Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mworeka gushwana

Ingene mworeka gushwana

IGITUMA BITOROSHE

Wewe n’uwo mwubakanye, vyoba bibagora kuganira muturuye? Igihe muganira, woba wumva umengo uriko ugendagenda ahantu hateze amamine, ku buryo utinya yuko ico wovuga cose cohava cadukamwo ibihari bikaze?

Nimba ari ko biri, nureme. Ivyanyu birashobora kugenda neza. Ariko imbere ya vyose urakeneye kumenya igituma wewe n’uwo mwubakanye mushwana cane.

IKIBITERA

Ugutahurana ukutari ko.

Umukenyezi yitwa Jillian * avuga ati: “Hari igihe mbwira ikintu umunega wanje mugabo sindakivuge nk’uko navyipfuza. Hari n’igihe nishiramwo yuko namubwiye ikintu kanaka kandi ata co nigeze ndamubwira, canke mu vy’ukuri ugasanga ni ikintu gusa narose ndamubwira!”

Ukutabona ibintu kumwe.

Naho wewe n’uwo mwubakanye mwoba muhuza gute, bizoshika hagire ivyo mutabona kumwe. Kubera iki? Kubera ko ata bantu babiri uzosanga bameze kumwe ijana kw’ijana, ico kikaba ari ikintu gishobora gutuma umubano uryoha canke ugira ingorane. Mu ngo nyinshi usanga ukwo kutamera kumwe gukwega ingorane.

Akarorero kabi k’abavyeyi.

Umukenyezi umwe yitwa Rachel avuga ati: “Abavyeyi banje barakunda gushwana, bakabwirana amajambo ataranga icubahiro. Igihe rero nubaka urwanje, umunega wanje namuvugisha nk’uko mawe yavugisha dawe. Sinari narize kwubaha.”

Imvo zihishije.

Ikintu gituma abantu bashwana bigakomera, akenshi usanga mu vy’ukuri atari co muzi w’ingorane. Nk’akarorero, abubakanye barashobora guterana amajambo igihe umwe muri bo abwiye uwundi ngo “wewe wama watevye!” Ariko ushobora gusanga ingorane idahagaze ku guteba, ahubwo ihagaze ku kuba uwo mwubakanye abona ko utamwitaho.

Imvo zituma mushwana zaba izihe, kwama mushwana birashobora kugira ingaruka mbi ku magara yanyu, bikanatuma muruhira kwahukana. None mwokora iki kugira ngo mureke gushwana?

ICO WOKORA

Ikintu gihambaye gishobora kubafasha kwirinda gushwana ni ukumenya ingorane zihishije ziba zabiteye. Mumaze guturura, nimugerageze gukorera hamwe ibi bintu.

1. Umwe wese natore urupapuro aheze yandikeko ikintu giherutse gutuma mushwana. Nk’akarorero, vyoshika umunega akandika ati: “Wamaze umusi wose uri kumwe n’abagenzi bawe, ntiwananterefona ngo umbwire iyo uri.” Umukenyezi na we vyoshika akandika ati: “Washavujwe n’uko namaranye umwanya n’abagenzi banje.”

2. Nimuganire kuri ibi bibazo ata guhishanya: Ico kintu coba cari gikomeye vy’ukuri? Ubwo ntimwari gushobora kucihoza? Rimwe na rimwe, kugira ngo habe amahoro vyoba vyiza mwemeye ko hari ivyo mudahurizako, mugaca murengera ico kibazo mubigiranye urukundo.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 17:9.

Nimba mushitse ku ciyumviro c’uko ico kibazo kitari gihambaye, nimusabane imbabazi muce mufata ko ico kibazo kirangiye.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abakolosayi 3:13, 14.

Nimba umwe muri mwebwe canke mwempi abona ko ico kibazo gihambaye, nimuce mutera iyi ntambwe ikurikira.

3. Niwandike ukuntu wumvise umerewe igihe mwariko murashwana, usabe n’uwo mwubakanye agire ukwo nyene. Nk’akarorero, vyoshika umunega akandika ati: “Nabonye umengo ushima kuba uri kumwe n’abagenzi bawe aho kuba uri kumwe nanje.” Umukenyezi na we vyoshika akandika ati: “Nabonye umengo umfata nk’umwana ategerezwa kuza arabwira se iyo ari.”

4. Nimuce mukaba ivyo mwanditse, umwe wese asome ivyo uwundi yanditse. Ubona ari igiki vy’ukuri cari kiraje ishinga uwo mwubakanye igihe mwariko murashwana? Nimuganire ico umwe wese muri mwebwe yari gukora kugira ngo ingorane zihishije zitorerwe umuti mutiriwe murashwana.​—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Imigani 29:11.

5. Nimuganire rero ico muhigiye. None ubutaha, bizobafasha gute kwirinda gushwana canke gutorera umuti ugutongana kwovyuka?

^ ing. 7 Si ko basanzwe bitwa kubera ko bitashimwe ko bamenyekana.