Ja ku birimwo

Inkuru nziza ishikanwa iyo catawe

Inkuru nziza ishikanwa iyo catawe

Mu 2014, Inama Nyobozi y’Ivyabona vya Yehova yaratanguje umugambi wo kwamamaza inkuru nziza mu turere turi kure cane mu buraruko bw’Uburaya na Amerika. (Ivyakozwe 1:8) Mu ntango, uwo mugambi wibanda canecane ku turere tumwetumwe two muri Alaska muri Amerika, Lapland muri Finlande, no mu turere twa Nunavut na Northewest muri Kanada.

Imbere y’aho, Ivyabona vya Yehova baramaze imyaka itari mike baja kuvuga ubutumwa muri utwo turere. Ariko rero, bamarayo umwanya muto, kandi ahinini bihatira gutanga ibitabu bishingiye kuri Bibiliya.

Ariko muri uwo mugambi mushasha, amashami y’Ivyabona vya Yehova ahagarikiye igikorwa muri utwo turere, ararungikayo abamamaji b’abanyamwete (abatsimvyi) kugira ngo bamareyo n’imiburiburi amezi atatu. Habonetse abantu bashima kwiga Bibiliya, abo bamamaji barashobora kumarayo amezi yiyongereye, mbere bagatunganya n’amakoraniro.

Utwo turere wumva, usanga dufise ingorane twisangije. Mu karere ka Barrow muri Alaska: Harungitsweyo abatsimvyi babiri bava muri Amerika, umwe muri Kaliforniya uwundi na we muri Jeworojiya. Bashitseyo mu rushana, mu mbeho y’igikonyozi, ubukanye bukaba bwari dogere 38 musi y’ubusa (-38°C)! Naho ari ukwo, mu mezi make gusa, bari bamaze kugendera imihana nka yose yo muri ako karere, batangura kwigana Bibiliya n’abantu bane, muri bo hakaba harimwo umusore yitwa John. Uwo musore be n’umukobwa bakundana biga mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? kandi uwo musore arabwira ivyo yiga abagenzi biwe hamwe n’abo bakorana. Vyongeye, arasomera muri telefone yiwe icanditswe c’umusi akoresheje ya programe yitwa JW Library.

Mu karere ka Nunavut muri Kanada: Kubera ko ata barabara rishika mu gace kitwa Rankin, abatsimvyi babiri barungitsweyo bagiye n’indege. Aho bashikiyeyo, baratanguye kwigisha Bibiliya abantu batari bake. Umugabo umwe, ahejeje kuraba akavidewo kerekana Ingene tugira amakoraniro ajanye no gusenga, yaciye abaza igihe tuzokwubakira Ingoro y’Ubwami muri ako karere. Yongeyeko ati: “Nimwayubaka nkiri ino, nzoza muri ayo makoraniro.”

Mu karere ka Savukoski muri Finlande: Abatsimvyi barungitsweyo bavuze bati: “Imbeho ihari irindwa umubi kandi hanze huzuye ibibarafu.” Muri ako karere, impongo ziriyo ziruta incuro cumi abantu babayo. Nya batsimvyi bavuga ko bashitseyo mu gihe ciza. Uti kubera iki? Basigura bati: “Twarashoboye gukorera muri ako karere turakanoganza. Amabarabara aja mu bigwati no mu turere twa kure, baguma bayasibura bakayakuramwo ibibarafu. Imbeho na yo yaratumye abantu bamara umwanya munini muhira iwabo.”

Akigoro tugira mu kubwira inkuru nziza abantu bo muri utwo turere ntikabaye impfagusa. Inyuma y’aho abatsimvyi babiri bagendeye umukuru w’igisagara kimwe co muri Alaska, nya mutegetsi yarashize kuri internet amakuru meza yerekeye ikiyago yagiranye n’abo batsimvyi, yongera ashiraho n’ifoto y’agapapuro k’inkuru nziza kavuga ngo Ubwami bw’Imana ni iki?

Abatsimvyi babiri barungitswe i Haines muri Alaska, barakiriye abantu umunani baje ku makoraniro yabereye mu nyubakwa imwe y’ububiko bw’ibitabu. Hari ikinyamakuru co ng’aho cavuze ko muri ico gisagara hari abagabo babiri bari bavuye muri Texas no muri Karolina ya Ruguru, bariko basanga abantu ku mihana babigisha Bibiliya. Ico kinyamakuru casozereye giti: “Ukeneye ayandi makuru, ja kuri jw.org.”