bihe vya kera ntiwateze amatwi. Kuko nzi yuko uhemuka cane+,kandi ko kuva ukivuka wiswe umucumuzi+.   Mugabo nzotsinda ishavu kubera izina ryanje+.Nzokwigumya kubera ishemezo ryanje,sindakuzimanganye+. 10  Raba! Naragutyoroye, atari nka kurya kw’ifeza+. Naragusuzumye* mu kugucisha mw’ifuru y’amarushwa+. 11  Nzogira ico nkoze ku bwanje, emwe ku bwanje+.Mbega noreka ngo izina ryanje rihumanywe+? Nta wundi n’umwe mpa ubuninahazwa bwanje*. 12  Nyumviriza, ewe Yakobo, nawe Isirayeli uwo nahamagaye. Ndi wa wundi nyene+. Ndi uwa mbere kandi ndi uwa nyuma+. 13  Ukuboko kwanje ni kwo kwashinze umushinge w’isi+,ukuryo kwanje gusanza ijuru+. Igihe ndabihamagaye, bihagurukira icarimwe. 14  Nimukoranire hamwe mwese mwumvirize. Ni nde muri bo yamenyekanishije ibi bintu? Uwo jewe Yehova nakunze+ azoshitsa kuri Babiloni ibimpimbara+,kandi ukuboko kwiwe kuzorwanya Abakaludaya+. 15  Jewe ubwanje naravuze, kandi naramuhamagaye+. Naramuzanye, kandi azororanirwa mu vyo azokora+. 16  Nimwegere hafi yanje, mwumve ibi. Kuva mu ntango sinavugiye mu kinyegero+. Kuva biba ni ho nari ndi.» Ubu rero Umukama Segaba Yehova arantumye, atuma n’impwemu* yiwe. 17  Yehova Umucunguzi wawe, wa Mweranda wa Isirayeli+, avuze ati: «Jewe Yehova ndi Imana yawe,Umwe akwigisha ibikugirira akamaro*+,akakuyobora mu nzira ukwiye gucamwo+. 18  Ese iyaba wokwumviriza amabwirizwa yanje+! Amahoro yawe yoca amera nk’uruzi+,n’ubugororotsi bwawe bukamera nk’imipfunda y’ikiyaga+. 19  Uruvyaro* rwawe rwogwira nk’umusenyi,abagukomokako na bo bakagwira nk’udutete twawo+. Izina ryabo ntiryokwigera rirandurwa canke ngo rizimanganywe imbere yanje.» 20  Nimuve muri Babiloni+! Nimuhunge Abakaludaya! Nimubimenyekanishe n’akamo k’umunezero, mubitangaze+. Nimuvyamamaze gushika ku mpera z’isi+. Nimuvuge muti: «Yehova yacunguye umusavyi wiwe Yakobo+. 21  Ntibanyotewe igihe yabacisha mu bibanza vyatikijwe+. Yatumye amazi atemba avuye mu gitandara.Yasatuye igitandara amazi ararindimuka+ 22  Yehova avuze ati: «Nta mahoro ku babisha+

Utujambo tw'epfo

Hashobora kandi kuvugwa ngo «mwakomotse kuri Yuda.»
Mu giheburayo havuga ngo «ivya mbere.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «narakugejeje.» Hashobora kandi kuvugwa ngo «naragutoye.»
Canke «nta wundi n’umwe dusangira ubuninahazwa.»
Canke «andungikana impwemu.»
Canke «akwigisha ku neza yawe.»
Mu giheburayo havuga ngo «urubuto.»