Abalewi 19:1-37

  • Amategeko atandukanye ajanye n’ubweranda (1-37)

    • Amategeko ajanye n’iyimbura (9, 10)

    • Kwubaha abatumva n’abatabona (14)

    • Kwambika ibara abandi (16)

    • Ntuze ubike inzigo (18)

    • Kirazira gupfumura canke kuvugana n’abapfuye (26, 31)

    • Kirazira kwicapako ibintu ku mubiri (28)

    • Kwubaha abageze mu zabukuru (32)

    • Gufata neza abanyamahanga (33, 34)

19  Yehova abandanya kubarira Musa ati:  «Bwira ishengero ryose ry’Abisirayeli uti: “Mukwiye kuba beranda kuko jewe Yehova Imana yanyu ndi mweranda+.  Umwe wese akwiye kwubaha* nyina wiwe na se wiwe+, kandi mukwiye kwubahiriza amasabato yanje+. Ndi Yehova Imana yanyu.  Ntimuze mukurikire imana ata co zimaze+ canke ngo mwihingurire imana zikozwe mu cuma*+. Ndi Yehova Imana yanyu.  Nimwashikanira Yehova ikimazi co gusangira+, mukwiye kugishikana ku buryo abashima+.  Gikwiye kuribwa ku musi nyene mwagitangiyeko no ku musi ukurikira. Hagize ibishika ku musi ugira gatatu bikwiye guturirwa+.  Nihagira uwurya kuri ico kimazi ku musi ugira gatatu, kizoca kiba ikintu gisesemye kandi Imana ntizocemera.  Uwukiriyeko azobihanirwa, kuko azoba ahumanije ikintu ceranda ca Yehova. Uwo muntu abwirizwa kwicwa*.  Igihe muzoba muriko murimbura mu gihugu canyu, ntimuze mumarire ibiri ku mpera y’umurima vyose, kandi ntimuze mutoragure* ibizoba vyakorotse*+. 10  Vyongeye, ntimuze mwegeranye ivyasigaye mu mirima yanyu y’imizabibu canke ngo mutoragure inzabibu zakorotse mu mirima yanyu. Mukwiye kubisigariza umukene*+ n’umunyamahanga aba muri mwebwe. Ndi Yehova Imana yanyu. 11  Ntimukibe+, ntimugahendane+, kandi ntihaze hagire uwugunga mugenziwe. 12  Ntimuze murahire ibinyoma mukoresheje izina ryanje+, kuko mwoba mucafuje izina ry’Imana yanyu. Ndi Yehova. 13  Ntukazurume mugenzawe+ kandi ntuze umusahure utwiwe+. Ntuze urarane impembo y’umukozi w’umucangero gushika mu gatondo+. 14  Ntuze utuke* umuntu afise ubumuga bwo kutumva canke ngo ushire igitsitaza imbere y’impumyi+. Ukwiye gutinya Imana yawe+. Ndi Yehova. 15  Ntimuze muce urubanza rwa ngondagonde. Ntimuze mugirire nkunzi umukene canke ngo muhengamire ku mutunzi+. Mukwiye gucira urubanza rugororotse bagenzi banyu. 16  Ntuze ukwiragire mu bantu ugenzwa no kwambika ibara abandi+. Ntuze urondere gucisha agatwe mugenzawe*+. Ndi Yehova. 17  Ntukankire mwenewanyu mu mutima wawe+. Utegerezwa gukosora mugenzawe+ kugira ntusangire igicumuro na we. 18  Ntuze wihore+ canke ngo ubikire inzigo abantu bo mw’ihanga ryawe. Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda+. Ndi Yehova. 19  Mukwiye gukurikiza ivyagezwe vyanje: ntimuze mubangurire ibitungwa bibiri bidasangiye ubwoko. Ntimukwiye guteragira mu murima wanyu imbuto zibiri z’ubwoko butandukanye+, kandi ntimuze mwambare impuzu ikozwe mu nyuzi z’ubwoko bubiri busobekeranye+. 20  Umugabo niyaryamana n’umusukukazi agenewe uwundi mugabo, ariko akaba atari bwacungurwe canke ngo ahabwe umwidegemvyo, bose bakwiye guhanwa. Ntibaze bicwe kuko uwo musukukazi atari bwahabwe umwidegemvyo. 21  Uwo mugabo akwiye gushikanira Yehova impfizi y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha+, ayizane ku bwinjiriro bw’ihema ry’ibonaniro. 22  Umuherezi azoca amutangira impongano* imbere ya Yehova akoresheje iyo mpfizi y’intama y’ishikanwa ryo kwagirwa n’icaha, kandi azobabarirwa igicumuro yakoze. 23  Nimwinjira mu gihugu ngira ndabahe hanyuma mugatera ibiti vy’ivyamwa, mukwiye gufata ko ivyo vyamwa bihumanye kandi bitemewe kuribwa. Bizomara imyaka itatu ari ikizira kuri mwebwe. Ntimukwiye kubirya. 24  Ariko ku mwaka ugira kane, ivyamwa vyose bizoba ari vyeranda kandi kizoba ari igihe co kunezerwa imbere ya Yehova+. 25  Ku mwaka ugira gatanu muzoshobora kubirya, vyiyongere ku mwimbu wanyu. Ndi Yehova Imana yanyu. 26  Ntimuze murye ikintu na kimwe kirimwo amaraso+. Ntimuze muragure canke ngo mukore ivy’amageza+. 27  Ntimuze mwimoshe imishatsi yo mu misaya, canke ngo mukatagure udusunwa tw’ubwanwa bwanyu+. 28  Ntimuze mwikebagure kubera umuntu yapfuye+, kandi ntimuze mwicapeko ibintu* ku mibiri yanyu. Ndi Yehova. 29  Ntuzotetereze umukobwa wawe mu kumugira umumaraya+. Ahandiho igihugu cohava gihumana kubera ubumaraya maze kikuzuramwo ingeso mbi+. 30  Mutegerezwa kwubahiriza amasabato yanje+, kandi mutegerezwa kwubaha* ahantu hanje heranda. Ndi Yehova. 31  Ntimuze mwiture abakora ivyo guhanuza abapfuye+, kandi ntimuze musiguze ba rumenyi+ kuko bobahumanya. Ndi Yehova Imana yanyu. 32  Ukwiye guhaguruka imbere y’umuntu w’imvi+, kandi ukwiye kwubaha umutama+. Utegerezwa gutinya Imana yawe+. Ndi Yehova. 33  Ntimuze mufate nabi umunyamahanga aba mu gihugu canyu+. 34  Umunyamahanga aba muri mwebwe mukwiye kumufata nk’imvukira+. Mukwiye kumukunda nk’uko mwikunda, kuko namwe mwabaye ba kavamahanga mu Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu. 35  Ntimuze mukoreshe ubusuma mu gupima uburebure, uburemere canke ibiseseka+. 36  Mukwiye gukoresha iminzane itabesha, amabuye y’umunzane akwiye n’ingero* zikwiye+. Ndi Yehova Imana yanyu yabakuye mu Misiri. 37  Mutegerezwa gukurikiza ivyagezwe vyanje vyose n’ingingo zose nashinze, kandi mukavyisunga+. Ndi Yehova.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «gutinya.»
Canke «mu cuma bashongesheje.»
Canke «abwirizwa kurandurwa mu bantu b’iwabo.»
Canke «mutorore», «muhumbe.» Raba Insiguro y’amajambo (Gutorora).
Canke «vyasigaye.»
Canke «umuntu yigorewe.»
Canke «ntuze uvume.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «ntukwiye kwiraramira kandi ubuzima bwa mugenzawe buri mu kaga.»
Canke «tatuwaje.»
Canke «gutinya.»
Mu giheburayo havuga ngo «efa itabesha na hini itabesha.» Raba Inyongera ya B14.