Ja ku birimwo

Ivyabona vya Yehova boba ari Abaporoti?

Ivyabona vya Yehova boba ari Abaporoti?

 Oya. Twebwe Ivyabona vya Yehova turi abakirisu, ariko ntituri abaporoti. Uti kubera iki?

 Idini ry’abaporoti vyasiguwe ko ari “umurwi w’ivy’idini urwanya Ekleziya Gatolika.” Naho twebwe Ivyabona vya Yehova tutemera inyigisho za Ekleziya Gatolika, ntituri abaporoti kubera izi mvo zikurikira:

  1.   Inyigisho zitari nke z’abaporoti zirateye kubiri n’ivyo Bibiliya yigisha vy’ukuri. Nk’akarorero, Bibiliya yigisha ko “hari Imana imwe,” ntiyigisha Ubutatu. (1 Timoteyo 2:5; Yohani 14:28) N’ikindi kandi, irigisha mu buryo butomoye ko Imana itazohanisha abanyakibi umuriro udahera, ahubwo ko izobatikiza ubutakigaruka.​—Zaburi 37:9; 2 Abatesalonika 1:9.

  2.   Ntiturwanya idini rya Gatolika canke ngo tugerageze kugira ivyo turyohoye muri ryo, eka kandi ntitubigira no ku rindi dini iryo ari ryo ryose. Ahubwo nyabuna, turamamaza gusa inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana, tukihatira gufasha abandi kwizera iyo nkuru nziza. (Matayo 24:14; 28:19, 20) Ikituraje ishinga si ukugerageza kugira ivyo duhinduye mu yandi madini, ahubwo ni kwigisha abantu b’imitima nziraburyarya ukuri kwerekeye Imana be n’Ijambo ryayo Bibiliya.​—Abakolosayi 1:​9, 10; 2 Timoteyo 2:​24, 25.