Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INGENE WOTSINDA URWANKO

1 | Nube umuntu atagira nkunzi

1 | Nube umuntu atagira nkunzi

Bibiliya ivuga iti:

“Imana [ntigira] nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​IVYAKOZWE 10:34, 35.

Ico bisigura:

Yehova * Imana ntatwemera afatiye ku gihugu tuvamwo, ku bwoko bwacu, kw’ibara ryacu ry’urukoba canke ku mico yacu. Ahubwo afatira ku kuntu tumeze imbere muri twebwe. Nkako, “umuntu buntu abona ibiboneka ku maso, mugabo Yehova we, abona ico umutima uri.”​—1 Samweli 16:7.

Ivyo wokora:

Naho tudashobora kumenya ibiri mu mitima y’abantu, turashobora kwihatira kwigana Imana mu kubona abandi nk’uko ibabona. Niwirinde gufatira abantu mu kivunga. Nimba wumva ko hari ukuntu utiyumvamwo abandi, kumbure abo mudasangiye ubwoko canke igihugu, nusenge Imana uyisaba ngo igufashe kwikuramwo ivyo vyiyumviro. (Zaburi 139:23, 24) Niwasaba Yehova ata buryarya ngo agufashe kuba umuntu atagira nkunzi, nta nkeka ko azokwumviriza isengesho ryawe akagufasha.​—1 Petero 3:12.

^ ing. 6 Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana.​—Yesaya 12:2.

“Sinari bwigere nicarana mu mahoro n’umuzungu . . . Ico gihe naza naba mu bagize umuryango nyakuri w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose.”​—TITUS