Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Abazorokoka imisi ya nyuma bazokwibera mw’iparadizo

Bibiliya ibivugako iki?

Bibiliya ibivugako iki?

Twoba turi mu “misi ya nyuma”?

Wokwishura gute?

  • Ego

  • Oya

  • Kumbure

Ico Bibiliya ivuga

“Mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.” (2 Timoteyo 3:1) Ibivugwa muri Bibiliya be n’ibiba muri iki gihe birerekana ko turi mu “misi ya nyuma.”

Ibindi Bibiliya ivuga

  • Imisi ya nyuma yoranzwe n’intambara, amapfa, vya nyamugigima be n’indwara z’ibiza.Matayo 24:3, 7; Luka 21:11.

  • Mu misi ya nyuma, abantu bokwononekaye mu vy’inyifato runtu, ntibitwararike n’ivy’Imana.2 Timoteyo 3:2-5.

Abantu biteze iki muri kazoza?

Hari abiyumvira . . . ko ku musi w’iherezo, isi izotikizwa be n’abari kuri yo bose. Abandi na bo biteze ko ibintu bizorushiriza kuba vyiza. Wewe uvyibazako iki?

Ico Bibiliya ivuga

“Abagororotsi bazokwigabira isi, kandi bazoyibako ibihe bidahera.”Zaburi 37:29.

Ibindi Bibiliya ivuga