Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 TWISUNZE BIBILIYA

Amahera

Amahera

Amahera yoba ari wo muzi w’ibibi vyose?

“Urukundo rw’amahera [ni] umuzi w’ibibi vy’ubwoko bwose.”1 Timoteyo 6:10.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Amahera ni wo muzi w’ibibi vyose.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Urukundo rw’amahera” ni rwo ruteza “ibibi,” si amahera ubwayo. Muri Bibiliya, umwami yari atunze yitwa Salomo yaravuze ibibi vy’ubwoko butatu bikunze gushikira abakunda amahera. Ica mbere ni uguhagarika umutima. Bibiliya ivuga iti: “Umukimba w’umutunzi ntumukundira gutora agatiro.” (Umusiguzi 5:12) Ica kabiri ni ukudahera ipfa. Bibiliya ivuga iti: “Inkunzi y’ifeza ntizohaga ifeza, eka n’inkunzi y’ubutunzi ntizohaga inyungu.” (Umusiguzi 5:10) Ica gatatu ni ukugeragezwa ngo urenge amategeko. Bibiliya ivuga iti: “Uwihutira kuronka ubutunzi ntazoguma ari intungane.”Imigani 28:20.

 Amahera afasha iki?

“Amahera akingira umuntu.”Umusiguzi 7:12.

ABANTU BABIVUGAKO IKI?

Amahera atuma utekanirwa, ukagira n’agahimbare.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Iciyumviro c’uko amahera ashobora kugura agahimbare n’ugutekanirwa kiri mu bigize “ububasha buhendana bw’ubutunzi.” (Mariko 4:19) Naho ari ukwo, “amahera ni yo atorera inyishu vyose.” (Umusiguzi 10:19) Nk’akarorero, amahera urashobora kuyagura ibifungurwa n’imiti canke ibindi ukeneye kugira ubeho.2 Abatesalonika 3:12.

Amahera arashobora kandi kugufasha gutunga umuryango. Nkako Bibiliya ivuga iti: “Nimba umuntu ataronsa abiwe ivyo bakeneye, na canecane abo mu rugo rwiwe, aba yihakanye ukwizera.”1 Timoteyo 5:8.

Ushobora gute gukoresha neza amahera?

‘Banza wicare uharure ivyosohoka.’Luka 14:28.

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Nukoreshe amahera mu buryo bushimwa n’Imana. (Luka 16:9) Gukoresha amahera ata gusesagura canke ubugunge biraranga ubukerebutsi. (Abaheburayo 13:18) “Uburyo bwa[we] bwo kubaho ntibubemwo urukundo rw’amahera,” kugira wirinde amaganya ava ku gushaka kubaho mu buryo burengeye amikoro yawe.Abaheburayo 13:5.

Naho Bibiliya itabuza kurya ideni, ituburira iti: “Uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana.” (Imigani 22:7) Niwirinde kugura ikintu ngo ni uko ukibonye, kuko “uwihutagiza wese ntabura kugana ku bukene.” (Imigani 21:5) Ahubwo riho, “[nu]shire ikintu ku ruhande mu bubiko nk’uko [u]zoba [u]tunganiwe,” uziganirize amahera ivyo ubona ko bihambaye.1 Abakorinto 16:2.

Bibiliya ituremesha kugira “akamenyero ko gutanga.” (Luka 6:38) Abipfuza guhimbara Imana bari n’imvo yumvikana yo kuba abatanzi, kuko “Imana ikunda uwutangana akamwemwe.” (2 Abakorinto 9:7) Ku bw’ivyo, “nti[wi]bagire gukora iciza be no gusangira ibintu n’abandi, kuko mwene ivyo bimazi ari vyo bihimbara Imana rwose.”Abaheburayo 13:16.