Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Ivyakozwe n’intumwa

Ibigabane

Ibirimwo muri make

  • 1

    • Kuri Tewofile (1-5)

    • Ivyabona gushika ku mpera z’isi (6-8)

    • Yezu aduga mw’ijuru (9-11)

    • Abigishwa bakoranira hamwe bunze ubumwe (12-14)

    • Matiyasi atorwa ngo asubirire Yuda (15-26)

  • 2

    • Impwemu isukwa ku bigishwa kuri Pentekoti (1-13)

    • Ijambo Petero yashikirije (14-36)

    • Ingene amasinzi yakiriye ivyo Petero yashikirije (37-41)

      • Habatizwa abantu 3.000 (41)

    • Ingene abakirisu bafatana mu nda (42-47)

  • 3

    • Petero akiza umusezi amugaye (1-10)

    • Petero yigishiriza kw’ibaraza rya Salomo (11-26)

      • «Ibintu vyose bisubizwa mu buryo» (21)

      • Umuhanuzi ameze nka Musa (22)

  • 4

    • Petero na Yohani bafatwa (1-4)

      • Igitigiri c’abagabo bizeye kigera ku 5.000 (4)

    • Petero na Yohani barengutswa imbere y’Inama nkuru (5-22)

      • «Ntidushobora kureka kuvuga» (20)

    • Basenga basaba ubutinyutsi (23-31)

    • Abigishwa basangira ivyo batunze (32-37)

  • 5

    • Ananiya na Safira (1-11)

    • Intumwa zikora ibitangaza vyinshi (12-16)

    • Bapfungwa maze bakarekurwa (17-21a)

    • Basubira kurengutswa imbere y’Inama nkuru (21b-32)

      • «Kugamburukira Imana aho kugamburukira abantu» (29)

    • Impanuro ya Gamaliyeli (33-40)

    • Bamenyesha inkuru nziza inzu ku nzu (41, 42)

  • 6

    • Hatorwa abagabo indwi ngo bafashe (1-7)

    • Sitefano yagirizwa gutuka Imana (8-15)

  • 7

    • Ijambo Sitefano yashikirije imbere y’Inama nkuru (1-53)

      • Ikiringo ca ba sekuruza b’imiryango (2-16)

      • Uburongozi bwa Musa. Isirayeli isenga ibigirwamana (17-43)

      • Imana ntiba mu nsengero zubatswe n’abantu (44-50)

    • Sitefano aterwa amabuye (54-60)

  • 8

    • Sawuli ahama abakirisu (1-3)

    • Filipo aroranirwa i Samariya (4-13)

    • Petero na Yohani barungikwa i Samariya (14-17)

    • Simoni agerageza kugura impwemu nyeranda (18-25)

    • Inkone y’Umunyetiyopiya (26-40)

  • 9

    • Sawuli aja i Damasiko (1-9)

    • Ananiya arungikwa gufasha Sawuli (10-19a)

    • Sawuli amenyesha ivyerekeye Yezu i Damasiko (19b-25)

    • Sawuli aja i Yeruzalemu (26-31)

    • Petero akiza Eneya (32-35)

    • Doruka azurwa (36-43)

  • 10

    • Koruneliyo yerekwa (1-8)

    • Petero yerekwa ibikoko bihumanuwe (9-16)

    • Petero aja kwa Koruneliyo (17-33)

    • Petero abwira inkuru nziza abanyamahanga (34-43)

      • «Imana ntigira nkunzi» (34, 35)

    • Abanyamahanga baronka impwemu maze bakabatizwa (44-48)

  • 11

    • Petero abwira intumwa ivyabaye (1-18)

    • Barunaba na Sawuli i Antiyokiya muri Siriya (19-26)

      • Abigishwa batangura kwitwa abakirisu (26)

    • Agabo amenyesha ko hazotera inzara (27-30)

  • 12

    • Yakobo yicwa. Petero apfungwa (1-5)

    • Petero abohorwa ku gitangaro (6-19)

    • Herodi akubitwa n’umumarayika (20-25)

  • 13

    • Barunaba na Sawuli barungikwa kuba abamisiyonari (1-3)

    • Igikorwa bakoreye i Shipure (4-12)

    • Ijambo Pawulo yavugiye i Antiyokiya muri Pisidiya (13-41)

    • Itegeko ryo kuja kubwira amahanga (42-52)

  • 14

    • Haba iyongerekana n’uruhamo muri Ikoniyo (1-7)

    • Pawulo na Barunaba bafatwa nk’imana i Lusitira (8-18)

    • Pawulo aterwa amabuye, akarokoka (19, 20)

    • Bakomeza amashengero (21-23)

    • Basubira i Antiyokiya muri Siriya (24-28)

  • 15

    • I Antiyokiya havyuka ibihari bijanye no kugenyerwa (1, 2)

    • Ico kibazo kijanwa i Yeruzalemu (3-5)

    • Abakurambere n’intumwa bakoranira hamwe (6-21)

    • Ikete rivuye ku nama nyobozi (22-29)

    • Amashengero aremeshwa n’ikete yandikiwe (30-35)

    • Pawulo na Barunaba batandukana (36-41)

  • 16

    • Pawulo atora Timoteyo (1-5)

    • Pawulo yerekwa Umunyamasedwane (6-10)

    • I Filipi, Lidiya aba umukirisu (11-15)

    • Pawulo na Silasi bapfungwa (16-24)

    • Umurinzi w’ibohero n’abo mu rugo rwiwe babatizwa (25-34)

    • Pawulo asaba ko abamurenganije basaba imbabazi (35-40)

  • 17

    • Pawulo na Silasi i Tesalonika (1-9)

    • Pawulo na Silasi i Beroya (10-15)

    • Pawulo i Atene (16-22a)

    • Pawulo ashikiriza ijambo muri Areyopago (22b-34)

  • 18

    • Igikorwa Pawulo yakoreye i Korinto (1-17)

    • Asubira i Antiyokiya muri Siriya (18-22)

    • Pawulo aja i Galatiya n’i Firijiya (23)

    • Apolo afashwa (24-28)

  • 19

    • Pawulo i Efeso. Abigishwa basubira kubatizwa (1-7)

    • Pawulo yigisha (8-10)

    • Araroranirwa naho hariyo amadayimoni (11-20)

    • Haduka akaguma i Efeso (21-41)

  • 20

    • Pawulo i Masedwane no mu Bugiriki (1-6)

    • Eyutiko azurwa i Tirowa (7-12)

    • Pawulo ava i Tirowa aja i Mileto (13-16)

    • Pawulo abonana n’abakurambere b’i Efeso (17-38)

      • Yarigisha inzu ku nzu (20)

      • «Gutanga bizana umunezero» (35)

  • 21

    • Pawulo aja i Yeruzalemu (1-14)

    • Ashika i Yeruzalemu (15-19)

    • Pawulo akurikiza impanuro ahawe n’abakurambere (20-26)

    • Haduka akaguma mu rusengero. Pawulo afatwa (27-36)

    • Pawulo yemererwa kugira ico abwiye isinzi (37-40)

  • 22

    • Pawulo yiburanira imbere y’isinzi (1-21)

    • Pawulo yikora ku bwenegihugu bwiwe bw’Uburoma (22-29)

    • Inama nkuru ikorana (30)

  • 23

    • Pawulo avugira imbere y’Inama nkuru (1-10)

    • Pawulo akomezwa n’Umukama (11)

    • Umugambi wo kwica Pawulo (12-22)

    • Pawulo arungikwa i Sezariya (23-35)

  • 24

    • Pawulo yagirizwa (1-9)

    • Pawulo yiburanira imbere ya Felisi (10-21)

    • Urubanza rwiwe rurindirizwa imyaka ibiri (22-27)

  • 25

    • Pawulo arengutswa imbere ya Fesito (1-12)

      • «Ndungururije kwa Sezari!» (11)

    • Fesito agisha inama umwami Agiripa (13-22)

    • Pawulo imbere ya Agiripa (23-27)

  • 26

    • Pawulo yiregura imbere ya Agiripa (1-11)

    • Pawulo asigura ukuntu yahindutse (12-23)

    • Ivyo Fesito na Agiripa bavuze (24-32)

  • 27

    • Pawulo afata ubwato akaja i Roma (1-12)

    • Ubwato bukubitwa n’igihuhusi (13-38)

    • Ubwato bumenagurika (39-44)

  • 28

    • Bashika ku nkengera y’izinga ryitwa Malita (1-6)

    • Pawulo akiza se wa Pubiliyo (7-10)

    • Pawulo aja i Roma (11-16)

    • Pawulo avugana n’Abayuda b’i Roma (17-29)

    • Amara imyaka ibiri avuga inkuru nziza n’ubutinyutsi (30, 31)