Ja ku birimwo

INSOBANURO Y’IMIRONGO YO MURI BIBILIYA

Abaroma 12:12: “Munezerwe mu cizigiro. Mwihangane mu makuba. Mushishikare gusenga”

Abaroma 12:12: “Munezerwe mu cizigiro. Mwihangane mu makuba. Mushishikare gusenga”

 “Munezerwe mu cizigiro. Mwihangane mu makuba. Mushishikare gusenga.”​—Abaroma 12:12, Bibiliya y’Isi nshasha.

 “Munezerwe kwizigira ibizoba; mwihanganire amagorwa; mushishikare gusenga.”​—Abaroma 12:12, Bibiliya Yera.

Ico mu Baroma 12:12 hasobanura

 Muri uyu murongo, intumwa Paulo araremesha abakirisu b’i Roma gukora ibintu bitatu vyobafasha kuguma ari intahemuka naho boshikirwa n’uruhamo canke izindi ngorane.

 “Munezerwe mu cizigiro.” Abakirisu barafise icizigiro kidasanzwe co kubaho ibihe bidahera, bamwe mw’ijuru abandi kw’isi y’iparadizo. (Zaburi 37:29; Yohani 3:16; Ivyahishuwe 14:1-4; 21:3, 4) Ico cizigiro kirimwo kwibonera ingene Ubwami bw’Imana a buzotorera umuti ingorane zugarije abantu. (Daniyeli 2:44; Matayo 6:10) Abasavyi b’Imana barashobora kuguma banezerewe mbere n’igihe bari mu ngorane, kubera bajijutse yuko ivyo bizigiye bizoranguka ata kabuza be n’uko bagumye bihanganye bituma Imana ibashima.​—Matayo 5:11, 12; Abaroma 5:3-5.

 “Mwihangane mu makuba.” Muri Bibiliya, irivuga “kwihangana” mu kigiriki akenshi rikoreshwa bashaka kuvuga “kudahunga, kwumirako, kuguma ushikamye.” Kubera ko abayoboke ba Kristu “atari ab’isi,” b baritega guhamwa akaba ari co gituma bakeneye kwihangana. (Yohani 15:18-20; 2 Timoteyo 3:12) Igihe umukirisu agumye akorera Imana ari intahemuka naho yoba ariko arashikirwa n’ingorane, ararushiriza kwizigira ko Imana izobimuhembera. (Matayo 24:13) Ivyo bituma ashobora kwihanganira ibigeragezo yiyumanganije kandi anezerewe.​—Abakolosayi 1:11.

 “Mushishikare gusenga.” Kugira abakirisu bagume ari intahemuka, bama bibutswa kuguma basenga. (Luka 11:9; 18:1) Bama barondera ko Imana ibayobora kandi bakayihekako mu vyo bakora vyose. (Abakolosayi 4:2; 1 Abatesalonika 5:17) Barazi neza ko Imana izokwishura amasengesho yabo kubera ko bagamburuka amategeko ibaha bakongera bagakora ivyo bashoboye vyose kugira bayinezereze. (1 Yohani 3:22; 5:14) Barazi kandi ko bashishikaye gusenga, Imana izobaha inkomezi bakeneye kugira bagume bari intahemuka mu kigeragezo cose cobashikira.​—Abafilipi 4:13.

Amakikuro yo mu Baroma 12:12

 Paulo yandikiye iri kete abakirisu baba i Roma nko mu 56 inyuma ya Kristu. Mu kigabane ca 12 c’iri kete, yaratanze impanuro ngirakamaro zijanye n’ingene twogaragaza kamere zishimwa n’Imana, ukuntu twofata abo dusangiye ukwizera be n’abandi hamwe n’ingene twozigama amahoro igihe bariko baraduhama. (Abaroma 12:9-21) Abakirisu b’i Roma baronse iyo mpanuro hageze kubera ko bari bagiye gushikirwa n’uruhamo rukaze.

 Inyuma y’imyaka mikeyi, mu 64 inyuma ya Kristu, i Roma harateye umuriro ukaze urahayigiza. Hari urukurukuru rwakwiragiye rwavuga yuko Umwami w’abami Nero ari we yari yawuteje. Umutohozakahise w’Umuroma Tacitus avuga ko Nero yageregeje kwisigura mu guta amakosa ku bakirisu. Ivyo vyatumye abakirisu bahamwa bimwe bikaze. Impanuro Paulo yabahaye ijanye n’ingene bokwihanganira uruhamo yarabafashije kuguma ari abizigirwa no kugumana iteka bari bafise muri ivyo bihe bigoye barimwo. (1 Abatesalonika 5:15; 1 Petero 3:9) Birabereye ko abakirisu muri iki gihe bigana ako karorero kabo.

 Nurabe aka kavidewo kugira umenye incamake y’igitabu c’Abaroma.

a Ubwami bw’Imana ni intwaro iri mw’ijuru yashinzwe n’Imana kugira izoshitse umugambi ifitiye isi. Kugira umenye n’ibindi, raba ikiganiro kivuga ngo “Ubwami bw’Imana ni iki?

b Muri Bibiliya, ijambo “isi” rirashobora kwerekeza ku bantu batagamburukira Imana.