Yobu 28:1-28

  • Yobu ahushanya ubukerebutsi n’ubutunzi bwo kw’isi (1-28)

    • Utwigoro abantu bagira mu kurondera ubutare (1-11)

    • Ubukerebutsi burarusha agaciro imaragarita (18)

    • Gutinya Yehova ni bwo bukerebutsi nyakuri (28)

28  Hariho ikibanza bacukuramwo ifeza,hakabaho n’ikibanza batyororeramwo inzahabu+.   Ubutare bw’icuma babukura mw’ivu,umujumpu na wo ukava mu mabuye bashongesheje+.   Abantu baracokera mu mwiza,bagacukura mu mwiza w’umuzitanyabarondera ubutare*.   Barimba ibinogo kure y’aho abantu baba,ahantu hibagiwe, kure y’aho abantu baca.Bamwebamwe bamanukayo benena ku migozi.   Ibifungurwa bimera hejuru kw’isi,ariko munsi yayo harabiragira nk’ahabiragizwa n’umuriro*.   Amabuye yaho arimwo safiro,ivu ryaho na ryo ririmwo inzahabu.   Iyo nzira nta gisiga na kimwe kiyizi,n’ikinyamwanira cirabura nticigeze kiyibona.   Ibikoko bikaze ntivyigeze biyihonyoramwo,mbere n’intambwe ntiyigeze iyicamwo.   Abantu bamenagura ibitandara vy’isare n’amaboko,imisozi bakayirandurana n’imishinge yayo. 10  Baca imiserege y’amazi+ mu bitandara.Nta buye ry’agaciro na rimwe batabona. 11  Bagomera amasoko y’inzuzi,bagashira ahabona ivyari binyegejwe. 12  Ariko ubukerebutsi ga yemwe, umuntu yobukura he+?Ni hehe hari isoko ry’ugutegera+? 13  Nta muntu n’umwe azi agaciro kabwo+,kandi ntibuboneka mu gihugu c’abazima. 14  Amazi y’ibenga yavuze ati: “Ntiburi muri jewe!” Ikiyaga na co giti: “Ntiburi iwanje+!” 15  Inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura,kandi nta wobukaba ifeza naho zoba zingana iki+. 16  Inzahabu z’i Ofiri+ ntizobugura,eka n’amabuye yitwa onigisi na safiro ntiyobugura. 17  Ntibwogereranywa n’inzahabu be n’ikiyo,kandi nta wobukaba igikoresho c’inzahabu nzizanziza*+. 18  Ibuye ryitwa korali n’iryitwa kirisitalo yoyo ntiyovugwa+,kuko isaho yuzuye ubukerebutsi irusha agaciro iyuzuye imaragarita*. 19  Ntibwogereranywa n’ibuye ry’i Kushi ryitwa topazi+,kandi n’inzahabu itavanze ntiyoshobora kubugura. 20  None ubukerebutsi buva he?Isoko ry’ugutegera riri hehe+? 21  Bwarahishijwe amaso yose y’abantu n’ay’ibikoko+,bunyegezwa n’inyoni zose zo mu kirere. 22  Ukuzimu* n’urupfu vyavuze biti:“Inkuru yabwo twayumvise ku matwi gusa!” 23  Imana ni yo izi inzira ija iyo buri.Ni yo yonyene izi aho buba+, 24  kuko yitegereza gushika no ku mpera y’isi,ikabona ibintu vyose biri munsi y’ijuru+. 25  Igihe yaha inguvu* umuyaga+,igapima ingene amazi yose angana+, 26  igihe yashingira imvura amategeko+,igacira inzira ibicu vy’imvura n’umuturagaro+, 27  ni ho yabona ubukerebutsi yongera irabusigura.Yarabushinze yongera irabusuzuma. 28  Iraheza ibwira umuntu iti: “Raba, ugutinya Yehova ni bwo bukerebutsi+,kandi uguca kure ikibi ni kwo gutegera+.”»

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amabuye.»
Hashobora kuba herekeza ku bikorwa bijanye no gucukura ubutare.
Canke «ityoroye.»
Ni utubuye tw’agaciro tumeze nk’utudede twiremarema mu dukoko tumwetumwe two mu mazi, nk’ibifyera n’ibindi.
Mu giheburayo havuga ngo «agatikizo.»
Mu giheburayo havuga ngo «uburemere.»