Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

Nashaka kurwanya akarenganyo n’ubugizi bwa nabi

Nashaka kurwanya akarenganyo n’ubugizi bwa nabi
  • YAVUTSE MU: 1960

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: LIBANI

  • IVYO YACIYEMWO: UMUHINGA MU VYO KURWANISHA AMAGURU N’AMABOKO

KAHISE KANJE:

Nakuriye i Rmaysh, hafi y’umupaka wa Israyeli na Libani, mu kiringo c’intambara y’abanyagihugu. Ndacibuka neza amamine batega mu kuzimu yaturika agahitana abantu ata co bazira, bagacika amaguru n’amaboko. Ubuzima bwari bugoye kandi ubugizi bwa nabi n’ubukazi vyari vyabaye ndanse.

Umuryango wacu wari mw’idini ry’abamaronite, rikaba ari rimwe mu madini ya Gatolika yo muri Aziya. Dawe yama akora agatama kugira aronke ibitunga umuryango wacu wari ugizwe n’abantu 12. Mawe wewe yitwararika kudutwara gusenga. Nahavuye ntangura kubona ko idini, cokimwe n’ikibano muri rusangi, ritafasha abantu batobato.

Ngeze mu buyabaga, naratanguye gukunda ubuhinga bwo kurwanisha amaguru n’amaboko bita kung fu. Naragize imyimenyerezo ikomeye maze ndaba umuhanga mu gutera igipfunsi n’imigere no mu gukoresha ibirwanisho bakoresha muri ubwo buhinga bwo kurwana. Nibwira nti: ‘Sinshobora guhagarika intambara, ariko ndashobora guhagarika n’imiburiburi abarondera kugirira nabi abandi.’ Igihe cose naba mbonye abantu bariko bararwana, ubwo nyene naca ngira ico nkoze. Nari nsanzwe ndi umuntu ashavura ningoga. Ukwo kuntu nashaka kurwanya akarenganyo n’ubugizi bwa nabi, vyatuma hose mu bumanuko bwa Libani, abantu bantinya.

Mu 1980, naciye nifatanya n’umugwi wa kung fu i Beyrouth. Amabombe n’ibindi bisasu vyaraturika buri musi, ariko ntivyambuza kuja kwimenyereza. Nta kindi nakora mu buzima atari kurya, kuryama no kubaho nk’Umushinwa yitwa Bruce Lee yavukiye muri Amerika yakina amasenema akaba na karuhariwe mu vya kung fu. Nariganye ukuntu yatunganya imishatsi, ukuntu yatambuka be n’ukuntu yakoma akaruru ariko ararwana. Sinigera ntwenga.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Intumbero yanje yari iyo kuba karuhariwe muri kung fu mu Bushinwa. Igihe kimwe ku mugoroba, ndiko ndimenyereza cane mu kwitegurira urugendo rwo kuja mu Bushinwa, narumvise umuntu adodoye ku rugi. Yari umugenzi aje azananye n’Ivyabona vya Yehova babiri. Nari nambaye impuzu zirabura zo kwimenyerezamwo, icuya kijejeta. Nababwiye nti: “Nta co nzi ku vyerekeye Bibiliya.” Sinari nzi ko guhera ico gihe ubuzima bwanje bwari bugiye guhinduka.

Ivyo Vyabona vya Yehova baranyeretse muri Bibiliya igituma abantu ubwabo batokwigera bashobora gukuraho buhere akarenganyo n’ubugizi bwa nabi. Baransiguriye ko Shetani ari we mu vy’ukuri atuma haba izo ngorane. (Ivyahishuwe 12:12) Narakozwe ku mutima n’ukuntu bari abantu batekanye kandi bafise amahoro. Narakozwe kandi ku mutima igihe banyigisha yuko Imana ifise izina. (Zaburi 83:18) Baranyeretse no muri 1 Timoteyo 4:8, ahagira hati: “Kumenyereza umubiri bigira akamaro kuri bike; mugabo ukwihebera Imana kugira akamaro kuri vyinshi, kuko gutekeye umuhango w’ubuzima bw’ubu n’ubuzoza.” Ayo majambo yaragize ikintu gikomeye ahinduye ku buzima bwanje.

Ikibabaje ni uko ntasubiye kubonana na bo kuko abo muhira bababujije kugaruka. Naho vyari ukwo, narafashe ingingo yo guhagarika kung fu no gutangura kwiga Bibiliya. Abo tuvukana ntibashimye iyo ngingo, yamara nari niyemeje gusubira kurondera Ivyabona vya Yehova kugira banyigishe Bibiliya.

Narabandanije kubarondera mugabo sinabaronka. Muri ico gihe nyene, narababajwe cane n’urupfu rwa giturumbuka rwahitanye dawe n’ibindi vyago vyadushikiye mu muryango. Umusi umwe umukozi twakorana mw’ishirahamwe rikora ivy’ubwubatsi yarampagaritse maze arambaza igituma nsa n’uwubabaye. Yaciye atangura kumbwira ivyerekeye icizigiro c’izuka Bibiliya itanga. Mu mezi icenda yakurikiye, ico Cabona akundana kandi w’umutima mwiza yaranyigishije Bibiliya abigiranye ukwihangana.

Uko inyigisho yatera imbere, naratanguye kubona ko nkeneye kugira amahinduka akomeye muri kamere yanje. Ntivyari vyoroshe. Nari inkomwahato. Bibiliya yaranyigishije gucungera ishavu no kudashavuzwa n’akantu ako ari ko kose. Nk’akarorero muri Matayo 5:44 hari impanuro Yezu yatanze igira iti: “Mubandanye gukunda abansi banyu no gusabira ababahama.” Mu Baroma 12:19 na ho hatugabisha hati: “Ntimwihore, . . . kuko vyanditswe ngo: ‘Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga.’” Ivyo vyanditswe be n’ibindi vyaramfashije, buhorobuhoro ngenda ndagira amahoro muri jewe.

IVYIZA NAHAKUYE:

Naho mu ntango abo muhira barwanije ingingo nafashe yo kwiga Bibiliya, bahavuye bubaha Ivyabona vya Yehova. Nkako, umwe muri bene wacu yarifatanije nanje mu gusenga Yehova. Mawe na we yaraburanira ivyo twemera igihe yaba ariko arayaga n’abandi. Yarinze apfa atuburanira.

Vyongeye nararonse umukenyezi ameze neza w’intahemuka yitwa Anita. Turafadikanya mu gikorwa co kumara umwanya munini twamamaza inkuru nziza. Kuva mu 2000, jewe na Anita twarimukiye mu gisagara ca Eskilstuna muri Suwede, aho dufasha kwigisha Bibiliya abantu bavuga icarabu.

Ndacababazwa n’abantu bagirirwa nabi. Ariko kuba ntahura igituma ivyo bishika be n’uko Imana vuba igiye kubihagurukira, biratuma vy’ukuri ngira umunezero n’amahoro.Zaburi 37:29.

Jewe n’umukenyezi wanje turahimbarwa no kubwira abandi inkuru nziza. Biraduhimbara kubigisha ivyerekeye Yehova