Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

UMUNARA W’INDERETSI No 1 2021 | Kubera iki wosenga?

Vyoba birashika ukibaza ko Imana itishura amasengesho uyitura? Nimba vyarashitse, nturi wenyene. Hari abantu benshi basenze Imana ngo ibafashe mu ngorane barimwo, mugabo ntizahera. Muri uru rukurikirane rw’ibiganiro, turaza kubona igituma twohera amazinda yuko Imana yumviriza amasengesho tuyitura, igituma itishura amasengesho amwamwe, n’ingene wosenga kugira yishure amasengesho yawe.

 

Ivyo abantu bavuga ku bijanye no gusenga

Isengesho ryoba ari ingabire idasanzwe Imana yaduhaye, canke ni umugenzo ata co uvuze?

Imana yoba yumviriza amasengesho yacu?

Bibiliya iradukura amazinda yuko Imana itwumviriza igihe tuyisenze mu buryo bubereye.

Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?

Bibiliya irerekana amasengesho Imana yishura be n’ayo itishura.

Wosenga gute kugira ngo Imana ikwumve?

Niwiture Imana aho woba uri hose n’igihe ico ari co cose, n’ijwi ryumvikana canke mu gacerere. Yezu yaranadufashije kumenya ivyo twovuga.

Ingene amasengesho yogufasha

Amasengesho yogufasha gute kwihanganira ingorane?

Imana yoba yumviriza amasengesho yawe?

Bibiliya ivuga ko Imana ikwumviriza igihe uriko urayisenga, kandi ko yipfuza kugufasha.