Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

2 Timoteyo 1:7: “Imana [ntiya]duhaye umutima upfana isoni n’ubwoba”

2 Timoteyo 1:7: “Imana [ntiya]duhaye umutima upfana isoni n’ubwoba”

 “Kuko Imana itaduhaye impwemu y’ubwoba, ahubwo iy’ububasha n’urukundo n’ukurorana kw’umuzirikanyi.”​—2 Timoteyo 1:7, Bibiliya y’isi nshasha.

 “Kuko Imana itaduhaye umutima upfana isoni n’ubwoba, ariko yaduhaye umutima w’ubutwari, w’urukundo n’ubwirinzi.”​—2 Timoteyo 1:7, Ubwuzure bushasha.

Ico muri 2 Timoteyo 1:7 hasobanura

 Imana irashobora gutuma umuntu agira umutima rugabo wo gukora ikibereye. Imana ntiyipfuza ko hagira umuntu n’umwe arengerwa n’ubwoba bushobora kumubuza gukora ibiyihimbara.

 Reka turimbure ibintu bitatu Imana yaduhaye bivugwa muri uyu murongo bishobora kudufasha gutsinda ubwoba.

 “Ububasha.” Abakirisu baragize umutima rugabo wo gukorera Imana n’igihe baba bahanganye n’abansi benshi be n’ibintu biteye akaga. Ntibagize ubwoba ngo batane n’akabando. (2 Abakorinto 11:23-27) Ivyo babishitseko gute? Intumwa Paulo yabivuze muri aya majambo: “Muri vyose, ndonka inkomezi ndabikesheje umwe ampa ububasha.” (Abafilipi 4:13) Imana iraronsa abasavyi bayo “ububasha burengeye ubusanzwe” kugira batsinde ikigeragezo ico ari co cose.​—2 Abakorinto 4:7.

 “Urukundo.” Kubera ko abakirisu bakunda cane Imana, bituma bagira umutima rugabo wo kuburanira ikibereye. Muri ubwo buryo nyene, urukundo umukirisu akunda abandi rutuma yitwararika ivyo bakeneye kuruta ivyiwe, mbere n’igihe aba ariko ararwanywa canke ari mu kaga.​—Yohani 13:34; 15:13.

 “Ukurorana kw’umuzirikanyi.” Muri Bibiliya, ukurorana kw’umuzirikanyi kwerekeza ahanini ku bubasha umukirisu afise bwo gufata ingingo yisunze Bibiliya. Umuntu afise ukurorana kw’umuzirikanyi arashoboye kuguma abona ibintu mu buryo bwiza no gukora ibitegereka n’igihe aba ari mu ngorane. Ingingo afata ziragaragaza ko atahura ukuntu Imana ibona ibintu, akamenya yuko ubucuti afitaniye n’Imana ari bwo buhambaye kuruta uko abandi babona ibintu.

Amakikuro yo muri 2 Timoteyo 1:7

 Igitabo ca kabiri ca Timoteyo canditswe n’intumwa Paulo. Ni ikete yandikiye mugenziwe akaba n’umukozi bakorana Timoteyo. Muri iri kete, intumwa Paulo yararemesheje umusore Timoteyo kubandanya akora cane mu gikorwa co kwamamaza. (2 Timoteyo 1:1, 2) Timoteyo ashobora kuba yari afise amasoni, bikaba bishobora kuba vyaramubuza gukora ivyo ashoboye vyose mw’ishengero rya gikirisu. (1 Timoteyo 4:12) Ariko Paulo yaribukije Timoteyo yuko yari yararonse ingabirano, rikaba ryari ibanga ridasanzwe yajejwe mw’ishengero. Yarahanuye Timoteyo kudatinya gukoresha ubukuru yari afise bwo kuba umukurambere mw’ishengero, igihe yamamaza inkuru nziza n’igihe yihanganira ibigeragezo kugira aburanire ukwizera kwiwe.​—2 Timoteyo 1:6-8.

 Naho ayo majambo yandikiwe Timoteyo, arakura amazinda abo bose bipfuza gukorera Imana muri iki gihe yuko izobafasha kubigira naho boba bari mu ngorane.