Yobu 34:1-37

  • Elihu aburanira ubutungane bw’Imana n’inzira zayo (1-37)

    • Yobu avuga ko Imana yanse kumutunganiriza (5)

    • «Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha» (10)

    • Yobu avuga ivyo atazi (35)

34  Elihu abandanya kwishura ati:   «Umviriza amajambo yanje, yemwe bantu b’inkerebutsi.Nimunyumve mwe muzi ibintu vyinshi.   Kuko ugutwi gusuzuma amajambonka kurya ururimi* ruhonja ibifungurwa.   Reka twisuzumire ikigororotse ico ari co,twihitiremwo iciza ico ari co.   Kuko Yobu avuga ngo: “Ndi mu kuri+,ariko Imana yaranse kuntunganiriza+.   Mbega nobesha ku bijanye n’urubanza nkwiriye? Naho ata kosa mfise, igikomere canje ntigikira+.”   Ni nde muntu ameze nka Yobu,agotomera agahemo nk’amazi?   Ari mu nzira yo kwifatanya n’inkozi z’ikibi,ari hafi yo kugendana n’ababisha+.   Kuko avuga ngo: “Nta co bimariye umuntukugerageza guhimbara Imana+.” 10  Nimunyumvirize rero, yemwe bantu muri n’ugutegera*: Kirazira ko Imana y’ukuri ikora ivy’ububisha+,ko Mushoboravyose yokora ikibi+! 11  Kuko izohemba umuntu yisunze ivyo akora+,igatuma ashikirwa n’ingaruka z’ingeso ziwe. 12  Ni ukuri, Imana ntikora ivy’ububisha+.Mushoboravyose ntagoreka urubanza+. 13  Ni nde yayihaye gutwara isi,akayigena ngo iganze isi yose*? 14  Hamwe yoshira umutima ku bantu,ikisubizako impwemu yabo be n’impemu bahema+, 15  abantu bose boca bapfira rimwe,bose boca basubira mu mukungugu+. 16  Nimba rero ufise ugutegera, nunyumvirize.Nutege ugutwi ivyo ndakubwira. 17  Mbega umuntu yanka ubutungane yoba akwiye kuganza?Canke wocira urubanza rubi umunyabubasha agororotse? 18  Mbega wobwira umwami ngo: “Nta co umaze”, canke abanyacubahiro ngo: “Muri ababisha+”? 19  Hariho uwutagirira nkunzi abaganwa,ntagirire ubutoni umutunzi ngo amurutishe umukene*+,kuko bose ari igikorwa c’amaboko yiwe+. 20  Boshobora gupfa giturumbuka+, hagati mw’ijoro+.Barajugumira cane maze bagacikana.Mbere n’abanyabubasha barakurwaho, ariko bidakozwe n’amaboko y’abantu+. 21  Kuko amaso y’Imana yitegereza inzira z’umuntu+,kandi irabona intambuko ziwe zose. 22  Nta mwiza canke igitutu cijimye bihari,aho abagizi ba nabi bashobora kwinyegeza+. 23  Kuko Imana itashingiye umuntu igiheco kurenguka mu rubanza imbere yayo. 24  Ivunagura abanyabubasha itarinze kugira amatohoza,maze igashira abandi mu bibanza vyabo+. 25  Kuko izi ivyo bakora+.Irabatembagaza mw’ijoro, bakamenagurika+. 26  Irabakubita kubera ububisha bwabo,ikabakubitira aho abantu bose babona+, 27  kuko bahevye kuyikurikira+kandi ntibiteho inzira zayo+. 28  Batuma umukene ayitabaza ariko ararira,ku buryo yumva amarira y’abatagira gitabara+. 29  Mbega Imana ihisemwo kwihorera, ni nde yoyicira urubanza? Ni nde yoyibona iramutse ihishije mu maso hayo? Yaba ihahishije umuntu canke ihanga ryose, vyose ni cokimwe. 30  Ntiyemera ko umuntu atubaha Imana* aganza+canke ngo atege imitego abantu. 31  None hari uwokwubahuka kubwira Imana ngo:“Ndiko ndahanwa naho ata kosa nakoze+. 32  Nunyereke ivyo bintu nakoze sindabimenye.Nimba hari ikibi nakoze, sinzogisubira”? 33  Mbega yogushumbusha uko ushatse ngo ni uko wanse urubanza rwayo? Aho ni wewe wihitiramwo, si jewe. Ubu rero mbwira nawe ivyo uzi. 34  Abantu bose bafise ugutegera banyumva,mbere umuntu wese afise ubwenge anyumva, yovuga ati: 35  “Yobu avuga ivyo atazi+,kandi amajambo yiwe nta bwenge* arimwo.” 36  Yobu nagezwe* gushika kw’iherezokuko yishura nk’abantu b’ababisha. 37  Igicumuro ciwe acongerako ukugarariza+.Akubita urushi ku rundi n’agasuzuguro imbere yacu,akavuga amajambo menshi yo kwagiriza Imana y’ukuri+

Utujambo tw'epfo

Mu giheburayo havuga ngo «amagage.»
Mu giheburayo havuga ngo «umutima.»
Canke «isi ibako abantu.»
Canke «uwuhambaye ngo amurutishe uwuciye bugufi.»
Canke «umuntu w’umuhuni.» Raba Insiguro y’amajambo (Ubuhuni).
Canke «nta gutahura kwimbitse.»
Hashobora kandi kuvugwa ngo «Dawe, Yobu nagezwe.»