Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Wokwikingira gute indwara y’ibinyigishi?

Wokwikingira gute indwara y’ibinyigishi?

NI IMWE mu ndwara zo mu kanwa zifata abantu benshi kw’isi. Ariko mu ntango yoshobora kudashoka yerekana ikimenyetso na kimwe. Ukwo kwihisha guteye akaga ni kimwe mu biranga indwara y’ibinyigishi. Ikinyamakuru mpuzamakungu kimwe kivuga ivy’amenyo (International Dental Journal) cerekana ko indwara y’ibinyigishi ari imwe mu ndwara zo mu kanwa “zibangamira cane amagara y’abantu.” Congerako yuko indwara zo mu kanwa zigira inkurikizi “zikomeye ku muntu no ku kibano c’abantu kuko zibababaza, zigatuma umubiri wabo udakora neza kandi zigatuma batanezererwa cane ubuzima.Kumenya ivyerekeye iyo ndwara y’ibinyigishi ishikira abantu benshi, vyoshobora kugufasha ngo ntikugeramire cane.

Ivyo womenya ku bijanye n’indwara y’ibinyigishi

Indwara y’ibinyigishi ifise intambwe zitandukanye. Intambwe ya mbere ni ukuvyimba kw’ibinyigishi, ikaba yitwa gingivite. Ukuva amaraso kw’ibinyigishi kurashobora kuba ikimenyetso c’iyo ntambwe. Ivyo vyoshika igihe uriko uriyugumura n’umujigiti canke uriko urasukura hagati y’amenyo ukoresheje akanyuzi kabigenewe, canke bigashika ata mvo iboneka ibiteye. Vyongeye, kuva amaraso igihe umuganga ariko arasuzuma ibinyigishi birashobora kuba ikimenyetso c’iyo ntambwe ya mbere.

Indwara y’ibinyigishi irenganye iyo ntambwe ya mbere ica yitwa périodontite. Ico gihe, amagufa, ibinyigishi n’ibindi bishigikiye amenyo bica bitangura kwononekara. Hari igihe ibimenyetso vy’iyo ndwara biboneka ari uko igeze kure. Bimwebimwe mu bimenyetso bishobora kwibonekeza ni ibi: imyenge yo mu binyigishi, ukuregarega kw’amenyo, ugutana kw’amenyo, ukumota nabi mu kanwa, ukugabanuka kw’ibinyigishi bikagenda birarekura amenyo ku buryo aboneka umengo yabaye maremare be n’ukuva amaraso mu binyigishi.

Ibitera indwara y’ibinyigishi n’ingaruka zayo

Hari ibintu bitari bike bishobora gutuma umuntu ageramirwa cane n’indwara y’ibinyigishi. Akenshi iyo ndwara iterwa n’umucafu w’intimbatimba ntoyi ukunze kuza ku menyo ugizwe n’amabagiteri. Igihe uwo mucafu udakuweho, ayo mabagiteri arashobora  gutuma ibinyigishi bivyimba. Uko ivyo bibandanya, ibinyigishi bica bitangura gutandukana n’amenyo, bigatuma uwo mucafu wuzuyemwo amabagiteri wongerekana munsi y’ibinyigishi. Igihe ayo mabagiteri ageze kuri iyo ntambwe, ukwo kuvyimba kurabandanya kugatangura kwonona ibinyigishi n’amagufa afashe amenyo. Uwo mucafu ugizwe n’amabagiteri, waba uwo ku menyo canke ku binyigishi, urashobora gukomantara ugacika ico bakunze kwita tartre. Uwo mucafu ukomantaye na wo nyene uba wuzuyemwo amabagiteri, ukaba utoroshe gukura ku menyo kubera ko uba ugumye kandi umase cane ku menyo. Ayo mabagiteri aca rero abandanya kwonona rwose ibinyigishi.

Hari n’ibindi bishobora gutuma ugeramirwa n’indwara y’ibinyigishi. Bimwe muri ivyo ni isuku rike ryo mu kanwa, imiti ituma abasoda b’umubiri badakora neza, indwara ziterwa n’imigera, kugira umwitwarariko mwinshi, indwara y’igisukari itariko irakurikiranwa, inzoga zirenze urugero, itabi n’amahinduka y’inkabuzo aterwa n’ukwibungenga.

Ingaruka z’indwara y’ibinyigishi zirashobora kukumerera nabi. Kubabara mu kanwa canke guhongoka bitewe n’iyo ndwara birashobora kukubuza guhekenya imfungurwa no kuziryohererwa. Iyo ndwara yoshobora no guhindura ukuntu uvuga n’ukuntu uboneka. Vyongeye, ubushakashatsi bwerekanye yuko amagara yo mu kanwa afitaniye isano cane n’amagara y’umubiri muri rusangi.

Gusuzuma no kuvura indwara y’ibinyigishi

Womenya gute ko ufise indwara y’ibinyigishi? Woshobora kubona bimwebimwe mu bimenyetso twavuze muri iki kiganiro. Ubibonye, vyoba vyiza uciye uja kuraba umuganga yavyigiye yosuzuma ibinyigishi vyawe.

Indwara y’ibinyigishi yoba ivurwa igakira? Ikiri mu ntango, irashobora kuvurwa igakira. Iyo igeze kuri ya ntambwe ya kabiri, intumbero ica iba iyo guhagarika iyo ndwara ngo ntibandanye kwonona amagufa n’ibinyigishi bikikuje amenyo. Abahinga mu vyo kuvura amenyo barakoresha ibikoresho vyabigenewe bishobora gukura umucafu ku menyo no ku binyigishi.

Naho vyoba bigoye canke bidashoboka ko ubonana n’umuhinga mu vyo kuvura amenyo, ikintu nyamukuru cotuma utageramirwa cane n’iyo ndwara yinyegeza yamara itera akaga ni ukwikingira. Kwama ubwawe witwararika neza isuku ryo mu kanwa ni bwo buryo bwiza gusumba ubundi bwotuma utageramirwa cane n’indwara y’ibinyigishi.