Ja ku birimwo

Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Ubwami bw’Imana bwoba buri mu mutima wawe?

Inyishu Bibiliya itanga

 Oya, Ubwami bw’Imana ntiburi mu mutima w’umukirisu. a Bibiliya irerekana neza aho buri mu kubwita “ubgami bgo mw ijuru.” (Matayo 4:​17, Bibiliya Yera) Rimbura ingene Bibiliya yerekana ko ubwo bwami ari intwaro nyakuri iganza iri mw’ijuru.

 Bibiliya ntiyigisha ko Ubwami bwo mw’ijuru buri mu mutima wawe nk’aho bwoba buganza buri mu mutima w’umuntu. Ariko rero, irerekana ko “ijambo ry’ubwami” canke “inkuru nziza y’ubwami” bishobora kandi bikwiye kugira ico bikoze ku mitima yacu.​—Matayo 13:19; 24:14.

Amajambo ngo “ubgami bg’Imana buri muri mwebge” asobanura iki?

 Ukuntu Bibiliya zimwezimwe zihindura amajambo ari muri Luka 17:21 kwatumye bamwebamwe bazazanirwa ku bijanye n’aho Ubwami bw’Imana buri. Nk’akarorero, Bibiliya Yera ivuga ngo “ubgami bg’Imana buri muri mwebge.” Kugira dutahure uwo murongo neza, dutegerezwa kwihweza uko ibintu vyari vyifashe igihe ayo majambo yavugwa.

Ubwami bw’Imana ntibwari mu mitima y’abansi ba Yezu b’intagondwa kandi b’abicanyi

 Yezu yariko avugana n’Abafarizayo, ukaba wari umugwi w’abakuru b’idini bamurwanya kandi bagize uruhara mu mugambi wo kumwicisha. (Matayo 12:14; Luka 17:20) Wumva vyoba vyumvikana kwiyumvira yuko ubwo Bami bwari mu mitima yabo idadaraye? Yezu yababwiye ati: “Imbere mwuzuye ubwiyorobetsi n’ubugarariji.”​—Matayo 23:27, 28.

 Izindi Bibiliya ziratomora neza amajambo ya Yezu dusanga muri Luka 17:21, ziti: “Ubwami bw’Imana buri kumwe namwe ng’aha.” (Ni twe dushimitse; Contemporary English Version) “Ubwami bw’Imana buri hagati yanyu.” (Bibiliya y’isi nshasha) Ubwami bwo mw’ijuru bwari “kumwe” n’Abafarizayo canke “hagati” yabo kubera yuko Yezu uwo Imana yatoye ngo azobe Umwami, yari imbere yabo.​—Luka 1:​32, 33.

a Amadini menshi y’abitwa abakirisu yigisha ko Ubwami bw’Imana buri mu muntu, canke mu mutima wiwe. Nk’akarorero, igitabu kimwe c’abagatolika (The Catholic Encyclopedia) kivuga giti: “Ubwami bw’Imana busigura . . . uburyo Imana itegeka mu mitima yacu.” Mu gitabu ciwe citwa Yezu w’i Nazareti, Papa Benedigito wa 16 na we yavuze ko “Ubwami bw’Imana buza biciye ku mutima ugamburuka.”