Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Baritanze babikunze—Muri New York

Baritanze babikunze—Muri New York

MU MYAKA mikeyi iheze, uwitwa Cesar n’umukenyezi wiwe Rocio bari bibereye mu bihinda muri Kaliforniya. Cesar yakora akazi k’imisi yose mu bijanye na vya vyuma bitanga ubushuhe n’ibitanga ubukanye, Rocio na we agakora imisi imwimwe mu biro vy’umudogoteri. Bari bafise inzu yabo kandi nta bana bari bafise. Ariko rero, hari ikintu cahinduye ubuzima bwabo. Uti ni igiki?

Muri Gitugutu 2009, ibiro vy’ishami vyo muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika vyararungikiye ikete amashengero yose yo muri ico gihugu. Iryo kete ryatera akamo abashobora kwitanga bafise ubuhanga ngo basabe kuja gufasha mu gihe gito kuri Beteli mu bikorwa vyo kwagura inyubakwa z’ishami i Wallkill muri New York. Mbere n’abarengeje imyaka abaja gukorera kuri Beteli basabwa kuba bafise, bararemeshejwe kubisaba. Cesar na Rocio bigana bati: “Kubera imyaka dufise, twarabona ko ata kandi karyo nk’ako tworonse ko gukorera kuri Beteli. Emwe, ntitwari kukagisha!” Uwo mugabo n’umugore wiwe baciye ubwo nyene buzuza inkaratasi zo gusaba maze barazirungika.

Bamwe mu bitanze bariko bakorera i Warwick

Cesar na Rocio bararindiriye umwaka urenga bataratumirwa ngo baje gukorera kuri Beteli. Yamara rero, barateye izindi ntambwe mu kworosha ubuzima bwabo kugira bashike ku mugambi wabo. Cesar avuga ati: “Ikibanza twabikamwo umuduga twagihinduyemwo inzu y’icumba kimwe kugira inzu twabamwo tuyipangishe. Twaciye tuva muri iyo nzu iteye igomwe y’imetero kwadarato 200 hari haciye imyaka nk’ingahe twubatse, twimukira muri ako kazu k’imetero kwadarato 25. Ivyo bintu twahinduye vyatumye turushiriza kuba abiteguriye kwitaba akamo ako ari ko kose twotewe ko kuja kuri Beteli.” None vyahavuye bigenda gute? Rocio yigana ati: “Haciye ukwezi kumwe twimukiye muri ako kazu, twarahamagawe ngo tuje i Wallkill turi abakora bavyishakiye b’igihe gito. Twariboneye neza ko mu kworosha ubuzima, twari duhaye Yehova akaryo ko kuduhezagira.”

Jason, Cesar, na William

YEHOVA ARAHEZAGIRA AGATIMA KABO KO KWITANGA

Cokimwe na Cesar be na Rocio, benewacu na bashiki bacu amajana baragize ivyo bahevye kugira ngo bafashe muri ico gikorwa c’ubwubatsi kiriko kibera muri Leta ya New York. Bamwe muri bo bariko bafasha mu bijanye no kwagura inyubakwa i Wallkill, abandi benshi na bo bakaba batewe agateka ko gufasha mu kwubaka icicaro gikuru i Warwick. * Abubakanye benshi barahevye amazu meza, ubuzi bwiza mbere n’incuti bikundira, kugira bakorere Yehova bimwe bishitse. None Yehova yoba yarahezagiye ako gatima ko kwitanga? Cane nyene!

Way

Fata nk’akarorero umuhinga mu vy’umuyagankuba yitwa Way n’umukenyezi wiwe Debra, bompi bakaba bari mu gushikana imyaka 60. Baragurishije inzu yabo yari i Kansas hamwe n’ibintu vyinshi mu vyo bari batunze maze bimukira i Wallkill kugira babe Abanyabeteli bakora bataha. * Naho ivyo vyabasavye kugira ivyo bahinduye mu buzima bwabo, barabona ko utwigoro bagize tutabaye impfagusa. Debra avuga ku bijanye n’igikorwa yashinzwe kuri Beteli ati: “Hari aho numva umengo ndi muri bwa bwubatsi bwo mw’Iparadizo buvugwa mu bisohokayandikiro vyacu!”

Melvin n’umukenyezi wiwe Sharon baragurishije inzu yabo yari muri Karolina y’Epfo be n’ivyo bari batunze kugira bashobore gufasha i Warwick. Naho bitari vyoroshe ko bagira utwo twigoro, babona yuko ari agateka kugira uruhara muri ico gikorwa c’intibagirwa. Bavuga bati: “Umunezero turonka kubera tuzi yuko turiko dukora ibintu vyungura ishirahamwe rikwiye kw’isi yose, nta co twowugereranya.”

Kenneth

Umwubatsi yakukurutse yitwa Kenneth hamwe n’umukenyezi wiwe Maureen bageze mu myaka 55, barimutse bava muri Kaliforniya kugira baje gufasha muri ya shantiye y’i Warwick. Kugira bimuke, basavye mushiki wacu umwe wo mw’ishengero ngo yitwararike inzu yabo, bongera basaba incuti zabo ngo zibafashe kwitwararika se wa Kenneth ageze mu zabukuru. Boba none bicuza kuba baragize utwo twigoro kugira baje gukorera kuri Beteli? Habe namba! Kenneth avuga ati: “Turiko turahungukira cane. Wibaza none ko ata ngorane tugira? Emwe ingorane ntizibuze, mugabo turironkera ivyiza vyinshi mu buzima kandi turahimirije n’abandi ngo baze muri uwu murimo.”

BARATSINDA INTAMBAMYI

Benshi mu bitanze babwirijwe gutsinda intambamyi zimwezimwe. Nk’akarorero uwitwa William n’umukenyezi wiwe Sandra barengeje gatoyi imyaka 60, bari bibereyeho bidibamiye muri Pensilivaniya. Bari bafise uruganda ruteye imbere ruhingura ivyuma vy’amamashini, rukaba rwakoresha abantu 17. Bari mw’ishengero bamyemwo kuva bakiri abana, kandi benshi mu ncuti zabo baba muri ako karere. Igihe rero baronka akaryo ko gukora kuri Beteli i Wallkill bataha, bari bazi ko vyobasavye gusezera abantu nka bose bari bazinanyi be n’ibintu vyose bari bamenyereye. William avuga ati: “Mu vy’ukuri, ingorane nyamukuru twagize kwari ukwimuka tukava aho hantu twibera ata co twinona.” Ariko rero uwo mugabo n’umugore wiwe bamaze gusenga cane, barafashe ingingo yo kwimuka kandi ntibicuza namba. William avuga ati: “Umunezero tugira kubera dukorana imbonankubone n’umuryango wa Beteli nta co twowugereranya. Ubu twe na Sandra turahimbawe kuruta ikindi gihe cose!”

Bamwe mu bubakanye bariko bakorera i Wallkill

Uwitwa Ricky, akaba yari umuhinga mu vyo guhagarikira amashantiye muri Hawayi, yaratumiwe ngo abe Umunyabeteli akora ataha kugira afashe kw’ishantiye y’i Warwick. Umukenyezi wiwe Kendra yaripfuza ko umunega wiwe yemera ubwo butumire. Ariko rero bari bafise imvo yumvikana yo guhagarika umutima, na yo ikaba yari iyijanye n’ubuzima bw’agahungu kabo Jacob k’imyaka 11. Baribajije nimba vyari kuba biranga ubukerebutsi kwimurira umuryango muri Leta ya New York, baribaza kandi nimba agahungu kabo koshoboye kumenyera aho hantu hatandukanye cane n’aho bahora.

Ricky avuga ati: “Kimwe mu vyo twashira imbere kwari ukuronka ishengero ririmwo abakiri bato bahagaze neza mu vy’impwemu. Twashaka ko Jacob aronka abagenzi beza benshi.” Ishengero bahavuye bajamwo ririmwo abana imparurwa mugabo rikabamwo Abanyabeteli benshi. Ricky avuga ati: “Inyuma y’ikoraniro rya mbere twahagiriye, narabajije Jacob ukuntu abona iryo shengero rishasha, na canecane kuba ata bana bangana bahari. Yambariye ngo ‘nta ngorane, papa. Abavukanyi bakiri bato bo muri Beteli ni bo bazombera abagenzi.’”

Jacob n’abavyeyi biwe barahimbawe no kuba bari kumwe n’Abanyabeteli mw’ishengero ryabo

Ukwo nyene ni ko vyagenze. Abanyabeteli bakiri bato barabaye abagenzi ba Jacob. None vyavuyemwo iki? Ricky yigana ati: “Umusi umwe mw’ijoro, naraciye iruhande y’icumba c’ako gahungu kanje, mbona itara riracaka. Nari nzi ko ngira ndamufate ariko arakina agakino ko kuri internet, mugabo yariko yisomera Bibiliya! Ndamubajije ico yariko arakora, yanyishuye ati: ‘Ndiko ngerageza kuba Umunyabeteli akiri muto, nkaba nshaka gusoma Bibiliya yose mu mwaka umwe.’” Uca wumva rero ko Ricky na Kendra batanezerejwe gusa n’uko Ricky ariko arafasha mu bwubatsi i Warwick, ariko kandi baranezerejwe n’uko ukwimuka kwabo kuriko kurafasha agahungu kabo gutera imbere mu vy’impwemuImig. 22:6.

NTIBAHAGARIKA UMUTIMA KU BIJANYE NA KAZOZA

Luis na Dale

Ubwubatsi buriko bubera i Wallkill n’i Warwick amaherezo buzorangira. Abatumiwe ngo baze gufasha barazi rero ko igikorwa barangurira kuri Beteli ari ic’igihe gito. None abo benewacu na bashiki bacu boba bahagarikwa umutima cane n’iyo bazoca baja canke ico bazoca bakora? Uwokubesha! Benshi babona ibintu nk’uko abagabo babiri bahumuye n’abagore babo bo muri Florida babibona. Umuhinga umwe mu vyo guhagarikira ubwubatsi yitwa John be n’umukenyezi wiwe Carmen baritanze ku bw’igihe gito i Warwick. Bavuga bati: “Gushika ubu, twariboneye ukuntu Yehova aturonsa ivyo dukeneye. Turazi neza yuko Yehova atatuzanye ng’aha muri iki gihe ngo mu nyuma azoce aduheba.” (Zab. 119:116) Uwitwa Luis, akaba atunganya ivyuma vyo kuzimya umuriro, hamwe n’umukenyezi wiwe Quenia, bakorera i Wallkill. Bavuga bati: “Turamaze kubona ukuntu ukuboko gutanga cane kwa Yehova kuturonsa ivyo dukeneye mu vy’umubiri. Turizigiye ko azobandanya kutwitwararika naho tutazi ingene azobigenza, igihe azobikora canke aho azobikorera.”Zab. 34:10; 37:25.

“UMUHEZAGIRO GUSHIKA AHO HADASUBIRA KUBAHO UMUKENO”

John na Melvin

Benshi mu bariko barafasha mu gikorwa c’ubwubatsi i New York bari gushobora kuronka imvo zo kutitanga. Ariko rero, baragejeje Yehova nk’uko abidusaba twese ati: “Enda nimungeze . . . murabe ko ntazobagomororera ingomero z’amajuru, nkabacuncuburirako vy’ukuri umuhezagiro gushika aho hadasubira kubaho umukeno.”Mal. 3:10.

Woba nawe uzogeza Yehova maze ukironkera imihezagiro myinshi atanga? Nusuzume ubijanisha n’isengesho ico wokora kugira ugire uruhara mu gikorwa giteye umunezero kiriko kirarangurwa, haba i New York canke ku yandi mashantiye y’ubwubatsi bwa gitewokarasi, maze wibonere ukuntu Yehova aguha impera.Mrk. 10:29, 30.

Gary

Umuhinga mu vy’ubwubatsi yitwa Dale n’umugore wiwe Cathy bo muri Alabama, barashima cane uwo murimo, bakaba baritanze i Wallkill. Bavuga bati: “Niwarya umutima amenyo ukava mu karere wiberamwo ata co winona, uzoronka akaryo ko kubona ukuntu impwemu ya Yehova ikora.” None hakenewe iki kugira witange? Dale avuga ati: “Orosha ubuzima, ubworoshe wongere urushirize kubworosha. Ntuzokwigera wicuza!” Gary wo muri Karolina ya Ruguru, aramaze imyaka 30 akora akazi ko guhagarikira ubwubatsi. We n’umukenyezi wiwe Maureen bavuga ko umwe mu mihezagiro bironkeye i Warwick ari “ukumenyana n’ugukorana na benewacu be na bashiki bacu bimereye neza bamaze imyaka myinshi bakorera Yehova kuri Beteli.” Gary yongerako ati: “Kugira ukorere kuri Beteli, ukeneye kworosha ubuzima, bukaba ari bwo buryo bwiza kuruta ubundi bwose bwo kubaho muri iyi si.” Uwitwa Jason, akaba yakora mu bijanye n’umuyagankuba, hamwe n’umukenyezi wiwe Jennifer bo muri Illinois, bavuga ko gukorera kuri shantiye yo kuri Beteli i Wallkill ari “kimwe mu bintu bituma urushiriza kubona ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha.” Jennifer yongerako ati: “Urarengerwa iyo wiyumviriye ko Yehova ashima ikintu cose ukora be n’uko kizokwama gifise agaciro imbere yiwe. Yehova aritwararika ko uhezagirwa bimwe bitovugwa.”

^ par. 7 Abanyabeteli b’igihe gito bakora bataha barimenya mu bijanye n’uburaro be n’ibibabeshaho, bagakora kuri Beteli umusi umwe mu ndwi canke iyirenga.