Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | ICOGUFASHA KWIMENYEREZA IBINTU VYIZA

3 Niwumireko

3 Niwumireko

Bivugwa ko bisaba imisi 21 kugira utsimbataze akamenyero gashasha. Ariko rero, ubushakashatsi bwerekana ko hari abo bisaba igihe gito kugira bagire amahinduka ahambaye, abandi na bo bikabasaba igihe kinini. Ivyo vyoba bikwiye kuguca intege?

Zirikana kuri iki kintu: Fata ko ushaka kwama winonora imitsi gatatugatatu mu ndwi.

  • Indwi ya mbere, urashitse ku mugambi wawe.

  • Indwi ya kabiri, usivye umusi umwe.

  • Indwi ya gatatu, urasubiye gushika kuri wa mugambi.

  • Indwi ya kane, winonoye imitsi umusi umwe gusa.

  • Indwi ya gatanu, usubiye gushitsa umugambi kandi uciye ubandanya neza.

Vyagufashe indwi zitanu kugira umenyere ikintu gishasha. Womenga ni ikiringo kirekire, ariko umaze kubishikako urahimbarwa cane.

ICO BIBILIYA IVUGA: “Umugororotsi yoshobora kugwa mbere n’incuro indwi, kandi ntazobura guhaguruka.”Imigani 24:16.

Bibiliya ituremesha kwumirako. Igihambaye si incuro tugwa, ahubwo ni incuro tuvyuka.

Igihambaye si incuro tugwa, ahubwo ni incuro tuvyuka

ICO WOKORA

  • Bishitse bikakugora, ntubone ko kabaye. Numenye ko hatazobura ibishaka gusubiza inyuma umugambi wawe.

  • Nugumize umutima ku bihe wavyifashemwo neza. Nk’akarorero, nimba uriko uragerageza kuvugana neza n’abana bawe, niwibaze uti: ‘Ni ryari mperuka kwumva nokankamira abana banje ariko sinabigira? Nakoze iki? Nogisubiramwo gute?’ Bene ivyo bibazo vyogufasha kubandanya uvyifatamwo neza aho kugumiza umutima ku bitagenze neza.

Woba woshima kumenya ukuntu impanuro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha no mu yindi mice y’ubuzima, nk’igihe ufise amaganya, ukuntu wogira agahimbare mu rugo canke ingene woronka umunezero nyakuri? Nuvugane n’Icabona ca Yehova canke uje ku rubuga rwacu, jw.org.