Bibiliya ibivugako iki?
Twoba turi mu “misi ya nyuma”?
Wokwishura gute?
Ego
Oya
Kumbure
Ico Bibiliya ivuga
“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Ibivugwa muri Bibiliya be n’ibiba muri iki gihe birerekana ko turi mu “misi ya nyuma.”
Ibindi Bibiliya ivuga
Imisi ya nyuma yoranzwe n’intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’indwara z’ibiza.
—Matayo 24:3, 7; Luka 21:11. Mu misi ya nyuma, abantu bokwononekaye mu vy’inyifato runtu, ntibitwararike n’ivy’Imana.
—2 Timoteyo 3:2-5.
Abantu biteze iki muri kazoza?
Hari abiyumvira . . . ko ku musi w’iherezo, isi izotikizwa be n’abari kuri yo bose. Abandi na bo biteze ko ibintu bizorushiriza kuba vyiza. Wewe uvyibazako iki?
Ico Bibiliya ivuga
“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”
Ibindi Bibiliya ivuga
Ku musi w’iherezo, ubukozi bw’ikibi bwose buzokurwaho.
—1 Yohani 2:17. Isi izohinduka ibe iparadizo.
—Yesaya 35:1, 6.