Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Bakurambere, mubona gute ivyo kumenyereza abandi?

Bakurambere, mubona gute ivyo kumenyereza abandi?

“Ikintu cose kirafise igihe cashingiwe.”UMUS. 3:1.

1, 2. Ni igiki abacungezi b’imizunguruko bamaze kubona mu mashengero menshi?

UMUCUNGEZI w’umuzunguruko yagira asozere inama yariko agirana n’abagize inama y’abakurambere. Aravye mu maso abo bungere b’abanyamwete, yarumvise abakunze cane, bamwe muri bo bakaba bari bitereye mu myaka ku buryo bari mu bigero vya se wiwe. Ariko rero, hari ikindi kintu camuhagaritse umutima, aca ababaza ati: “Bavukanyi, mwakoze iki kugira mumenyereze abandi ngo baze bashingwe amabanga yiyongereye mw’ishengero?” Baribuka neza ko igihe uwo mucungezi yaheruka kubagendera, yari yabahimirije kwitwararika cane ivyo kumenyereza abandi. Umwe muri bo yahavuye avuga ati: “Tuvugishije ukuri, ni nk’aho ata co twakoze.” Abandi baciye bazunza umutwe mu kwemeza ko ivyo avuze ari ukuri.

2 Nimba uri umukurambere, hari aho wosanga utanze inyishu isa n’iyo. Abacungezi b’imizunguruko bo hirya no hino kw’isi baramaze kubona ko mu mashengero menshi hari vyinshi bikeneye gukorwa kugira abavukanyi bamenyerezwe kwitwararika ubusho, baba abakuze canke abakiri bato. Ariko ivyo ntivyama vyoroshe. Uti kubera iki?

3. (a) Ivyanditswe vyerekana gute ko kumenyereza abandi bihambaye, kandi kubera iki twese dukwiye kwitwararika ico kintu? (Raba akajambo k’epfo.) (b) Kubera iki vyoshobora kugora abakurambere bamwebamwe kumenyereza abandi bavukanyi?

3 Kubera ko uri umwungere, urazi neza yuko kumenyereza abandi bihambaye. * Urazi ko hakenewe abavukanyi biyongereye kugira bafashe amashengero kuguma akomeye mu vy’impwemu kandi batume hashingwa n’ayandi. (Soma Yesaya 60:22.) Urazi kandi ko Ijambo ry’Imana riguhimiriza ‘kwigisha abandi.’ (Soma 2 Timoteyo 2:2.) Naho biri ukwo, vyoshobora kukugora nk’uko vyagoye abo bakurambere bavugwa mu ntangamarara. Umaze kwitwararika ivyo umuryango ukeneye, ivyo ku kazi, amabanga yo mw’ishengero n’ibindi bintu vyihutirwa, uca umengo nta mwanya usigaranye wo kumenyereza abandi mw’ishengero. Kubera rero dufise vyinshi vyo gukora, nimuze turimbure igituma bihambaye ko ufata akanya ko kumenyereza abandi.

KUMENYEREZA ABANDI BIRIHUTIRWA

4. Imvo imwe yoshobora gutuma kumenyereza abandi vyigizwa inyuma ni iyihe?

4 Imvo imwe yoshobora gutuma bigora abakurambere bamwebamwe gutegekanya akanya ko kumenyereza abandi bavukanyi ni iyihe? Kumbure hari uwokwibwira ati: ‘Kumenyereza abandi birahambaye, mugabo ntivyihutirwa cokimwe n’ibindi bibazo vyo mw’ishengero bikeneye kwitwararikwa mu maguru masha. Naho noba ndaretse kumenyereza abandi, ishengero rizobandanya gukora.’ Ni ivy’ukuri ko hari ibibazo vyinshi bisaba ko muvyicarira mudatebaganye, ariko rero igihe mutevye kumenyereza abandi vyoshobora gutuma ishengero rihabonera mu vy’impwemu.

5, 6. Akarorero k’umushoferi be n’ukuntu yitwararika umuduga wiwe katwigisha iki, kandi ivyo bihuriye he no kumenyereza abandi mw’ishengero?

5 Rimbura aka karorero: Umushoferi yoshobora kuba azi ko ategerezwa kwama ahindura amavuta kugira umuduga wiwe ugume ukomeye kandi imoteri igume ikora neza. Mugabo yoshobora kwiyumvira ko ivyo bitihutirwa cokimwe no gushiramwo igitoro. Nkako aretse gushiramwo igitoro, umuduga wiwe ntiwoteba kuzima. Yoshobora kwibwira ati: ‘Nta mwanya mfise wo guhindura amavuta. Imoteri irashobora kumara igihe ikora.’ Mugabo none ingorane yoba iyihe? Hamwe uwo mushoferi yobandanya kwigiza inyuma ivyo kubungabunga imoteri, hazogera igihe umuduga ukwama ubutakivayo. Igihe ivyo bishitse, aca abwirizwa gukoresha umwanya munini n’amahera menshi kugira akoreshe uwo muduga maze usubire kugenda. Ivyo bitwigisha iki?

6 Abakurambere barafise ibikorwa vyinshi bihambaye babwirizwa kwitwararika badatebaganye. Bitagenze gutyo, ishengero ryohabonera. Cokimwe rero na wa mushoferi yiyemeza neza ko umuduga uguma urimwo igitoro, abakurambere bategerezwa “[kwiyemeza] neza ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo.” (Flp. 1:10) Ariko rero, abakurambere bamwebamwe baritwararika cane ibibazo vyihutirwa ku buryo bibagira kumenyereza abandi, tukaba twobigereranya no kwigiza inyuma ivyo kubungabunga imoteri. Mugabo igihe abakurambere bagumye bigiza inyuma ivyo kumenyereza abandi kandi bikenewe, amaherezo ishengero rirabura abavukanyi bakwije ibisabwa kugira bitwararike ibikeneye gukorwa vyose.

7. Dukwiye kubona gute abakurambere bafata akanya ko kumenyereza abandi bavukanyi?

7 Biragaragara rero ko dukwiye kwirinda kwiyumvira yuko kumenyereza abandi bitihutirwa cane. Abakurambere babona kure maze bagafata akanya ko kumenyereza abavukanyi bataraca uruma, ni ababwiriza b’inkerebutsi bakaba n’umuhezagiro kw’ishengero ryose. (Soma 1 Petero 4:10.) None ishengero rihungukira gute?

NUTEGEKANIRIZE KAZOZA

8. (a) Ni ibiki bikwiye gutuma abakurambere bamenyereza abandi? (b) Ni ikintu cihutirwa ikihe abakurambere bakorera aho bikenewe kuruta babwirizwa gukora? (Raba uruzitiro ruvuga ngo “ Igikorwa cihutirwa.”)

8 Mbere n’abakurambere baciye uruma kurusha abandi, bategerezwa kwemera bicishije bugufi yuko uko bagenda bariterera mu myaka ari ko n’ivyo bashoboye gukora mw’ishengero bigenda biragabanuka. (Mika 6:8) Vyongeye, barakwiye kumenya neza yuko “ibihe be n’ibishika giturumbuka” bishobora guhindura bukwi na bukwi ubushobozi bwabo bwo kwitwararika amabanga yo mw’ishengero. (Umus. 9:11, 12; Yak. 4:13, 14) Kubera ko abakurambere bitwararika yuko intama za Yehova zimererwa neza, barihatira kwigisha abavukanyi bakiri bato ivyo bize mu myaka bamaze basukurira Yehova badahemuka.Soma Zaburi 71:17, 18.

9. Ni ikintu ikihe cimirije gituma kumenyereza abandi biba ibihambaye cane?

9 Abakurambere bamenyereza abandi baragirira akamaro kanini ubusho mu bundi buryo. Uti gute? Baratuma ishengero rirushiriza gukomera. Utwigoro abakurambere bagira two kumenyereza abandi turatuma haboneka abavukanyi benshi biteguriye gufasha ishengero kugira rishikame ryongere ryunge ubumwe, atari muri iki gihe gusa ariko canecane no mu bihe bidurumbanye vyo muri ya makuba akomeye yimirije. (Ezk. 38:10-12; Mika 5:5, 6) Ku bw’ivyo rero bakurambere bakundwa, turabinginze ivyo kumenyereza abandi mubishire ku rutonde rw’ivyo mwama mukora muri iki gihe.

10. Umukurambere yokora iki kugira aronke umwanya wo kumenyereza abandi?

10 Mu vy’ukuri turatahura ko umwanya umara uriko uritwararika ibikorwa bihambaye vyo mw’ishengero ushobora gutuma ubona umengo nta wundi usigaranye wo gukora ibindi. Woshobora rero kuba ukeneye gufata kuri uwo mwanya nyene, ukawukoresha mu kumenyereza abandi. (Umus. 3:1) Ubigenjeje gutyo woba utegekanirije kazoza.

NUTEGURE UMUTIMA W’UWUMENYEREZWA

11. (a) Ni igiki gishimishije ku bijanye n’ivyiyumviro vyatanzwe n’abakurambere bo mu bihugu bitandukanye ku vyerekeye kumenyereza abandi? (b) Twisunze ibivugwa mu Migani 15:22, ni kubera iki bihambaye ko turimbura ivyiyumviro abandi bakurambere batanze?

11 Hari abakurambere baroranirwa mu bijanye no gufasha abavukanyi gutera imbere mu vy’impwemu baheruka kubazwa ingene babigenza igihe bamenyereza abandi. * Naho ivy’abo bavukanyi vyari vyifashe ugutandukanye, ivyiyumviro bashikirije birasa. None ivyo vyerekana iki? Vyerekana ko ukumenyerezwa gushingiye kuri Bibiliya kugirira akamaro abamenyerezwa aho bari “hose mw’ishengero iryo ari ryo ryose,” nk’uko vyari biri mu gihe c’intumwa Paulo. (1 Kor. 4:17) Ku bw’ivyo muri iki kiganiro no mu gikurikira, turihweza ivyiyumviro bimwebimwe abo bakurambere bashikirije. (Imig. 15:22) Kugira vyorohe, muri ibi biganiro abafasha abandi tubita “abamenyereza”, abafashwa na bo tubite “abamenyerezwa.”

12. Umumenyereza akwiye gukora iki, kandi kubera iki?

12 Imbere y’uko umumenyereza yigisha ibintu bishasha uwo amenyereza, arakwiye kubanza kumutegura mu mutima, nka kurya nyene umurimyi abanza kworosha ubutaka imbere y’uko abiba imbuto. Ni gute none abamenyereza bategura imitima y’abamenyerezwa? Babigira mu gukoresha uburyo busa n’ubwo umuhanuzi umwe wa kera yakoresheje. None ubwo buryo ni ubuhe?

13-15. (a) Ni igikorwa ikihe Samweli yashinzwe? (b) Samweli yaranguye gute ico gikorwa? (Raba ishusho itangura.) (c) Kubera iki iyo nkuru yo muri Bibiliya ari ngirakamaro cane ku bakurambere muri iki gihe?

13 Igihe kimwe, hakaba haciye imyaka irenga 3.000, Yehova yabwiye umuhanuzi Samweli ageze mu zabukuru, ati: “Ejo nk’aya mango nzokurungikira umuntu wo mu gihugu ca Benyamini; uze umurobanuze amavuta abe indongozi y’abantu banje Isirayeli.” (1 Sam. 9:15, 16) Samweli yaratahuye yuko uruhara rwiwe rwo kuba indongozi rwari rugiye kurangira be n’uko Yehova yari yamugenye ngo arobanuze amavuta uwomusubiriye. Samweli ategerezwa kuba yaribajije ati: ‘Notegura gute uwo mugabo ku bw’ico gikorwa?’ Yarabonye ukuntu yobigenza aca arategura ingene azobigira.

14 Bukeye Samweli yarabonye Sauli, Yehova aca abwira uwo muhanuzi ati: “Ng’uyo wa muntu.” Samweli yaciye ashira mu ngiro ivyo yari yategekanije. Yaratumiye Sauli ngo aze basangire mu cumba c’uburiro. Yarahaye Sauli n’umusuku wiwe ibibanza vyizavyiza vyo kwicaramwo, abazimana inyama nzizanziza, maze avuga ati: “Nurye, kuko cabikiwe wewe ku bw’iki gihe cashinzwe.” Mu nyuma, Samweli na Sauli baciye bamanuka ku nzu y’uwo muhanuzi, bagenda baraganira. Kubera ko gusangira izo mfungurwa ziryoshe be n’ukwo gutemberana vyari vyatumye haba akayaga keza, Samweli ntiyashaka kugisha ako karyo. Yaciye rero asaba Sauli ngo bajane hejuru ku nzu yiwe. Muri ako kayaga gapfutse ko ku mugoroba, Samweli “[yarabandanije] kuyagira na Sauli hejuru ku nzu” gushika bagiye kuryama. Bukeye, Samweli yaciye arobanuza amavuta Sauli, aramusoma yongera aramuha ubundi buyobozi. Mu nyuma yararungitse Sauli, agenda yiteguriye ivyari gushika.1 Sam. 9:17-27; 10:1.

15 Ego ni ko kurobanura umuntu ngo ayobore ihanga si cokimwe no kumenyereza umuvukanyi ngo abe umukurambere canke umukozi w’ishengero. Naho ari ukwo, hari ivyigwa ngirakamaro bitari bike abakurambere bo muri iki gihe bashobora kwigira kuri ubwo buryo Samweli yakoresheje. Nimuze turimbure bibiri muri vyo.

NUBE UMUMENYEREZA N’UMUGENZI NYAKURI

16. (a) Samweli yavyakiriye gute igihe Isirayeli yasaba umwami? (b) Igihe Samweli yarangura igikorwa yashinzwe co kurobanuza amavuta Sauli, yabigiranye agatima akahe?

16 Nubikore ubikunze, utagonanwa. Igihe Samweli yatangura kwumva yuko Abisirayeli bipfuza umwami w’umuntu, yaravunitse umutima yongera abona ko igisata ciwe kimwanse. (1 Sam. 8:4-8) Nkako, yabanje kugonanwa gukora ivyo abo bantu bari bamusavye gushika n’aho biba ngombwa ko Yehova amubwira incuro zitatu ngo abumvirize. (1 Sam. 8:7, 9, 22) Naho vyagenze ukwo, Samweli ntiyaretse ngo ishavu n’inzika afitiye uyo muntu yomusubiriye bishinge imizi mu mutima wiwe. Igihe Yehova yabwira uwo muhanuzi ngo arobanuze amavuta Sauli, ntiyagonanywe ngo agamburuke nk’uguheza umwuga, mugabo yabigize abikunze kandi abitumwe n’urukundo.

17. Abakurambere bo muri iki gihe bigana gute agatima Samweli yagaragaje, kandi ni gute ivyo bituma bagira umunezero?

17 Cokimwe na Samweli, abakurambere bazi utuntu n’utundi muri iki gihe baragaragariza agatima keza abo bamenyereza. (1 Pet. 5:2) Abo bakurambere ntibareka kumenyereza abandi bavukanyi, batinya ko bazohava babasubirira mu mabanga amwamwe yo mw’ishengero. Abamenyereza b’umutima mwiza ntibabona abashashaye kumenyerezwa nk’abo bahiganwa, ahubwo bababona nk’“abakozi bagenzi ba[bo],” bakababona nk’ingabirano z’agaciro ishengero rifise. (2 Kor. 1:24; Heb. 13:16) Vyongeye, ntiworaba ukuntu abo bamenyereza b’umutima uzira ubwikunzi bagira umunezero mwinshi iyo biboneye ingene abo bamenyereje bakoresha ubushobozi bwabo ku bw’ineza y’ishengero!Ivyak. 20:35.

18, 19. Umukurambere ashobora gute gutegura umutima w’uwo yipfuza kumenyereza, kandi ni kubera iki bihambaye cane ko abigenza gutyo?

18 Nube umugenzi aho kuba umumenyereza gusa. Igihe Samweli yahura na Sauli, uwo muhanuzi yari gushobora guca afata icupa ry’amavuta akayasuka ubwo nyene ku mutwe wa Sauli maze agaca arungika uwo mwami mushasha. Yari kuba arobanujwe amavuta vy’ukuri mugabo atateguwe na gato. Aho kubigenza gutyo, Samweli yarafashe akanya ko gutegura umutima wa Sauli intambwe ku yindi abigiranye umutima mwiza. Bamaze gusangira ibifungurwa biryoshe, gutemberana, gutera ryarenga no kuruhuka neza, ni ho uwo muhanuzi yabonye ko cari igihe ciza co kurobanuza amavuta Sauli.

Kugira umenyereze abandi ukwiye kubanza kubagira abagenzi (Raba ingingo ya 18, 19)

19 No muri iki gihe nyene, imbere y’uko umumenyereza atangura kumenyereza umuntu, akwiye kubanza gufata akanya ko kugiranira na we ubugenzi. Ivyo umukurambere yokora kugira agiranire n’uwo amenyereza ubugenzi buranga igishika, hari ukuntu usanga bitandukanye bivanye n’uko ivyabo vyifashe be n’imico kama y’aho baba. Yamara rero naho woba uba hehe, nimba uri umukurambere afise vyinshi akora mugabo ukamarana umwanya n’uwo wipfuza kumenyereza, ni nk’aho uba uriko uramubwira uti: “Ndabona ko uri n’agaciro cane.” (Soma Abaroma 12:10.) Naho utokwirirwa urabivuga, nta gukeka ko uwumenyerezwa afise umutima ukunze azobibona kandi akabiha agaciro cane, aho yoba aba hose.

20, 21. (a) Umumenyereza abishoboye abigenza gute? (b) Ni ibiki tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira?

20 Bakurambere, ntimwibagire ko umumenyereza abishoboye ari uwukunda kumenyereza, mugabo kandi agakunda n’umuntu amenyereza. (Gereranya na Yohani 5:20.) Uwumenyerezwa ntateba kubona ico kintu gihambaye kiranga umumenyereza, kandi ivyo biramufasha kwakira neza ukumenyerezwa aronswa. Ku bw’ivyo rero bakurambere bakundwa, igihe muriko muramenyereza abandi, ntimubabere abamenyereza gusa, ariko kandi mubabere n’abagenzi.Imig. 17:17; Yoh. 15:15.

21 Igihe umukurambere amaze gutegura umutima w’uwo amenyereza, arashobora rero kumwigisha ubuhanga akeneye. None ni uburyo ubuhe uwo mukurambere yokoresha? Ivyo ni vyo tuzokwihweza mu kiganiro gikurikira.

^ par. 3 Iki kiganiro n’igikurikira, vyerekeye canecane abakurambere, ariko abo mw’ishengero bose barakwiye kwitwararika ibivugwamwo. Uti kubera iki? Biraremesha abavukanyi bose kubona ko bakeneye kumenyerezwa kugira ngo basahirize abandi mu bikorwa vyo mw’ishengero. Igihe ivyo bigizwe, bose barahungukira.

^ par. 11 Abo bakurambere baturuka muri ibi bihugu: Afrika y’Epfo, Bangladeshi, Brezile, Guyane, Koreya, Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Megizike, Namibiya, Nijeriya, Ostraliya, Réunion, Ububiligi, Ubufaransa, Uburusiya n’Ubuyapani.