Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze muri Micronésie

Baritanze babikunze muri Micronésie

KATHERINE yakuriye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, maze afise imyaka 16 arabatizwa aba Icabona ca Yehova. Yarakorana umwete ubusuku bwiwe, mugabo mu karere yamamazamwo si benshi bumviriza ubutumwa bw’Ubwami. Avuga ati: “Narasomye ivyabonywe vyerekeye abantu basenze basaba Imana ngo ibarungikire umuntu abafasha kuyimenya. Akenshi naripfuza kuronka umuntu mwene uyo, ariko sinegeze ndamuronka.”

Katherine amaze imyaka yamamaza muri ico cibare, yaratanguye kwiyumvira ivyo kwimukira mu karere aho abantu benshi bokwumvirije ubutumwa bw’Ubwami. Ariko yaribaza nimba yari kubishobora. Kuva yakabaho vyari bimaze gushika rimwe gusa araja kure y’ab’iwabo, na ho nyene amarayo amayinga abiri yonyene, buri musi akama yishwe n’inkumbu. Yamara rero, icipfuzo kivuye ku mutima yari afise co kugira umunezero wo gufasha abantu barondera Yehova carushirije gukomera. Amaze kurimbura uturere tutari duke yoshobora kwimukiramwo, yarandikiye ishami ryo mw’izinga rya Guam maze araronka amakuru yari akeneye. Muri Mukakaro 2007, igihe Katherine yari afise imyaka 26, yarimukiye mw’izinga rya Saipan riri mw’Ibahari Pasifike, nko ku bilometero 10.000 uvuye iwabo. None ukwimuka kwiwe kwavuyemwo iki?

AMASENGESHO ABIRI YISHURWA

Haciye igihe gito Katherine ashitse mw’ishengero rishasha, yarahuye n’umukenyezi yitwa Doris w’imyaka nka 45, akaba yaremeye kwiga Bibiliya. Bamaze kwiga ibigabane bitatu vya mbere mu gitabu Ivyo Bibiliya yigisha, Katherine yaratanguye guhagarika umutima. Yigana ati: “Doris yari umutohoji mwiza cane kandi sinipfuza kumwononera. Sinari bwigere nyobora inyigisho ya Bibiliya idahorereza, nkaba rero nabona ko Doris yari akeneye uwumwigisha aciye uruma kundusha, kumbure uwo bangana.” Katherine yarasavye Yehova ngo amufashe kuronka mushiki wacu yoha iyo nyigisho yiwe. Yaciye afata ingingo yo kumenyesha Doris yuko agiye kumuronderera uwundi muntu amwigisha Bibiliya.

Katherine yigana ati: “Ntaranabwira ico kintu Doris, yambwiye ko hari ingorane imwe yashaka ko tuganira. Maze kumutega yompi, naramubwiye ukuntu Yehova yari yaramfashije gutorera umuti ingorane nk’iyo nyene. Yaranshimiye cane.” Doris yaciye abwira Katherine ati: “Yehova akoresha wewe kugira amfashe. Igihe waza iwanje ubwa mbere, nari maze amasaha nsoma Bibiliya. Nariko ndarira nsaba Imana ngo indungikire umuntu amfasha gutahura Bibiliya. Ni ho waca udodora. Emwe, Yehova yari yishuye isengesho ryanje!” Amosozi aruzura mu maso ya Katherine igihe ariko arigana ico kintu gikora ku mutima. Avuga ati: “Ivyo Doris yavuze yari inyishu y’isengesho ryanje. Yehova yari anyeretse ko nari nshoboye kubandanya nyobora iyo nyigisho.”

Doris yabatijwe mu 2010, ubu akaba ayobora inyigisho za Bibiliya zitari nke. Katherine avuga ati: “Ese ukuntu nkenguruka kubona icipfuzo nari mfise kuva kera co gufasha umuntu w’inziraburyarya kuba umusavyi wa Yehova cararangutse!” Ubu Katherine ni umutsimvyi adasanzwe ahimbawe, akorera mw’izinga rya Kosrae muri Pasifike.

INGORANE ZITATU: INGENE BAZITORERA UMUTI

Bene wacu na bashiki bacu barenga ijana bava mu bindi bihugu (bafise imyaka iri hagati ya 19 na 79) barakoreye ahari inkenero kuruta ahandi mu Mazinga ya Micronésie. Uwitwa Erica, akaba yimukiye muri Guam mu 2006 afise imyaka 19, araserura neza ukuntu abo bakozi b’abanyamwete biyumva. Avuga ati: “Gukorera ubutsimvyi mu cibare aho abantu banyotewe ukuri biraryoshe cane. Ndakenguruka cane kuba Yehova yaramfashije kuja muri uwo muce w’umurimo. Ni bwo buryo bwo kubaho bwiza kuruta ubundi bwose!” Ubu, Erica arahimbarwa no gukorera ubutsimvyi budasanzwe i Ebeye mu Mazinga yitwa Marshall. Ariko ntiwumve, gukorera mu kindi gihugu ntibibuzemwo ingorane. Nimuze twihweze zitatu muri zo, turabe n’ukuntu abimukiye mu Mazinga ya Micronésie bazitorera umuti.

Erica

Uburyo bwo kubaho. Uwitwa Simon w’imyaka 22, aho amariye gushika mw’izinga rya Palau mu 2007, ntiyatevye kubona yuko yaronka amahera makeyi cane uyagereranije n’ayo yahora aronka akiri iwabo mu Bwongereza. Avuga ati: “Nabwirijwe kwiga kutagura ivyo nshaka vyose. Ubu mpitamwo nitonze ibifungurwa ngura, kandi ndondera aho batazimba. Igihe igikoresho gipfuye, ndarondera icuma camaze gukora nkagerageza kurondera uwomfasha kugisanasana.” Kugira ubuzima busanzwe vyafashije gute Simon? Avuga ati: “Vyaramfashije kumenya ibikenewe vy’ukuri mu buzima ivyo ari vyo no kubeshwaho na bike. Nariboneye akatari gake ingene Yehova anyitwararika. Mu myaka indwi maze nkorera ng’aha, namye ndonka ico mfungura n’aho nkika umusaya.” Mu vy’ukuri, Yehova arashigikira abemera kubaho mu buryo bubayabaye kubera ko bipfuza kubanza kurondera Ubwami.Matayo 6:32, 33.

Inkumbu. Erica avuga ati: “Mu muryango iwacu dusanzwe twiyumvanamwo cane, kandi narahagarikwa umutima n’uko inkumbu zogeramiye ubusuku bwanje.” None yakoze iki kugira yitegure? Avuga ati: “Imbere yuko nimuka, narasomye ibiganiro vyo mu Munara w’Inderetsi bivuga ibijanye n’inkumbu. Ivyo vyaramfashije vy’ukuri kwitegurira iyo ngorane. Mu kiganiro kimwe, inabibondo yarasubirije umutima mu nda umukobwa wiwe ko Yehova yomwitwararitse mu kumubwira ati: ‘Yehova arashoboye kukwitwararika kundusha.’ Ayo majambo yarankomeje vy’ukuri.” Hannah n’umunega wiwe Patrick bakorera i Majuro mu Mazinga ya Marshall. Hannah yihanganira inkumbu mu kwitwararika cane benewacu na bashiki bacu bo mw’ishengero barimwo. Avuga ati: “Nama nshimira Yehova ku bw’umuryango wacu w’abavukanyi ukwiye kw’isi yose kubera ko na bo nyene ari umuryango wanje. Iyo batanshigikira babigiranye urukundo, sinari gushobora gukorera ahari inkenero kuruta ahandi.”

Simon

Kurondera abagenzi bashasha. Simon avuga ati: “Igihe ushitse mu kindi gihugu, ibintu nka vyose bikubera bishasha. Birashika ngakumbura uwo twojajura ashobora kuntahura neza.” Erica avuga ati: “Mu ntango, nabona umengo ndi igicibwa. Mugabo ivyo vyaramfashije kuzirikana ku mvo yatumye nimuka. Sinimutse ndondera inyungu zanje, ariko nimutse kugira ndushirize gukorera Yehova.” Yongerako ati: “Nahavuye nironkera abagenzi beza cane, nkaba mbona ko ari ab’agaciro.” Simon yarakoze aratama kugira yige igipalawani, bikaba vyaramufashije ‘kwaguka,’ ni ukuvuga kwugurukira benewacu na bashiki bacu. (2 Kor. 6:13) Utwigoro yagize two kwiga urundi rurimi twatumye abavukanyi bamukunda cane. Egome, igihe abashasha n’abasangwa bakoranye mu bumwe, iyo migwi yompi irahimbarwa no kwironkera abagenzi somambike mw’ishengero. Ni ibindi vyiza ibihe abitanga babikunze kugira bakorere ahari inkenero kuruta ahandi bironkera?

‘BARASHWABURA VYINSHI’

Intumwa Paulo yavuze ati: “Uwubiba vyinshi na we azoshwabura vyinshi.” (2 Kor. 9:6) Ingingo ngenderwako iboneka muri ayo majambo nta gukeka ko yerekeye abagura ubusuku bwabo. None ni ivyiza ibihe ‘bashwabura ari vyinshi’ muri Micronésie?

Patrick na Hannah

Muri Micronésie, haracariho uturyo twinshi two gutanguza inyigisho za Bibiliya no kwibonera ukuntu abantu biga ukuri kwo mw’Ijambo ry’Imana bakagushira mu ngiro, batera imbere mu vy’impwemu. Patrick na Hannah barakoreye kandi i Angaur, akazinga gatoyi kabamwo abantu 320. Haciye amezi abiri bamamazayo, barahuye na inabibondo umwe yireranye umwana. Yaciye yemera kwiga Bibiliya, arakira ukuri abishashaye, maze aragira amahinduka akomeye mu buzima bwiwe. Hannah avuga ati: “Igihe cose twaba duhejeje kwiga, tuvuye iwe turi ku makinga yacu, twararabana tugaca tuvugana akamwemwe duti: ‘Urakoze Yehova!’ ” Yongerako ati: “Ndazi ko Yehova yari gukwegera uwo mugore kuri we mu buryo bumwe canke ubundi, mugabo kubera yuko twakorera ahari inkenero kuruta ahandi, twarashoboye kuronka uwo muntu ameze nk’intama turamufasha kumenya Yehova. Ico ni kimwe mu bintu bihimbaye cane twiboneye mu buzima bwacu bwose!” Nk’uko Erica abivuga, “igihe ufashije umuntu kumenya Yehova, urironkera umunezero utagira uko wovugwa!”

WOBA USHOBORA KUGIRA URUHARA?

Mu bihugu vyinshi harakenewe abamamaji b’Ubwami benshi. Woba ushobora kuba muri abo bimukira mu turere dukeneye gufashwa? Nusabe Yehova mw’isengesho akomeze icipfuzo ufise co kwagura ubusuku bwawe. Nubiganire n’abakurambere bo mw’ishengero, umucungezi w’umuzunguruko canke abatewe agateka ko gukorera mu turere dukeneye gufashwa. Igihe umugambi wawe utanguye gufata intumbero, niwandikire ishami rijejwe icibare wipfuza gukoreramwo maze usabe ayandi makuru. * Hari aho na wewe wokwifatanya na benewacu be na bashiki bacu ibihumbi, harimwo abato n’abakuze, abubatse n’abatubatse, bitanga babikunze maze bakironkera umunezero wo ‘gushwabura vyinshi.’

^ par. 17 Raba ikiganiro kivuga ngo “Woba ushobora ‘kujabuka ukaja i Makedoniya’?” mu Gikorwa dukorera Ubwami co muri Myandagaro 2011.