Zaburi 110:1-7

  • Umwami n’umuherezi ameze nka Melekisedeki

    • «Ganza hagati y’abansi bawe» (2)

    • Abakiri bato bitanga bameze nk’amama y’urume (3)

Ni zaburi ya Dawidi. 110  Yehova yabwiye Umukama wanje ati: «Icara iburyo bwanje+,gushika abansi bawe ndabagize nk’intebe y’ibirenge vyawe+   Yehova azoramvura agakoni k’ububasha bwawe ari i Siyoni, avuge ati: «Ganza hagati y’abansi bawe+   Abantu bawe bazokwitanga babikunze ku musi ukoranya ingabo zawe. Ufise ingabo z’imisore zimeze nk’amama y’urume.Ziseruka mu mutwenzi* zisharijwe n’ubweranda buhebuje.   Yehova yararahiye, kandi ntazokwivuguruza*. Yavuze ati: «Uri umuherezi ibihe vyose+mu buryo bwa Melekisedeki+   Yehova azohagarara iburyo bwawe+.Azomenagura abami ku musi w’ishavu ryiwe+.   Azoshitsa urubanza yaciriye amahanga*+,ayuzuzemwo imivyimba+. Azomenagura umutware* w’isi yose*.   Azonywa* ku mazi y’umugezi igihe azoba ari ku nzira. Ni co gituma azoraramura umutwe.

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «mu nda y’umutwenzi.»
Canke «ntazokwicuza.»
Canke «azoca imanza hagati y’amahanga.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutwe.»
Canke «igihugu kinini.»
Ni ukuvuga wa mukama avugwa ku murongo wa mbere.