Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Kubera iki dushikirwa n’imibabaro ukuraho?

Kubera iki dushikirwa n’imibabaro ukuraho?

Kugira ngo dutahure igituma hariho imibabaro myinshi ukuraho n’igituma utwigoro abantu bagira two kuyikuraho tuba impfagusa, turakeneye kumenya ibitera iyo mibabaro vy’ukuri. Naho ibitera imibabaro ari vyinshi kandi bigora abantu gutahura, turashima kubona Bibiliya ishobora kudufasha kubimenya. Muri iki kiganiro, tugiye kwihweza ibintu nyamukuru bitanu bituma haba imibabaro. Turagusavye ngo urimbure witonze ivyo Ijambo ry’Imana Bibiliya rivuga, ubone ingene ridufasha gutahura neza ibitera iyo mibabaro vy’ukuri.—2 Timoteyo 3:16.

INGARUKA Z’UBUTEGETSI BUBI

Bibiliya ivuga iti: “Iyo umubisha aganje, abantu baraniha.”—Imigani 29:2.

Kahise kuzuyemwo uburorero bw’abategetsi batwaje umukazo, bituma abantu bashikirwa n’imibabaro itagira uko yovugwa. Ni ivy’ukuri yuko abategetsi bose batameze gutyo. Bamwe boshobora kuba bipfuriza ineza abantu. Ariko rero, bamaze gushika ku butegetsi, kenshi utwigoro bagira usanga tunigirwa mu menshi n’ugucanamwo be n’uguhiganirwa ubukuru. Canke na ho boshobora gukoresha nabi ubukuru bafise mu kwironderera inyungu zabo, abanyagihugu bakahabonera. Uwahoze ari umunyamabanga wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Henry Kissinger yavuze ati: “Kahise kagizwe n’inkuru zerekana ingene abantu bagize utwigoro ariko ntitwagira ico tuvamwo, n’ivyo bagiye baripfuza gushikako ariko ntibabishikeko.”

Bibiliya yongerako kandi iti: “Umuntu agenda, si ivyiwe kuyobora intambuko yiwe.” (Yeremiya 10:23) Abantu badatunganye nta bukerebutsi n’ukubona kure bafise vyotuma bayobora neza ivyabo vyose. Nimba badashobora kuyobora intambuko zabo bwite, boshobora gute none kuyobora iz’igihugu cose? Woba rero ubona igituma abategetsi b’abantu badashobora gukuraho imibabaro? Tuvugishije ukuri, kenshi ubutegetsi bubi ni bwo butera imibabaro!

AKOSHO K’IDINI RY’IKINYOMA

Yezu yavuze ati: “Iki ni co bose bazomenyerako yuko muri abigishwa banje: nimwagiriranira urukundo hagati yanyu.”—Yohani 13:35.

Abakuru b’amadini yose bigisha urukundo n’ubumwe. Ariko tuvugishije ukuri barananiwe gutuma abayoboke babo bagira urukundo rukomeye ku buryo bikuramwo agatima ko kwinuba abandi. Aho gufasha abantu gutsimbataza urukundo, kenshi idini riragira uruhara mu macakubiri, mu nzankano no mu ndyane biba hagati y’abantu canke ibihugu. Umunyatewolojiya yitwa Hans Küng, mu nsozero y’igitabu ciwe (Christianity and the World Religions) yanditse ati: “Indyane za politike zakoze ibara kuruta izindi  kandi zatewe n’ishaka rirenze urugero kuruta izindi, ni izo idini ryakokeje rikongera rigashigikira.”

Vyongeye, abakuru b’amadini menshi barashigikiye icese ivyo guhuza ibitsina hagati y’abatabiranye, ukurenga ibigo be n’uguhuza ibitsina kw’ababisangiye. Ivyo vyatumye indwara, ugukorora inda, inda z’ishushu, ugusambuka kw’ingo n’imiryango bigwira, bituma abantu benshi bagira intuntu n’umubabaro bitovugwa.

UKUDATUNGANA KW’ABANTU N’IVYIPFUZO VY’UBWIKUNZI

“Umwe wese arageragezwa iyo akwezwe kandi akaryosharyoshwa n’icipfuzo ciwe bwite. Maze nya cipfuzo iyo gitwaye inda, kivyara igicumuro.”Yakobo 1:14, 15.

Kubera ko twarazwe ukudatungana, twese dufise impengamiro yo guhuba no gukora amakosa kandi dutegerezwa kurwanya icipfuzo co ‘gukora ivyo umubiri ugomba.’ (Abanyefeso 2:3) Kurwanya icipfuzo kibi birashobora kutugora na canecane igihe habonetse akaryo ko kugishira mu ngiro. Iyo turetse tugatwarwa n’icipfuzo kibi, ingaruka zoshobora kuba mbi cane.

Umwanditsi P. D. Mehta yanditse ati: “Myinshi mu mibabaro idushikira iva ku vyipfuzo vyacu bwite, ku kurondera kwinezereza no kwiryohererwa tubihahamiye, ku mwina tugira no ku vyo twipfuza gushikako.” Ivyipfuzo bikomeye abantu bagira be n’ibintu bibizizira, nk’inzoga, ibiyayuramutwe, akamari, ivy’igitsina n’ibindi, vyaratumye abantu benshi bahora bubahwa bamera nabi maze bitera imibabaro imiryango yabo, abagenzi babo n’abandi. Kubera ko abantu badatunganye, dutegerezwa kwemera ivyo Bibiliya ivuga iti: “Erega turamenya yuko gushika ubu ibiremwa vyose vyiganyira bikanihira nka kumwe kw’umuvyeyi ari ku nda.”Abaromani 8:22, Ubwuzure Bushasha.

UBUBASHA BW’AMADAYIMONI

Bibiliya ivuga ko Shetani ari “imana y’iki gihe” be n’uko akorana n’ibiremwa vy’impwemu bibi vy’ububasha vyitwa amadayimoni.2 Abakorinto 4:4; Ivyahishuwe 12:9.

Cokimwe na Shetani, amadayimoni arakora yivuye inyuma kugira ngo yigarurire abantu yongere abayovye. Intumwa Paulo yaravyemeje igihe yavuga ati: “Dufise intambara yo kunigana, atari ukunigana n’abantu b’amaraso n’inyama, ahubwo tunigana n’intwaro, n’ubukuru, n’abatware b’iyi si y’umwiza, n’ibinyankomezi vy’impwemu vy’ibibisha mu bibanza vyo mw’ijuru.”Abanyefeso 6:12.

Naho amadayimoni ahimbarwa no guturubika abantu, iyo si yo ntumbero yayo nyamukuru. Yipfuza gukura abantu kuri ya Mana Musumbavyose Yehova. (Zaburi 83:18) Kuragurira ku nyenyeri, maji, ubupfumu no kuvuga ibizoba, ni bimwe gusa mu bintu amadayimoni akoresha kugira ayovye abantu yongere abigarurire. Ni co gituma Yehova atugabisha kuri ivyo bintu biteye akaga akongera agakingira abo bose barwanya Shetani n’amadayimoni.Yakobo 4:7.

TUBAYEHO MU “MISI YA NYUMA”

Haraheze nk’imyaka ibihumbi bibiri Bibiliya ivuze iti: “Umenye ibi: yuko mu misi ya nyuma hazobaho ibihe bitoroshe kandi bigoye kwihanganira.”

Mu kwerekana igituma ivyo bihe biba ibigoye, yongeko iti: “Kuko abantu bazoba ari abikunda, inkunzi z’amahera, abishima, abibona, . . . batiyumvamwo ababo, badashaka kwumvikana na gato, abambika ibara abandi, batagira ukwigumya, inkazi, badakunda iciza, abaguranyi, intumva, abivyimvya, abakunda ibinezereza aho gukunda Imana.” Nta gukeka rero yuko imwe mu mvo nyamukuru zitera imibabaro yose tubona muri iki gihe ari uko turi mu “misi ya nyuma.”2 Timoteyo 3:1-4.

Uravye ivyo bintu vyose twarimbuye, ntuca none ubona neza igituma abantu badashobora gukuraho imibabaro, naho boba bafise umutima ukunze wo kubikora? Ni hehe none twokura imfashanyo? Dutegerezwa guhanga amaso Umuremyi wacu, we yasezeranye “[gusambura] ibikorwa vya Shetani” n’abiwe. (1 Yohani 3:8) Ikiganiro gikurikira kirerekana ico Imana izokora kugira ngo ikureho ibintu vyose bitera imibabaro.