Matayo 24:1-51

  • IKIMENYETSO C’UKUGARUKA KWA KRISTU (1-51)

    • Intambara, inzara, nyamugigima (7)

    • Inkuru nziza itegerezwa kwamamazwa (14)

    • Amakuba akomeye (21, 22)

    • Ikimenyetso c’Umwana w’umuntu (30)

    • Igiti c’umusukoni (32-34)

    • Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa (37-39)

    • «Mugume muri maso» (42-44)

    • Umushumba w’umwizigirwa n’umushumba mubi (45-51)

24  Yezu avuye ku rusengero, abigishwa biwe baramwegera kugira bamwereke inyubakwa z’urwo rusengero.  Na we ababwira ati: «Murabona ivyo bintu vyose? Ni ukuri ndabibabwiye, nta buye rizosigara rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi+  Igihe rero yari yicaye ku musozi w’Imyelayo, abigishwa baramwegera ari bonyene, bamubaza bati: «Tubwire: ivyo bintu bizoba ryari, kandi ni ikimenyetso ikihe kizokwerekana igihe c’ukugaruka kwawe*+ n’ic’iherezo* ry’ivy’iyi si*+  Yezu abishura ati: «Mwiyubare ntihaze hagire uwubazimiza+,  kuko benshi bazoza bitwaje izina ryanje, bavuga ngo: “Ni jewe Kristu”, kandi bazozimiza benshi+.  Muzokwumva intambara n’amakuru y’intambara. Ntimuze mugire ubwoba, kuko ivyo bitegerezwa kuba, ariko iherezo ntirizoba rirashika+.  Ihanga rizotera irindi hanga, n’ubwami butere ubundi bwami+, kandi hazotera inzara+ na vya nyamugigima biva hamwe bija ahandi+.  Ivyo bintu vyose bizoba ari intango y’ibihe vy’umubabaro ukomeye*.  Abantu bazobahama+ bongere babice+, kandi muzokwankwa n’amahanga yose kubera izina ryanje+. 10  Vyongeye, benshi bazotsitara, bahemukiranire bongere bankane. 11  Hazokwaduka abahanuzi benshi b’ikinyoma kandi bazozimiza benshi+. 12  Kubera ko ubugarariji buzoba bwongerekanye, urukundo rw’abantu benshi ruzotimba. 13  Ariko uwuzoba yihanganye* gushika kw’iherezo ni we azokizwa+. 14  Kandi iyi nkuru nziza y’Ubwami izokwamamazwa mw’isi yose kugira bibe intahe ku mahanga yose+, maze iherezo rizoca riza. 15  Nimwabona rero ca kintu gisesemye giteza agatikizo cavuzwe n’umuhanuzi Daniyeli, gihagaze ahantu heranda+ (umusomyi nakoreshe ugutahura), 16  abari i Yudaya bazoce batangura guhungira mu misozi+. 17  Uwuzoba ari hejuru ku nzu ntaze yururuke gutora ibintu biri mu nzu yiwe, 18  kandi uwuzoba ari mu murima ntaze agaruke gutora impuzu yiwe*. 19  Haragowe abagore bazoba bibungenze n’abazoba bonsa muri iyo misi! 20  Mugume musenga kugira ntimuzohunge mu gihe c’urushana canke ku musi w’isabato, 21  kuko hazoba amakuba akomeye+ atigeze kubaho kuva isi itanguye kubaho gushika n’ubu, kandi ntazosubira kubaho+. 22  Emwe iyaba iyo misi itogabanijwe, nta muntu* n’umwe yorokotse. Ariko iyo misi izogabanywa ku bw’abatowe+. 23  Nihagira rero uwubabwira ati: “Ehe Kristu ari ng’aha+” canke “hariya”, ntimuze muvyemere+. 24  Kuko hazokwaduka ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma+, kandi bazokora ibimenyetso bikomeye n’ibitangaza kugira ngo bishobotse bazimize+ n’abatowe. 25  Ehe mbaye ndababurira. 26  Abantu rero nibababwira bati: “Ehe ari mu gahinga”, ntimuze mujeyo, canke nibababwira bati: “Ehe ari mu nzu*”, ntimuze muvyemere+. 27  Kuko igihe c’ukugaruka* kw’Umwana w’umuntu kizomera nk’umuravyo urabiriza mu buseruko, ukaboneka no mu burengero+. 28  Aho umuvyimba uzoba uri ni ho inkona zizokoranira+. 29  Ubwo nyene inyuma y’ayo makuba yo muri iyo misi, izuba rizocura umwiza+, ukwezi ntikuzosubira gutanga umuco, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo kw’ijuru bizonyiganyizwa+. 30  Hazoca haboneka ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kw’ijuru, kandi imiryango yose yo kw’isi izokwikubitagura ku gikiriza yishwe n’intuntu+. Bazobona Umwana w’umuntu+ aje ari ku bicu vyo kw’ijuru, afise ububasha n’ubuninahazwa bwinshi+. 31  Azorungika abamarayika biwe akoresheje ijwi ry’urumbete runini, na bo bazokoraniriza hamwe abo yatoye bo mu mpande zine z’isi*, kuva ku mpera imwe y’ijuru gushika ku yindi+. 32  Nimukure rero icigwa kuri iki kigereranyo c’igiti c’umusukoni: iyo mubonye ishami ryaco ritoyi ritanguye gutotahara rikazana amababi, muca mumenya ko ici riri hafi*+. 33  Na mwebwe nyene nimwabona ivyo bintu vyose, muzoce mumenya ko ari hafi ku muryango+. 34  Ni ukuri ndabibabwiye, uru runganwe* ntiruzogenda ruvuyeho ivyo vyose bitabaye. 35  Ijuru n’isi bizovaho, ariko amajambo yanje ntazogenda avuyeho+. 36  Nayo ibijanye n’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi+, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa+. 37  Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa+, ni ko bizoba bimeze no mu gihe c’ukugaruka* kw’Umwana w’umuntu+. 38  Imbere y’umwuzure, abantu bararya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjira mu bwato+. 39  Nta na kimwe bitayeho, gushika umwuzure uje ukabatwara bose+. Ni ko nyene bizogenda mu gihe c’ukugaruka kw’Umwana w’umuntu. 40  Ico gihe abagabo babiri bazoba bari mu murima, umwe ajanwe ariko uwundi asigare. 41  Abagore babiri bazoba bariko barasya, umwe ajanwe ariko uwundi asigare+. 42  Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi Umukama wanyu azozirako+. 43  Ariko mumenye iki kintu: iyaba nyene urugo yari azi igihe igisuma coziyeko mw’ijoro*+, yogumye ari maso, ntiyemere ko kimena inzu yiwe+. 44  Na mwebwe nyene rero mwame mwiteguye+, kuko Umwana w’umuntu azoza mu gihe* mutiyumvira. 45  None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge* shebuja yashinze kwitwararika abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa igihe kigeze+? 46  Uwo mushumba azoba ahiriwe shebuja niyagaruka agasanga ariko akora gutyo+! 47  Ni ukuri ndabibabwiye, azomuzeza ivyo atunze vyose. 48  Ariko uwo mushumba niyaba mubi, akibwira ati: “Databuja aratevye+”, 49  hanyuma agatangura gukubita abashumba bagenziwe no gusangira ibifungurwa n’ibinyobwa n’imborerwa katwa, 50  shebuja azoza ku musi atiteze no kw’isaha atazi+, 51  kandi azomuhana bimwe bikomeye, amushire hamwe n’abiyorobetsi. Aho ni ho azoririra kandi ni ho azohekenyera imisaya*+.

Utujambo tw'epfo

Canke «ry’iki gihe.» Raba Insiguro y’amajambo (Igihe).
Canke «n’ic’insozero.»
Canke «ni ikimenyetso ikihe c’ukuhaba kwawe.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «intango y’ububabare nk’ubw’ibise.»
Canke «ariko uwihangana.»
Canke «impuzu yiwe yo hejuru.»
Canke «nta gifise umubiri.»
Canke «mu cumba ciherereye.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Mu kigiriki havuga ngo «muri ya miyaga ine.»
Muri Isirayeli, ibiterwa bitotahara mu ci.
Canke «iri yaruka.»
Canke «ukuhaba.» Raba Insiguro y’amajambo (Ukuhaba).
Canke «iterama igisuma coziyeko.»
Mu kigiriki havuga ngo «kw’isaha.»
Canke «w’inkerebutsi.»
Canke «amenyo.»