Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?

Wokwitega iki ku buzima bwo mu mahanga?

Bajayo barondera ubuzima bwiza

UMUGABO umwe yitwa George yari yihebuye. Ntiyashobora kuronka ibifungurwa bihagije vyo kugaburira umuryango wiwe. Ababanyi biwe na bo baguma barwara, bamwebamwe muri bo bikaba vyaboneka ko bari mu kwicwa n’inzara. Ariko ku bilometero nk’amajana angahe mu bumanuko bw’aho yaba, hari igihugu gitunze. Yibwiye ati: ‘Nzojayo, ndondere akazi, nce ntumako umuryango unsangeyo.’

Patricia na we nyene yaripfuza kuronderera ubuzima bushasha mu mahanga. Nta kazi yari afise kandi nta cizigiro kinini yari afise co kwisununura mu vy’ubutunzi. We n’umuhungu bakundana baciye bafata ingingo yo kuva muri Nijeriya bakaja muri Espanye baciye muri Aljeriya, ariko bakaba batari bazi ukuntu urugendo rwo mu bugaragwa bwa Sahara rwobaye rutoroshe. Yavuze ati: “Nari nibungenze, kandi nashaka ko umwana wanje yogira ubuzima bwiza kuruta ubwo nari mfise.”

Uwitwa Rachel na we yipfuza gutangurira ubuzima bushasha i Buraya. Mu gihugu yabamwo ca Filipine nta kazi yari agifise, kandi incuti ziwe zamubwira yuko mu mahanga vyoroshe cane kuronka akazi ko mu nzu. Yaciye rero agurana amahera y’itike y’indege araheza asezera umugabo wiwe n’umukobwa wiwe, abasezeranira ati: “Tuzosubira vuba.”

Itohoza ryagizwe ryerekanye yuko mu myaka mirongo iheze abantu barenga imiliyoni nka 200 bimukiye mu bindi bihugu nk’ukwo kwa George, Patricia na Rachel. Naho bamwebamwe bahunze intambara, ivyago vy’ivyaduka canke uruhamo, abenshi muri bo bimukiyeyo kubera ivy’ubutunzi. Ni ingorane izihe none bahuye na zo mu bihugu bimukiyemwo? Abajayo bose boba baronka ubuzima bwiza barondera? Abana bibagendera gute iyo umuvyeyi abasize akaja kurondera akanoti kiyongereye? Rimbura inyishu zikurikira z’ivyo bibazo.

Gushikayo no gutangura ubuzima bushasha

Ku bijanye no kwimukira mu mahanga, ikintu ca mbere kigoye usanga akenshi ari urugendo rwo gushikayo. Umwe George yavugwa mu kiganiro ca mbere yaragenze ibilometero amajana yitwaje udufungurwa dukeyi cane. Avuga ati: “Urwo rugendo rwarankuyemwo iyo kwotsa.” Abimukira benshi ntibigera banashika iyo baba bagiye.

Patricia yari afise icipfuzo co gushika muri Espanye. Yaciye mu bugaragwa bwa Sahara yipakije mu gikamyo gisamaye. Avuga ati: “Kuva muri Nijeriya gushika muri Aljeriya vyatwaye indwi imwe, kandi twari turundanye muri ico gikamyo turi abantu 25. Aho twaciye, twagiye turabona ibiziga vyinshi hamwe n’abantu baguma bayerera muri ubwo bugaragwa barindiriye gusa urupfu. Biboneka ko abashoferi bamwebamwe b’amakamyo bata mu nzira abo batwaye ata kagongwe.”

Rachel wewe yarashoboye gufata indege imushikana i Buraya, aho yari agiye kurondera akazi ko mu nzu. Ariko ntiyigeze yiyumvira ko yokumbuye cane agakobwa kiwe k’imyaka ibiri. Avuga ati: “Igihe cose naba mbonye umuvyeyi ariko yitwararika ikibondo ciwe, naca numva agahinda mu mutima.”

George ntivyamworoheye kumenyera igihugu gishasha yimukiyemwo. Haraciye amezi atarashobora kurungikira amahera umuryango wiwe. Yiyemerera ati: “Akatari gake naraye ndarira kubera irungu n’umubabaro.”

Patricia amaze amezi nk’angahe muri Aljeriya, yarashitse ku rubibe ico gihugu gihana na Maroke. Avuga ati: “Ngezeho naribarutse agakobwa kanje. Vyabaye ngombwa ko nza ndinyegeza abakora urudandaza rutemewe n’amategeko rwo gutwara ku nguvu abakenyezi b’abimukira bakabakoresha ubumaraya. Naratevye ndaronka amahera y’itike yo kujabuka ikiyaga ngashika muri Espanye, rukaba rwari urugendo rurimwo akaga. Ubwato twagiriyemwo bwari bumeze nabi kandi ntibwari bufise ivyangombwa bikwiye kugira bushobore gutwara abantu benshi cane ukuraho. Nk’akarorero, vyarabaye ngombwa ko dukoresha ibirato mu kuyora amazi yinjiye mu bwato. Igihe twashika ku nkengera y’ikiyaga muri Espanye, nta n’utuguvu nari mfise two gutambuka.”

Ariko ntiwumve, abiyumvira kuja kuba mu kindi gihugu ntibakwiye kuzirikana gusa ingorane zijanye n’urugendo zishobora kubashikira. Bakwiye kandi kuzirikana ingorane boshobora kugira zijanye no kumenyera ururimi be n’imico vyo muri ico gihugu bagomba kujamwo. Aho rero ntituvuze urugamba rutoroshe kandi rutwara uburyo rwo kwemererwa kuba umwenegihugu waho canke guhabwa uruhusha rwo kuba muri ico gihugu uri kavamahanga. Abo vyanse ko baronka uruhusha rwo kuba mu gihugu, usanga kenshi bibagora kuronka akazi keza, uburaro bwiza, amashure bigamwo, ntibikunde n’uko bavurwa. Birashobora kandi kubagora kuronka uruhusha rwo gutwara umuduga canke kwuguruza ikonte mw’ibanki. Vyongeye, akatari gake abimukira badafise ivyangombwa usanga babarya imitsi. Nk’akarorero, hari igihe babakoresha akazi kenshi ariko bakabahemba intica ntikize.

Ikindi kintu bakwiye kurimbura ni amahera ubwayo. Twoba vy’ukuri dukwiye kwizigira amahera? Bibiliya itanga iyi mpanuro nziza igira iti: “Nube inkerebutsi ntiwiruhishe urondera gutunga. Amahera yawe urashobora kubura aho aciye, nk’aho yoba yameze amababa maze akagaruka nka kurya kw’inkona.” (Imigani 23:4, 5, Good News Translation) Urama wibuka kandi yuko ibintu dukenera cane mu buzima kuruta ibindi ari ibintu amahera adashobora kugura, ivyo na vyo akaba ari urukundo, amahoro yo mu mutima be n’ubumwe mu rugo. Ese ukuntu bibabaje kubona abavyeyi bareka ukwipfuza amahera kugasigara ari kwo guhambaye kuruta urukundo bafitaniye be n’urwo bafitiye abana babo, bagasigara “batiyumvamwo ababo”!—2 Timoteyo 3:1-3.

Umuntu arakeneye n’ivy’Imana. (Matayo 5:3) Ku bw’ivyo, abavyeyi bitwararika ibintu barakora ukwo bashoboye kwose kugira bashitse ibanga Imana yabajeje ryo kwigisha abana babo ibiyerekeye, imigambi yayo be n’ivyo idusaba.—Abanyefeso 6:4.

Umuryango wunze ubumwe urahambaye kuruta amahera

Naho abaja kuba mu mahanga bose bitabagendera cokimwe, hariho ikintu usanga kibashikira bose nk’uko bibonekera ku vyashikiye George, Rachel na Patricia, bamwe bavugwa mu biganiro vya mbere vyo muri uru rukurikirane. Igihe umuntu agiye agasiga abana biwe canke uwo bubakanye, umuryango uramererwa nabi kandi harashobora guca imyaka itari mike batarasubira kuba hamwe uko bagize umuryango. Nk’akarorero, ku muryango wa George vyasavye imyaka irenga ine.

Rachel yahavuye afata indege asubira muri Filipine gutora umukobwa wiwe hari haciye imyaka hafi itanu batandukanye. Patricia na we yarashitse muri Espanye ari kumwe n’agakobwa kiwe. Avuga ati: “Ako gakobwa kanje ni wo muryango mfise; ni co gituma ngira uko nshoboye kwose kugira ndakitwararike.”

Abimukira benshi baragwa bavyuka kugira bagume mu bihugu bagiye kubamwo naho bagira irungu, bakagira ingorane z’ubutunzi canke bakamara igihe kirekire batari kumwe n’imiryango yabo. Kubera ko kuja muri ivyo bihugu biba vyarabasavye utwigoro tudasanzwe, iyo bitabagendeye neza usanga bake ari bo barya umutima amenyo bagasubira iyo baje bava naho bishobora gutuma bamaramara bagacika akamenyo.

Umwe muri abo ni uwitwa Allan wo muri Filipine. Allan yararonse akazi keza muri Espanye, mugabo inyuma y’umwaka umwe n’inusu aca asubira iwabo. Avuga ati: “Narakumbuye cane umukenyezi wanje n’umukobwa wanje. Naciye mfata ingingo yo kutazosubira gukorera mu mahanga ntajanye n’umuryango wanje. Kandi ivyo ni vyo twahavuye tugira. Umuryango urahambaye kuruta amahera.”

Hariho ikindi kintu gihambaye kuruta amahera, nk’uko Patricia yahavuye abitahura. Yashitse muri Espanye afise akabibiliya k’Ivyanditswe vy’ikigiriki vya gikirisu, ivyo bakunze kwita “Isezerano rishasha.” Yavuze ati: “Ako kabibiliya nakabona nk’igiheko. Mu nyuma narabonanye n’Icabona ca Yehova w’umukenyezi. Kare sinashaka kuganira n’Ivyabona vya Yehova. Uwo mukenyezi naciye ndamucucagira ibibazo kugira ndamwereke ko ivyo yemera atari vyo. Ariko igitangaje yarashoboye kuburanira ivyo yemera, arishura ibibazo vyanje akoresheje Bibiliya.”

Ivyo Patricia yize vyaramufashije gutahura yuko agahimbare karamba be n’icizigiro nyakuri ku bijanye na kazoza bitava ku mahera canke ku gihugu umuntu abamwo, ahubwo ko biva ku kumenya Imana n’umugambi idufitiye. (Yohani 17:3) Kimwe mu vyo Patricia yize ni uko Imana ifise izina, na ryo akaba ari Yehova. (Zaburi 83:18) Yarasomye kandi muri Bibiliya yuko vuba Imana igiye gukuraho ubukene bwose biciye ku Bwami bwayo, ni ukuvuga intwaro yayo irongowe na Yezu Kristu. (Daniyeli 7:13, 14) Yezu “azorokora umworo atabaza, n’umurushwa be n’uwo wese atagira gifasha. Ubuzima bwabo azobucungura abukize agahahazo n’ubukazi.”—Zaburi 72:12, 14.

Ubona gute ufashe akanya ugasuzuma Bibiliya? Ico gitabu c’ubukerebutsi buva ku Mana kirashobora kugufasha kumenya ibihambaye kuruta ibindi ivyo ari vyo, kikongera kikagufasha gufata ingingo nziza no kwihanganira ingorane izo ari zo zose zogushikira ufise umunezero n’icizigiro.—Imigani 2:6-9, 20, 21.