Ja ku birimwo

Isekeza ryavuyemwo ivyiza vyinshi mu karere ka Laponie

Isekeza ryavuyemwo ivyiza vyinshi mu karere ka Laponie

Mu karere kanini gasangiwe n’igihugu ca Finlande, Norveje na Suwede haba abantu bo mu bwoko bw’Abasami. Ni abasangwabutaka bifitiye imico yabo, imigenzo yabo n’indimi zabo. Ivyabona vya Yehova baheruka gukora ibintu bibiri kugira bashobore kubwira Abasami ubutumwa bwo muri Bibiliya.

Ica mbere: Mu 2015 Ivyabona baratanguye guhindura amavidewo n’ibitabu bishingiye kuri Bibiliya mu rurimi rw’igisami. * Ica kabiri: Ivyabona vya Yehova baragize amasekeza abiri adasanzwe mu 2016 no mu 2017. Baragiye mu karere ka Laponie kuzuyemwo abungere b’ibitungwa vyo mu bwoko bw’impongo kugira bahe Abasami ivyo bitabu bari bahinduye.

“Igikorwa gihambaye kandi c’ingirakamaro”

Mw’isekeza ridasanzwe ryagizwe muri Rusama 2017, Ivyabona barenga 200 bavuye muri Finlande, muri Norveje no muri Suwede baragiye mu tugwati dukwiragiye mu karere kanini ka Laponie. Mu kwitegurira iryo sekeza, bamwe muri bo barize amajambo y’igisami, ivyo bikaba vyarakoze ku mutima Abasami. Uwitwa Denis, akaba yakoreye mu kagwati ka Karigasniemi, avuga ati: “Abasami barashimye cane ukuntu twigoye tukagerageza kuvuga ururimi rwabo kandi barabonye ko tubitwararika vy’ukuri.”

Kubera ko Abasami bakunda amashamba n’ibikoko, barakozwe ku mutima cane n’umuhango Bibiliya itanga w’uko isi izohinduka iparadizo. (Zaburi 37:11) Nk’akarorero, hari umugore umwe w’Umusami yatanguye kwiga Bibiliya mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Igihe yamenya umugambi Imana ifitiye abantu, yaribajije igituma umupasitori wabo atari bwigere amubwira ko isi izohinduka iparadizo.

Benshi barashimye kubona Ivyabona barabagendeye. Hari umudandaza yakeje Ivyabona babiri yari amaze igihe yitegereza. Yababwiye ko bariko bakora “igikorwa gihambaye kandi c’ingirakamaro,” aca arabatumira ngo baze kw’ibutike yiwe batore ibifungurwa vyose bakeneye. Uwo mudandaza yaranse ashimitse ko bamuriha.

Muri iryo sekeza, abo Basami baravye amavidewo nka 180, barakira n’ibitabu birenga 500. Akenshi barasaba ibitabu vyose biboneka mu rurimi rwabo. Vyongeye, Abasami 14 baratanguye kwiga Bibiliya.

“Vyahinduwe n’abahinga”

Abasami benshi basomye ibitabu vyacu barashimye ukuntu bihinduye neza cane. Uwitwa Nilla Tapiola ni umwigisha akaba ari no mu Nama nshingamateka y’Abasami. Yavuze ati: “Ibitabu vyanyu bihinduye neza cane.” Yasiguye ko ivyo bitabu “vyoroshe gusoma be n’uko vyanditse neza.” Umugabo umwe w’Umusami aba kw’isonga ry’uburaruko bwa Finlande yavuze ati: “Biragaragara ko vyahinduwe n’abahinga.”

Mu kagwati ka Karigasniemi ko ku rubibe rwa Finlande na Norveje, Ivyabona baraganiriye n’umwarimukazi w’Umusami icigwa ca mbere mu gatabu Inkuru nziza iva ku Mana. Abonye ukuntu ako gatabu gahinduye neza, yaciye asaba ivyo Vyabona ko yoza aragakoresha kw’ishure mu kwigisha igisami.

Amavidewo menshi hamwe n’udupapuro tw’inkuru nziza be n’agatabu kamwe biramaze guhindurwa mu gisami. Urubuga rwa jw.org ruraboneka mu gisami kuva ku wa 29 Ruhuhuma 2016. Buri kwezi, abantu bavuga igisami baraja kuri urwo rubuga incuro zirenga 400, kandi baravoma ibitabu, amavidewo n’ivyo kwumviriza birenga 350.

Abo Basami hamwe n’Ivyabona babagendeye bose barahungukiye. Henrick na Hilja-Maria, bakaba bakoreye mu kagwati ka Utsjoki, bavuze ko Abasami “biboneye ko Bibiliya ishobora kubagirira akamaro mu buryo butandukanye.” Lauri na Inga, na bo nyene bakaba bari mu kagwati ka Utsjoki, bongeyeko bati: “Iri sekeza ryaratwibukije ko Imana itagira nkunzi. Turahimbarwa no kwereka abantu bo muri utu turere twa kure urukundo Imana ibakunda.”

^ ing. 3 Igisami kiri ubwoko bwinshi. Igitabu kimwe (Encyclopædia Britannica) kivuga giti: “Ururimi ruvugwa na benshi ni igisami co mu buraruko. Ruvugwa n’Abasami nka babiri kuri batatu.” Ivyabona vya Yehova bahindura ibitabu vyabo muri ico gisami co mu buraruko. Kugira tworoshe ibintu, muri iki kiganiro tuza gukoresha ijambo “igisami” mu kwerekeza kuri urwo rurimi ruvugwa na benshi.