Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?

Kubera iki hari amasengesho Imana itishura?

Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru Yehova Imana, aripfuza kwumviriza amasengesho tumutura tubikuye ku mutima, kandi aramuhimbara. Ariko rero, hari ibintu vyotuma atishura ayo masengesho. None ivyo bintu ni ibihe, kandi ni ibiki dukwiye kugumiza ku muzirikanyi igihe dusenga? Raba impanuro zimwezimwe Bibiliya itanga.

“Igihe usenga, ntusubiremwo vya bindi nyene kenshikenshi.”​—Matayo 6:7.

Yehova ntiyipfuza ko dusubiramwo amasengesho twafashe ku mutwe, canke ayo dusoma mu gitabu. Ahubwo, yipfuza ko tumubwira ibivuye ku mutima. Iyumvire ingene vyokurambira hamwe umugenzi wawe yoguma akubwira ya majambo nyene buri musi. Abagenzi beza barayaga ata co bahishanya. Iyo dusenze Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru mu majambo yacu bwite, tuba turiko turamubwira ikiri ku mutima.

“Murasaba koko, yamara ntimuronka, kuko musaba mu ntumbero mbi.”​—Yakobo 4:3.

Birumvikana ko tutokwitega yuko Imana yumviriza amasengesho yacu, hamwe twoyisaba ibintu tuzi ko itipfuza ko dukora canke ko turonka. Nk’akarorero, Yehova yoba yokwishura amasengesho umukinyi w’akamari amutura amusaba amahirwe yo gutsinda, kandi we ubwiwe yiyamiriza umwina be n’ukwemera ibijanye n’igihamana? (Yesaya 65:11; Luka 12:15) Vyoba bitumvikana kwitega ko Yehova yokwishura ayo masengesho. Kugira ngo Imana yumvirize amasengesho tuyitura, dutegerezwa kwiyemeza neza ko ivyo tuyisaba bihuye n’ivyo itubwira muri Bibiliya.

“Uwica amatwi ngo ntiyumve itegeko, mbere n’isengesho ryiwe ni ikintu giteye ishishi.”​—Imigani 28:9.

Mu bihe vya kera, Imana yaranse kwishura amasengesho y’abatakurikije amategeko yayo agororotse. (Yesaya 1:15, 16) Imana ntiyahindutse. (Malaki 3:6) Nimba twipfuza ko Imana yishura amasengesho yacu, dutegerezwa gukora uko dushoboye kwose kugira ngo tubeho twisunga amategeko yayo. Bite hoho nimba muri kahise twarakoze ibintu bibi? Vyoba bisobanura ko Yehova atazokwigera atwumviriza? Habe namba! Nitwigaya tukongera tugakora ibishoboka vyose kugira ngo duhimbare Imana, izotubabarira ibigiranye urukundo.​—Ivyakozwe 3:19.