Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova bagira gute amaziko?

Ivyabona vya Yehova bagira gute amaziko?

 Tugira amaziko mu buryo buhuye n’inyigisho zo muri Bibiliya. Zimwezimwe muri zo ni izi:

  •   Ni ibisanzwe ko umuntu atuntura igihe abuze uwiwe. Abigishwa ba Yezu baraririye ababo bari bapfuye. (Yohani 11:33-35, 38; Ivyakozwe 8:2; 9:39) Ntitubona ko amaziko ari igihe c’ukunezerwa. (Umusiguzi 3:1, 4; 7:1-4) Ahubwo, tubona ko ari igihe co kugirira abandi impuhwe.—Abaroma 12:15.

  •   Abapfuye nta co bazi. Tutaravye ubwoko bwacu canke imico kama yacu, turirinda imigenzo canke imigirwa idashingiye kuri Bibiliya yerekana ko abapfuye hari ico bazi kandi ko bashobora kugira ico bakoreye abazima. (Umusiguzi 9:5, 6, 10) Muri iyo migenzo harimwo kugandara, kuganduka, guca ku mazi, kuva ku rupfu, guterera utuvu mu mva imbere y’uko bapfuka imva n’ibindi. Turirinda iyo migenzo n’imigirwa yose kugira tugamburuke iri tegeko ryo muri Bibiliya rigira riti: “Mwitandukanye na bo, . . . kandi mureke gukora ku gihumanye.”—2 Abakorinto 6:17.

  •   Hariho icizigiro ku bapfuye. Bibiliya yigisha ko hazoba izuka kandi ko hazogera igihe urupfu rugakurwaho. (Ivyakozwe 24:15; Ivyahishuriwe 21:4) Ico cizigiro kiraturinda kugira agahinda gakomeye, nk’uko cafashije abakirisu bo mu ntango.—1 Abatesalonika 4:13.

  •   Bibiliya iduhanura kwifata ruto. (Imigani 11:2) Tubona ko igihe c’amaziko atari akaryo k’“uguhaya” ivyo umuntu afise. (1 Yohani 2:16) Ntitwigera tugira ibirori bizimvye vy’amaziko kugira gusa tunezerwe canke kugira ngo dutangaze abantu mu gukoresha amasandugu n’impuzu bizimvye cane.

  •   Ntiduhata abandi ngo bemere ivyo twemera ku bijanye n’amaziko. Twisunga iki ciyumviro Bibiliya itanga kigira giti: “Umwe wese muri twebwe azokwibarizwa n’Imana ivyiwe.” (Abaroma 14:12) Naho biri ukwo, turonse akaryo ko gusigurira abandi ivyo twemera tubasigurira ‘tubigiranye ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.’—1 Petero 3:15.

Amaziko y’Icabona agenda gute?

 Ikibanza: Nimba umuryango uhisemwo kugira ibirori vy’amaziko, urashobora kubigirira aho ari ho hose, nko ku Ngoro y’Ubwami, mu nzu itegurirwamwo abaja gufubwa, mu nzu y’umuntu, canke kw’itongo rw’abapfuye.

 Ibikorwa: Harashikirizwa ijambo ryo kuremesha umuryango wabuze, mu gusigura ico Bibiliya ivuga ku vyerekeye urupfu be n’icizigiro c’izuka. (Yohani 11:25; Abaroma 5:12; 2 Petero 3:13) Muri iryo jambo haravugwa ibintu vyiza vyaranze ubuzima bw’uwapfuye be n’ingene yasize akarorero keza mu gukorera Imana.—2 Samweli 1:17-27.

 Hararirimbwa indirimbo zishingiye kuri Bibiliya. (Abakolosayi 3:16) Ivyo bikorwa bisozerwa n’isengesho riremesha.—Abafilipi 4:6, 7.

 Gusaba amahera canke gutoza imperezwa: Nta mahera dusaba abo dusangiye ukwemera ku bw’ibikorwa bijanye n’ugusenga, nk’ibijanye n’amaziko. N’ikindi kandi, nta mperezwa dutoza ku makoraniro yacu.—Matayo 10:8.

 Abemerewe kuza: N’abatari Ivyabona baremererwa kuza kwumviriza insiguro ijanye n’amaziko ishikirizwa ku Ngoro y’Ubwami. Nk’uko bigenda no ku yandi makoraniro tugira, ibikorwa vy’amaziko na vyo nyene vyitabwa n’uwo ari we wese.

Ivyabona boba none bitaba amaziko y’abo badasangiye idini?

 Icabona wese ni we yifatira ingingo afatiye ku vyo yize muri Bibiliya. (1 Timoteyo 1:19) Naho biri ukwo, ntitugira uruhara mu birori vy’idini bidashingiye kuri Bibiliya.—2 Abakorinto 6:14-17.