Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Urushato rw’inzoka

Urushato rw’inzoka

KUBERA KO inzoka zitagira amaguru, zirakenera urushato rukomeye rurinda ibintu bigumye zigenda zirikubako. Hari inzoka zurira ibiti bifise ibishishwa bigumye, izindi na zo zigaca mu musenyi ugenda uraziharura. Ni igiki none gituma urushato rw’inzoka rukomera ukuraho?

Rimbura ibi: Urushato rw’inzoka imwe rurashobora gutandukana n’urw’iyindi nzoka mu kuntu intimbatimba yarwo ingana no mu kuntu ibirugize bimeze. Ariko rero hari ico inshato z’inzoka zose zihuriyeko: Inyuma ziba zikomeye mugabo imbere zikagenda ziroroha. Ivyo bizifasha iki? Umushakashatsi yitwa Marie-Christin Klein avuga ati: “Ibintu bigumye inyuma ariko imbere bikoroha, iyo hagize ikibikubitako canke ikibifyonda, inguvu z’ico kintu zica zisanzara cane muri vyo.” Kuba urushato rw’inzoka rukozwe mu buryo budasanzwe bituma umubiri wayo ufata hasi n’inguvu zikwiye kugira ngo ishobore kwiyunguruza, ariko kandi bigatuma inguvu z’amabuye akarishe rucako zisanzara ku rugero rungana, ku buryo rutononekara cane. Birahambaye ko urushato rw’inzoka rukomera, narirya akenshi ziyubura ari uko haheze amezi abiri canke atatu.

Ibintu bimeze nk’urushato rw’inzoka vyoshobora gufasha mu bijanye n’ubuvuzi, nk’akarorero mu guhingura utuntu bashira mu mubiri tutanyerera kandi turamba cane. Vyongeye, hamwe abantu bokwigana ukuntu urushato rw’inzoka rumeze, bagahingura amamoteri n’amamashini yunguruza ibintu akoresheje ibisipi biguma bizunguruka, vyotuma badakoresha cane amavuta yonona ibidukikije.

None uvyibazako iki? Urushato rw’inzoka coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwagishizeho?