Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO: KUBERA IKI HARI IMIBABARO MYINSHI? IZOHERA RYARI?

Abantu benshi barapfa ata co bazira!

Abantu benshi barapfa ata co bazira!

Ka Noelle kari akana gakundana kandi kakunda gucapa. Umusi umwe mu ci ku mugoroba, kariko karagendagenda mu kigo maze kagwa mu rugomero rwo kwogeramwo rwo muhira iwabo. Kasomye nturi gasigaje indwi zibiri gusa ngo gakwize imyaka ine.

Charlotte, Daniel, Olivia, Josephine . . . Ayo ni amwe mu mazina y’abana 20 b’imyaka itandatu canke indwi bari muri bamwe 26 barasirwa kw’ishure ry’i Connecticut, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ku wa 14 Kigarama 2012. Mu birori vyo kwibuka abo bana, Prezida Obama yaravuze amazina yabo maze abwira abari ng’aho bari batuntuye, ati: “Amabi y’agacamutima nk’ayo ategerezwa guhagarara.”

Umwigeme yitwa Bano w’imyaka 18 yavuye muri Iraki mu 1996 ajana n’umuryango wiwe kuba muri Norveje. Abagenzi biwe bamutazira Muco. Ariko ikibabaje, ku wa 22 Mukakaro 2011, Bano yari mu bantu 77 bagandaguwe n’intagondwa imwe, iyahavuye yihaya iti: “Mbabajwe . . . no kuba ntashoboye kwica abarenga abo.”

Inkuru nk’izo zica ivutu ziguma zivugwa hirya no hino kw’isi. Niwiyumvire intuntu n’umubabaro biva ku masanganya, ku bukozi bw’ikibi, ku ntambara, kw’iterabwoba, ku vyago vy’ivyaduka no ku bindi vyago. Abantu benshi barapfa canke bagashikirwa n’imibabaro, akenshi ata co bazira!

Abantu bamwebamwe bavyegeka ku Mana, bakiyumvira yuko Umuremyi wacu atitwararika umuryango w’abantu. Abandi bavuga yuko Imana ibona imibabaro turimwo ariko igahitamwo kuvyirengagiza. Hari n’abavuga yuko mwene ivyo vyago ari ivyo Imana yabandikiye. Abantu bavuga vyinshi kuri ico kibazo. None twokura hehe inyishu zo kwizigirwa kandi zijijura? Mu biganiro bikurikira, turaza kubona inyishu Ijambo ry’Imana Bibiliya ritanga ku bijanye n’ibituma dushikirwa n’imibabaro be n’ingene iyo mibabaro izohera.