Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wari ubizi?

Wari ubizi?

Vyoba ari ivy’ukuri yuko mu bihe vya kera umuntu yubahuka kubiba ivyatsi bibi mu murima w’abandi?

Iyi kopi yo mu 1468 ya ca Cegeranyo c’amategeko casohorwa n’Umwami w’abami Justinian, ni kimwe mu nyandiko nyinshi zivuga ido n’ido ivyerekeye imanza zo mu bihe vya kera

MURI Matayo 13:24-26, Yezu yavuze ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu yabivye imbuto nziza mw’itongo ryiwe. Igihe abantu bari basinziriye, umwansi wiwe araza abiba icatsi kibi mu ngano, arigira. Zimaze kumera zikayangika, ca catsi kibi na co gica kiraseruka.” Abanditsi batandukanye barahaririye ko ivyo Yezu yavuze muri ico kigereranyo bitigera bigirwa. Ariko rero, ivyandikano vya kera vy’Abaroma birerekana ko ivyo bintu vyahora bigirwa koko.

Kazinduzi imwe y’ivya Bibiliya ivuga ko kubiba icatsi kibi mu murima w’umuntu kugira wihore, “vyahanwa n’amategeko mu gihe c’inganji y’Abaroma. Kubona harashinzwe itegeko rigenga ico kintu vyerekana ko cari ikintu gikunda kuba.” Umuhinga mu vy’amategeko Alastair Kerr asigura ko mu 533 inyuma ya Kristu, Umwami w’abami w’Uburoma yitwa Justinian yasohoye Icegeranyo c’amategeko. Yari incamake y’itegeko ry’Abaroma be n’ivyakuwe mu nyandiko z’abahinga mu vy’amategeko ba kera cane (nko mu mwaka wa 100 gushika mu wa 250 inyuma ya Kristu). Twisunze nya cegeranyo (Digest, 9.2.27.14), umuhinga mu vy’amategeko yitwa Ulpian yaravuze ibijanye n’urubanza rwasuzumwe n’umutegetsi w’Umuroma yitwa Celsus wo mu kinjana ca kabiri. Rwari rwerekeye ivyatsi bibi vyabibwe mu murima w’umuntu, bica bituma ibiterwa vyiwe vyononekara. Nya Cegeranyo kiravuga ibijanye n’indishi y’akababaro nyene umurima yabwirizwa guhabwa n’uwamwononeye, kugira ngo amurihe ivyo yahomvye.

Kuba ikibi kibishe nk’ico carakorwa kera mu Nganji y’Uburoma, vyerekana ko ivyo Yezu yavuze muri ico kigereranyo vyagirwa koko.

Mu kinjana ca mbere, Abaroma baha umwidegemvyo ungana gute Abayuda bategeka mu ntara ya Yudaya?

ICO gihe, intara ya Yudaya yatwarwa n’Abaroma, bakaba baserukirwa na buramatari yaba afise ingabo ategeka. Ahanini yari ajejwe gutoreza ikori Abaroma, kubungabunga amahoro no gushira ibintu ku rutonde. Abaroma baritwararika kurwanya ibikorwa bitemewe n’amategeko be no gushengeza umuntu wese yateza uruhagarara. Ariko rero, ivyo gutunganya ibindi bibazo vyo mu buzima bwa misi yose, Abaroma babirekera indongozi z’Abayuda.

Inama Nkuru y’Abayuda irashashe

Inama Nkuru y’Abayuda ni yo yari sentare ntahinyuzwa, ikaba ari na yo yashinga amategeko yagenga Abayuda. Hirya no hino muri iyo ntara, hariho sentare z’intango. Ni zo zaca imanza z’amatati be n’iz’ubukozi bw’ikibi, abategetsi b’Abaroma batiriwe baravyinjiramwo. Ariko ikintu kimwe sentare z’Abayuda zitari zemerewe, kwari ugucira umuntu urubanza rwo gupfa. Ubwo bwari uburenganzira Abaroma bari barisigarije. Igihe conyene bizwi ko Abayuda bigeze kubigira, ni igihe abari bagize Inama Nkuru bacira urubanza Sitefano maze akicishwa amabuye.​—Ivyak. 6:8-15; 7:54-60.

Ni ivy’ukuri ko Inama Nkuru y’Abayuda yari ifise ububasha budasanzwe bwo guca imanza. Yamara rero nk’uko bivugwa n’umuhinga Emil Schürer, “agasuzuguro gakomeye bagirirwa, ni uko abategetsi b’Abaroma bashobora kwiyadukiza igihe cose babishakiye bakifatira ibintu mu minwe, canecane igihe baba biketse ko umuntu yakoze icaha kijanye na politike.” Akarorero kavyerekana, ni ivyabaye mu gihe c’umukomanda yitwa Kolode Lisiyasi, uwafashe intumwa Paulo akamuta mu mvuto, kandi yari afise ubwenegihugu bw’Uburoma.​—Ivyak. 23:26-30.