BE MASO! Nyakanga 2013 | Ukuri ku vyerekeye Halowini

Abantu benshi barahimbaza Halowini batazi n’inkomoko yayo. Raba igituma kwiyubara bikenewe.

Udukuru tw’irya n’ino

Muri utwo dukuru harimwo utwerekeye: Igabanuka ry’ibibarafu muri Arctique, uruhigi rutemewe rw’amasenge muri Kongo, igabanuka ry’utunyabuzima mu gace ko mu mazi kitwa Grande Barrière de corail, n’utunyabuzima twitwa bagiteri two mu maberebere.

TWISUNZE BIBILIYA

Guhuza ibitsina n’uwo mutubakanye

Niwirabire ivyo Bibiliya ivuga ku bijanye n’uguhuza ibitsina kw’abatubakanye be no gukorana ibindi bintu bijanye n’igitsina.

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Ukuri ku vyerekeye Halowini

Niwirabire inkomoko mbi ya Halowini be n’imisi mikuru imeze nka wo.

ICOFASHA UMURYANGO

Ingene mwobabarirana

Kubera iki kubabarira bishobora kuba urugamba? Raba ingene impanuro Bibiliya itanga zishobora gufasha.

IKIGANIRO TWAGIRANYE NA

Umuhinga w’indwara z’amafyigo asigura icatumye yemera Imana

Kubera iki umuganga yahoze atemera Imana yatanguye kwiyumvira ivyerekeye Imana be n’intumbero y’ubuzima? Ni igiki catumye ahindura ukuntu yabona ivyo bintu?

KAHISE KATWIGISHA IKI?

Zheng He

Zheng He yari nde? Nusome ivyerekeye ingendo zikomeye yagize be n’ico zitwigisha ku bijanye n’Ubushinwa.

VYOBA VYARIYADUKIJE?

Amubi y’inyoni yo mu mazi yitwa manchot empereur

Ni ibiki abahinga b’ibinyabuzima vyo mu mazi bubuye ku bijanye n’amubi y’iyo nyoni?

Ibindi usanga kuri internet

Nokora iki hari uwumbuza amahoro?

Raba ico ari co kubuza amahoro umuntu mu vy’igitsina be n’ico wokora bigushikiye.

Ukwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?

Kwandika amamesaje birashobora kugira ingaruka ku bugenzi ufitaniye n’abandi be n’izina ryawe. Raba igituma ari ukwo biri.

Nobigenza gute mfise ingorane y’amagara? (Igice ca 1)

Abakiri bato bane baravuga ibibafasha kwihanganira ingorane bafise z’amagara no kuguma babona ibintu mu buryo bwiza.

Nuneshe uwugutoteza utamuriye n’urwara

Raba igituma hari abatoteza abandi n’ingene wovyifamwo igihe utotejwe.

Yozefu mu gihugu ca Misiri

Ushobora gute kunezereza Imana n’igihe ata n’umwe yoba ariko arakubona? Soma iyi nkuru yo muri Bibiliya ukure icigwa ku karorero Yozefu yagusigiye.