Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?

Nkwiye kumenya iki ku bijanye no kwandika amamesaje?
  • :-) Ubigiranye ubukerebutsi, ivyo kwandika amamesaje birashobora kugufasha mu kuguma uhanahana amakuru n’abandi.

  • :-( Ubigiranye ukutiyubara, birashobora kwonona ubugenzi ufitaniye n’abandi bigacafuza n’izina ryawe.

Iki kiganiro kirakubwira ivyo ukwiye kumenya ku vyerekeye:

Iki kiganiro kirimwo kandi:

 Abo wandikira

 Imiyabaga myinshi ibona ko kwandika amamesaje ari bwo buryo bwiza kuruta bwo kuyaga n’abandi. Kwandika amamesaje bigufasha guhanahana amakuru n’abo bose ufise inomero zabo, kiretse gusa mu gihe abavyeyi bawe batabishima.

 “Dawe ntashima ko jewe na mwene wacu tuyaga n’abahungu kuri telefone. Iyo tubigize na ho, tubwirizwa kuvuganira kuri telefone yo muri salo, kandi abandi bakaba ariho bari.”​—Lenore.

 Ico womenya: Uhaye inomero zawe uwo ari we wese, urashobora kwikwegera ingorane.

 “Utabaye maso ku bafise inomero zawe, uritega kurungikirwa amamesaje n’amafoto udashaka.”​—Scott.

 “Nimba wama wandikira amamesaje uwo mudasangiye igitsina, urashobora gusanga utanguye kwumva umukunze hadaciye na kabiri.”​—Steven.

 Bibiliya ivuga iti: “Umunyabwenge ni uwubonye ivyago akihisha.” (Imigani 22:3) Ufashe ingingo na nkeyi zo kwikingira, wosanga wirinze ingorane zitari nke.

 Ivyabaye koko: “Umuhungu umwe twari abagenzi kandi twarandikirana amamesaje cane. Nabona ko turi abagenzi somambike gusa. Nagiye kubona ko ari ingorane igihe yambwira ko yagiye arankunda buhorobuhoro. Ntereje amaso inyuma, ndatahura ko ntari nkwiye kumarana umwanya munini na we canke kumwandikira amamesaje.”​—Melinda.

 Zirikana: Wibaza ko ivyo uwo muhungu yahishuriye Melinda vyagize ico bikoze gute ku bugenzi bwabo?

 Kosora: Melinda yari gukora iki kugira we n’uwo muhungu bagume ari abagenzi gusa, ata kindi kirenzeko?

 Ivyo wandika

 Kurungika mesaje biroroshe, kuyakira na ho biraryoshe; ariko biroroshe kwibagira ko uwundi yoshobora kuyibonamwo vyinshi.

 Ico womenya: Amajambo ari muri mesaje arashobora gutahurwa ukutari kwo.

 “Ntushobora kumenya inyiyumvo n’ijwi biri muri mesaje, naho mbere yoba irimwo utumenyetso. Irashobora gutuma haba ugutahurana kutari kwo.”​—Briana.

 “Ndazi abakobwa bacafuje amazina yabo, bakaba bazwi ko ari abakobwa bagiranira imimenyerano irenze n’abahungu kubera amamesaje barungikiye abahungu.”​—Laura.

 Bibiliya ivuga iti: “Abantu beza bariyumvira imbere yo kwishura.” (Imigani 15:28, Good News Translation) Icigwa ni ikihe? Subira usome mesaje yawe imbere y’uko ufyonda “Envoyer” (Rungika), ni ukuvuga imbere y’uko uyirungika!

 Igihe wandika

 Ubigiranye ubukerebutsi, urashobora kwishingira imico myiza mu vyo kwandika mesaje.

 Ico womenya: Utabaye maso ku kuntu wandika mesaje, abagenzi bazobona ko utagira indero kandi bazogukumira aho kukwiyegereza.

 “Biroroshe kwibagira imico myiza mu vyo kwandika mesaje. Hari igihe nsanga ndi mu vyo kwandika mesaje mu gihe mba ndiko nganira n’umuntu canke ndi ku meza.”​—Allison.

 “Birimwo akaga kwandika mesaje uriko uratwara umuduga. Uretse kuraba ibarabara, urahakwa kugira isanganya.”​—Anne.

 Bibiliya ivuga iti: “Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe, . . . igihe co kunuma n’igihe co kuvuga.” (Umusiguzi 3:1, 7) Ivyo birajanye n’ivyo kwandika mesaje nk’uko bijanye n’ivyo kuvuga!

 Impanuro

Abo wandikira

  •  ;-) Nugamburuke ubuyobozi abavyeyi bawe baguha.​—Abakolosayi 3:20.

  •  ;-) Nuhitemwo neza abo uha inomero zawe. Wanse mu rupfasoni gutanga amakuru yawe y’ibanga, harimwo n’inomero zawe za telefone, uba uriko uratsimbataza ubuhanga uzokenera umaze gukura.

  •  ;-) Ntugiranire imimenyerano irenze mu kurungika amamesaje arimwo ivy’urukundo wifyinira. Nimba hatanguye kujamwo inyiyumvo z’ivy’urukundo, ikizovamwo ni intuntu n’umubabaro.

 “Abavyeyi banje bararushirije kunyizigira ku bijanye n’ukuntu nkoresha telefone yanje ngendanwa, rero barizigira ko mfata ingingo nziza ku bijanye n’abo mbika inomero zabo muri telefone yanje.”​—Briana.

Ivyo wandika

  •  ;-) Imbere y’uko utangura kwandika mesaje, niwibaze uti: ‘Kwandika mesaje bwoba ari bwo buryo bwiza bwo kuyaga kuri iki kibazo?’ Hari igihe vyoba vyiza uterefonye canke urindiriye mukavugana amaso mu yandi.

  •  ;-) Ntiwandikire umuntu ibintu utomubwira imbonankubone. “Nimba bidakwiye kuvugwa, ntibikwiye no kurungikwa muri mesaje.”Sarah w’imyaka 23.

 “Nimba hari uwukurungikiye amafoto atabereye, nubibwire abavyeyi bawe. Bizogukingira vyongere bitume abavyeyi bawe barushiriza kukwizigira.”​—Sirvan.

Igihe wandika

  •  ;-)Niwishingire imbere y’igihe ibiringo utazokoresha telefone yawe. Umwigeme umwe yitwa Olivia avuga ati: “Simba mfise telefone yanje ndi ku meza canke ndiko ndiga. Ndayizimya igihe ndi mu makoraniro y’ivy’ugusenga kugira sinje mu kigeragezo co gushaka kuyikoresha.”

  •  ;-)Niwiteho abandi. (Abafilipi 2:4) Ntuje mu vyo kwandika mesaje igihe uriko uraganira n’umuntu.

 “Narishingiye ingingo nisunga, nko kutandika mesaje igihe ndi mu mugwi w’abagenzi uretse igihe bibaye ngombwa. Kandi simpa inomero zanje umuntu tutamenyeranye.”​—Janelly.