Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turashobora gutsinda urwanko

Turashobora gutsinda urwanko

Vyoba birashika abandi bakakwanka?

Nimba bitarashika, ushobora kuba umaze kubona ingene abantu bankana mu buryo butandukanye. Akenshi ibimenyeshamakuru biravuga ibijanye n’abantu banka abandi babahora ubwoko bwabo, igihugu bavamwo canke uguhuza ibitsina n’abo babisangiye. Ivyo biriko biratuma ibihugu vyinshi bishiraho amategeko ahana abakorera abandi amabi ashingiye ku rwanko.

Urwanko rukwega urundi. Akenshi abanswe na bo baca bihora, ivyo bigatuma haba urukwegane rw’inzankano.

Kumbure vyarashitse abandi barakwinuba, barakwiyumvira uko utari, baragutwenga, baragutuka canke baragutera ubwoba. Ariko rero urwanko ntirugarukira aho. Akenshi rurabonekera mu kugirira nabi abandi, kubatoteza, kwonona utwabo, kubafata ku nguvu, kubica canke mbere kubahonya.

Iki kinyamakuru kiratanga inyishu z’ibibazo bikurikira, kikerekana n’ingene twotsinda urwanko:

  • Kubera iki isi yuzuye urwanko?

  • Twotsinda urwanko gute?

  • Hoba hazogera igihe urwanko ruvaho burundu?