Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

INKURU Y’UBUZIMA

Kuri Yehova vyose birashoboka

Kuri Yehova vyose birashoboka

“URUPFU ntiruzoba rukiriho, mbere n’abapfuye bazozuka.” Umusi umwe umugore wanje Mairambubu ayo majambo yaramuguye mu matwi ari muri bisi. Yaciye yipfuza kumenya n’ibindi. Iyo bisi imaze guhagarara maze abantu bakavamwo, yaciye akurikira umugore yavuze ya majambo. Uwo mugore yitwa Apun Mambetsadykova, akaba yari Icabona ca Yehova. Kuganira n’Ivyabona ico gihe vyarimwo akaga, ariko ivyo Apun yahavuye atwigisha vyarahinduye ubuzima bwacu.

BAKORA KUVA MU GICUGU GUSHIKA BUGOROVYE

Navukiye mw’itongo rusangi ryari hafi y’i Tokmok muri Kirgistani mu 1937. Turi imvukira z’ico gihugu nyene kandi tuvuga ururimi rwaho. Abavyeyi banje bari abakozi bo mu mirima kandi bakorera kuri rya tongo kuva mu gicugu gushika bugorovye. Abakozi bahembwa rimwe mu mwaka, ariko baza barabaronsa ibifungurwa. Mawe ntivyamworohera kutwitwararika jewe na mushikanje. Mpejeje umwaka wa gatanu w’ishure, na jewe naciye ntangura gukorera muri rya tongo.

Imisozi yitwa Teskey Ala-Too

Aho twaba, abantu benshi bari abakene kandi kuronka ibitunga umuryango ntihari aho gutuma umwana. Nkiri muto, siniyumvira cane ivyerekeye intumbero y’ubuzima canke ivya kazoza. Sinari nzi ko ukuri kweza umutima kwerekeye Yehova Imana n’imigambi yiwe kwohinduye ubuzima bwanje. Ingene ukwo kuri kwashitse muri Kirgistani be n’ukuntu kwakwiragiye, ni inkuru ishimishije. Vyose vyahereye mu karere iwacu, mu buraruko bwa Kirgistani.

ABARI BARANGAJWE BAZANA UKURI MURI KIRGISTANI

Ukuri kwerekeye Yehova Imana kwashitse muri Kirgistani mu myaka ya 1950. Ariko rero hari intambamyi ikomeye yari iriho. Uti gute? Igihugu ca Kirgistani ico gihe cari mu bigize Leta Zunze Ubumwe z’Abasoviyeti (URSS). Muri ivyo bihugu vyose, Ivyabona vya Yehova ntibisuka mu vya politike. (Yoh. 18:36) Ku bw’ivyo, barahamwa kuko babonwa ko ari abansi b’urwo runani. Ariko nta kintu na kimwe gishobora kubuza Ijambo ry’Imana gushikira imitima y’abantu b’inziraburyarya. Nkako, kimwe mu vyigwa bihambaye nize mu myaka myinshi maze, ni uko kuri Yehova “vyose bishoboka.”​—Mrk. 10:27.

Emil Yantzen

Uguhama Ivyabona vya Yehova vyaratumye bongerekana muri Kirgistani. Uti gute? Muri rwa runani harimwo akarere ka Siberiya, akaba ari ko bangarizamwo ababonwa ko ari abansi. Igihe abo bantu barekurwa, benshi baciye baza muri Kirgistani, kandi bamwebamwe bari baramenye ukuri. Umwe muri bo ni Emil Yantzen, uwari yavukiye muri Kirgistani mu 1919. Emil yabonaniye n’Ivyabona mw’ikambi ry’ibikorwa vy’umuruho yari yarungitswemwo. Yaremeye ukuri maze agaruka muhira mu 1956. Yashikiye hafi y’i Sokuluk, mu karere nabamwo. Aho i Sokuluk ni ho hashinzwe ishengero rya mbere ryo muri Kirgistani mu 1958.

Victor Vinter

Haciye nk’umwaka umwe, uwitwa Victor Vinter yarimukiye i Sokuluk. Uwo muvukanyi w’umwizigirwa yaraciye mu ngorane z’urutavanako. Yarapfunzwe incuro zibiri imyaka itatitatu kubera yanse kuja mu vya politike, mu nyuma na ho amara imyaka cumi mw’ibohero be n’iyindi itanu yamaze yarangajwe. Yamara rero, uruhamo ntirwabujije ko ukuri gukwiragira.

UKURI KWEGERA IWACU

Eduard Varter

Mu 1963 hari Ivyabona nka 160 muri Kirgistani, benshi muri bo bakaba baturuka mu Budagi, muri Ukraine no mu Burusiya. Aho harimwo uwitwa Eduard Varter, uwari yabatirijwe mu Budagi mu 1924. Mu myaka ya 1940, Abanazi bari baramurungitse mw’ikambi ry’itunatuniro, haciye imyaka mikeyi na ho Abakomunisita baca baramwangaza. Mu 1961, uwo muvukanyi w’umwizigirwa yarimukiye mu gisagara ca Kant, hafi y’igisagara nabamwo.

Elizabeth Fot; Aksamai Sultanalieva

Umusavyi wa Yehova w’umwizigirwa yitwa Elizabeth Fot na we nyene yaba i Kant. Yakora igikorwa co gushona impuzu. Kubera ko yashona neza, yari afise abakiriya bakomakomeye, nk’abaganga n’abigisha. Umwe muri bo yari umugore yitwa Aksamai Sultanalieva, yari afise umugabo akora mu biro vy’umushingwamanza wa leta. Aksamai yaraza gushonesha kwa Elizabeth, kandi yarakunda kumubaza ibibazo vyinshi ku bijanye n’intumbero y’ubuzima be n’ukuntu abapfuye bamerewe. Elizabeth yaramwishura akoresheje Bibiliya. Aksamai yahavuye aba umwamamaji w’inkuru nziza w’umwete.

Nikolai Chimpoesh

Nko muri ico gihe, uwitwa Nikolai Chimpoesh yaturuka muri Moldaviya, yaragenywe kuba umucungezi w’umuzunguruko kandi yaramaze imyaka nka 30 akora ico gikorwa. Uretse ko Nikolai yagendera amashengero, yararinganiza n’ivyo kugwiza no gutanga ibisohokayandikiro. Abategetsi ntibabuze kumenya ivyo akora. Ni co gituma Eduard Varter yamuhaye impanuro iremesha, ati: “Abategetsi nibakubaza, uze ubabwire udahisha ko ibinyamakuru vyacu biva ku cicaro gikuru i Brooklyn. Ntuzotinye kubaraba mu maso.”​—Mat. 10:19.

Budakeye na kabiri, Nikolai yararengukijwe ku biro bikuru vy’iperereza i Kant. Arigana uko vyagenze, ati: “Umupolisi yarambajije aho dukura ibisohokayandikiro. Namwishuye ko biva i Brooklyn. Yarabuze ico asubizayo. Yaciye andekura kandi ntiyigeze asubira kuntumako.” Ivyo Vyabona b’umutima rugabo bagumye bakwiragiza inkuru nziza babigiranye ukwiyubara muri ka karere nabamwo mu buraruko bwa Kirgistani. Igihe ukuri kw’agaciro kwerekeye Yehova kwateba kugashika mu muryango wacu mu 1981, umugore wanje Mairambubu ni we yatanguye kukwumva.

UMUGORE WANJE NTIYATEVYE KWEMERA UKURI

Mairambubu avuka mu karere ka Kirgistani kitwa Naryn. Umusi umwe muri Myandagaro 1974, yaragiye kuramutsa mushikanje. Aho ni ho twabonaniye ari bwo bwa mbere. Naciye numva ndamukunze. Twaciye tugira ubugeni uwo musi nyene.

Apun Mambetsadykova

Umusi umwe Mairambubu ari muri bisi agiye kw’isoko muri Nzero 1981, yarumvise ya majambo twavuga mu ntango. Yaripfuje kumenya n’ibindi, aca arabaza wa mugore izina ryiwe n’aho aba. Yamubwiye ko yitwa Apun, ariko yabigiranye ukwiyubara kuko no mu myaka ya 1980 igikorwa c’Ivyabona cari kibujijwe. Aho kumubwira aho aba, Apun yaciye amubaza aho we aba. Umugore wanje yatashe aryohewe cane.

Mairambubu yambwiye ati: “Numvise ibintu vyiza cane. Hari umugore yambwiye ko vuba abantu batazoba bagipfa. Mbere n’ibikoko vyo mw’ishamba ntibizoba bikiryana.” Jewe nta vyo nemeye. Namwishuye nti: “Reka turindire azoze kubidusigurira.”

Haciye amezi atatu, Apun yaratugendeye. Mu nyuma Ivyabona b’imvukira baratugendeye akatari gake. Abo bashiki bacu baratweretse ukuri kweza umutima kwerekeye Yehova be n’umugambi afitiye abantu. Baradusomeye igitabu Du paradis perdu au paradis reconquis. * Kubera ko bari bafise ico gitabu kimwe gusa mu rurimi rwitwa Tokmok, twaciye twiyimurira icacu.

Kimwe mu bintu vya mbere twize ni ubuhanuzi buri mw’⁠Itanguriro 3:15. Ubwo buhanuzi buzoranguka biciye kuri Yezu we Mwami Mesiya. Ubwo ni ubutumwa buhambaye bose bakwiye kwumva! Iyo ni imvo ikomeye yatumye dutangura kwamamaza. (Mat. 24:14) Bidatevye, ukuri kwo muri Bibiliya kwaratanguye guhindura ubuzima bwacu.

AMAKORANIRO N’IBATISIMU MU KINYEGERO

Hari umuvukanyi w’i Tokmok yadutumiye ku bugeni. Twe n’umugore wanje ntitwatevye kubona ko Ivyabona batandukanye n’abandi bantu. Kuri ubwo bugeni nta nzoga zariho kandi ibirori vyari ku rutonde. Ivyo vyari bitandukanye cane n’ubundi bugeni twari tumaze kwitaba, aho wasanga abantu baborewe, bakigenza nabi, bakavuga n’ibijambo bibi.

Twaritavye n’amakoraniro amwamwe mw’ishengero ry’i Tokmok. Yabera mu gahinga igihe ikirere caba cifashe neza. Kubera ko abavukanyi bari bazi ko igipolisi kiguma kidushinze ijisho, baca bashiraho umureretsi. Mu gihe c’imbeho, twaca dukoranira mu nzu. Abapolisi baraje nka kangahe mu nzu twari dukoraniyemwo, baratubaza ivyo turiko turagira. Igihe jewe na Mairambubu twabatizwa muri Mukakaro 1982 mu Ruzi Chüy, twabwirizwa kwiyubara. (Mat. 10:16) Twakoraniye mw’ishamba kandi abavukanyi baza ari bakebake. Twararirimvye ururirimbo rw’Ubwami twongera turakurikira insiguro y’ibatisimu.

NTITWAGISHIJE AKARYO KO KWAGURA UMURIMO

Mu 1987 hari umuvukanyi yansavye kugendera umuntu yashimishijwe yaba mu gisagara ca Balykchy. Kujayo vyasaba gufata urugendo rw’amasaha ane mw’igariyamoshi. Tumaze kujayo akatari gake, twararonse abantu benshi bashimishwa. Vyaragaragara ko kari akaryo ko kwagura umurimo wacu.

Jewe na Mairambubu twarakunda kuja i Balykchy. Kenshi twagumayo mu mpera z’umushamvu, tukaja mu ndimiro, tukagira n’amakoraniro. Abantu benshi cane baradusaba ibisohokayandikiro. Ibisohokayandikiro twabikura i Tokmok tubitekeye mu mipfuko yajamwo ibiraya. Ku kwezi, imipfuko ibiri yuzuye yarahakwa kudakwira. N’igihe twaba turi mw’igariyamoshi tuja canke tuva i Balykchy, twarabwira ubutumwa izindi ngenzi.

Mu 1995 i Balykchy harashinzwe ishengero, hakaba hari haciye imyaka umunani dutanguye kuhagendera. Izo ngendo zo kuva i Tokmok tuja i Balykchy zaradutwaye amahera menshi cane. None twayakuye he ko twari dufise uburyo buke? Hari umuvukanyi yama aduha amahera kugira adusahirize. Yehova yarabonye icipfuzo twari dufise co kwagura umurimo maze aratugomororera “ingomero z’amajuru.” (Mal. 3:10) Emwe, kuri Yehova vyose birashoboka!

IBIKORWA VYINSHI MU MURYANGO NO MU NDIMIRO

Mu 1992 naragenywe kuba umukurambere, nkaba nari mbaye umukurambere wa mbere w’imvukira. Mw’ishengero twarimwo ry’i Tokmok, twari dufise ibikorwa vyinshi. Twari dufise inyigisho za Bibiliya nyinshi z’abakiri bato biga mu mashure y’imyuga. Umwe muri abo bakiri bato nigishije Bibiliya ubu ari mu bagize Komite y’ishami, abandi babiri na bo ni abatsimvyi badasanzwe. Twarihatiye kandi gufasha abandi ku makoraniro. Mu ntango z’imyaka ya 1990, ibisohokayandikiro n’amakoraniro vyari mu kirusiya. Ariko rero mw’ishengero benshi bavuga ururimi kavukire. Vyasaba rero ko nsobanura ivyaba biriko birashikirizwa ku makoraniro, kugira ngo barushirize gutahura ukuri.

Ndi kumwe n’umugore wanje hamwe n’umunani mu bana bacu mu 1989

Vyongeye, twe na Mairambubu twari dufise vyinshi dukora mu kwitwararika umuryango wacu munini. Twarajana abana bacu mu ndimiro no ku makoraniro. Umukobwa wacu Gulsayra, ico gihe akaba yari afise imyaka 12 gusa, yarakunda kubwira ukuri kwo muri Bibiliya abahita. N’ikindi kandi, abana bacu barakunda gufata ku mutwe Ivyanditswe. Ivyo vyatumye abana bacu, mu nyuma na ho abuzukuru bacu, bagira uruhara cane mu mirimo yo mw’ishengero. Mu bana 9 n’abuzukuru 11 bagisigaye, 16 barakorera Yehova canke bakitaba amakoraniro bari kumwe n’abavyeyi babo.

AMAHINDUKA AKOMEYE

Abavukanyi na bashiki bacu twikundira batanguje igikorwa mu karere iwacu mu myaka ya 1950, botangara cane babonye amahinduka yabaye. Kimwe coco, kuva mu myaka ya 1990, twararushirije kugira umwidegemvyo wo kwamamaza inkuru nziza no gukoranira hamwe turi benshi.

Ndi kumwe n’umugore wanje mu ndimiro

Mu 1991, twe n’umukenyezi wanje twaritavye ihwaniro ari bwo bwa mbere i Alma-Ata, ubu hakaba hitwa Almaty, muri Kazakistani. Mu 1993 na ho, abavukanyi bo muri Kirgistani baragize ihwaniro ari bwo bwa mbere ku kibuga c’inkino citwa Spartak c’i Bishkek. Abamamaji bamaze indwi yose basukura ico kibanza. Uwujejwe ico kibuga yaratangaye cane ku buryo yatwemereye kugikoresha ku buntu.

Mu 1994 harabaye ikindi kintu c’intibagirwa igihe twatangura gucapura kimwe mu bisohokayandikiro vyacu mu rurimi rwo muri Kirgistani. Ubu ku biro vy’ishami biri i Bishkek hariho umugwi wama uhindura ibisohokayandikiro vyacu. Mu 1998, Ivyabona baremerewe gukorera muri Kirgistani. Ubu twarongerekanye, tukaba turi abamamaji barenga 5.000. Muri iki gihe hari amashengero 83 be n’imigwi 25 ikoresha icongereza, igishinwa, ikirusiya, ururimi rw’ibimenyetso rw’ikirusiya, ururimi rwo muri Kirgistani, ururimi rwo muri Tirkiya, urwitwa Uighur be n’urwo muri Uzbekistani. Abo bavukanyi na bashiki bacu bose bavuga indimi zitandukanye barasenga Yehova bunze ubumwe. Yehova ni we yatumye ivyo vyose bishoboka.

Yehova yaramfashije no mu buzima bwanje. Nakuriye mu muryango uciye bugufi w’abirimizi kandi nize amashure atanu gusa. Naho ari ukwo, Yehova yaranteye agateka ko kuba umukurambere no kwigisha ukuri kwo muri Bibiliya abantu bize kundusha. Vy’ukuri, Yehova arakora ibintu bitangaje. Ivyanshikiye biratuma mbandanya gushingira intahe Yehova ntahemuka, kuko kuri we “vyose birashoboka.”​—Mat. 19:26.

^ ing. 21 Casohowe n’Ivyabona vya Yehova, ariko ubu ntikigicapurwa.