Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 ICOFASHA UMURYANGO | UMUBANO

Ingene mwokoresha neza amahera

Ingene mwokoresha neza amahera

INGORANE

Uravye amahera musigaranye n’ivyo mutegerezwa kuriha, ubona umengo amahera yanyu ariko arabaca mu myanya y’intoke. Nta gihe kinini mumaze mwubakanye, ariko mukaba mukoresha amahera nabi. Ryoba ari ikosa ry’uwo mwubakanye? Ntiwihutire kumutako ikosa! Nubone ko musangiye urugamba, maze murabire hamwe ibintu bimwebimwe bishobora kuba vyaratumye mwempi mugira iyo ngorane. *

IKIBITERA

Ubuzima bushasha. Nimba wahora uba iwanyu imbere yo kwubaka urwawe, ushobora kuba utaramenyera ivyo kuriha amafagitire no gufadikanya n’abandi kuriha amahera y’ibikenewe. Birashoboka kandi ko wewe n’uwo mwubakanye mwoba mutabona kumwe ivyo gukoresha amahera. Nk’akarorero, umwe ashobora kuba akunda kuyasohora uwundi na we akunda kuyaziganya. Bisaba igihe kugira abubakanye bamenyere ubuzima bushasha no kugira baronke uburyo bahurizako bwo gukoresha amahera.

Amadeni ni nk’amahwa mu murima; uyarekeranye arakura, agakura, akabandanya akura

Ukuba nzobandabikora. Umugwizatunga atunganiwe yitwa Jim ariyemerera yuko igihe yari amaze igihe gito yubatse, yatakaje amahera menshi kubera atari azi gutunganya neza ibintu. Avuga ati: “Kubera ko nateba kuriha amafagitire, twe n’umukenyezi wanje twaruhira kuriha amadolari ibihumbi n’ibihumbi y’amande. Amahera yahera tubona!”

Umutego w’amahera utabona. Biroroshe ko usesagura amahera igihe utayasohora uyakuye mu mufuko wawe ngo ubone ingene ariko arahera. Ivyo birashobora kugushikira igihe ukunda kugura ibintu kw’ideni canke ukoresheje ayo waguranye be n’igihe ugura ibintu biciye kuri Internet canke ku buhinga bwa none bwo kubika no kubikura amahera. Kuba abaheruka kurushinga bashobora kuronka ingurane bitabagoye, birashobora na vyo nyene gutuma basesagura.

Ikibitera caba ari ikihe, ibibazo vy’amahera birashobora kubangamira cane umubano wanyu. Igitabu kimwe (Fighting for Your Marriage) kivuga giti: “Abubakanye benshi bavuga ko amahera ari yo kenshi bapfa, naho baba bafise ayangana gute. Amahera ni ikintu gikunda gutera amatati.”

 ICO MWOKORA

Nimwiyemeze gusenyera ku mugozi umwe. Aho gutanako amakosa, nimusenyere ku mugozi umwe kugira mukoreshe neza amahera. Mugitangura kubiganirako, nimwemeranye yuko mutaza kureka ico kibazo ngo kibacanishemwo.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Abanyefeso 4:32.

Nimugire urutonde rw’ingene muzokoresha amahera. Nimwandike ibizobatwara amahera vyose mu kwezi, naho vyoba bizotwara make. Ivyo bizobafasha kubona ingene amahera yanyu ariko arakoreshwa mubone n’ivyo mudakeneye kugura. Mutegerezwa guhagarika ugusesagura.

Nimugire urutonde rw’ibikenewe, nk’ibifungurwa, ivyambarwa, amahera y’inzu, ayo kwiyunguruza n’ibindi nk’ivyo. Iruhande ya kimwekimwe cose nimwandike amahera bizosaba, mugerageze kwiyumvira ayo bizotwara mu kiringo kinaka, nk’akarorero mu kwezi.Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: Luka 14:28.

“Uwugurana aba umusavyi wa nyene kumugurana.”Imigani 22:7

Buri kwezi, nimutegekanye ayo muzokoresha ku kintu kimwekimwe ukwaco (ibifungurwa, inzu, ivyo gucana, umuyagankuba n’ibindi). Bamwebamwe babigira mu kuyashira mu mabahasha, imwimwe yose ikajamwo ayagenewe ikintu kimwe. * Igihe ayo mw’ibahasha imwe abaheranye, baca bahagarika gusohora amahera ku bw’ico kintu canke bakiha ku yari mu yindi bahasha.

Nimusuzume ingene mubona amatungo. Gutunga ibigezweho si vyo bizana agahimbare. Nakare Yezu yavuze ati: “No mu gihe umuntu afise umurengera, ubuzima bwiwe ntibuva ku bintu atunze.” (Luka 12:15) Akenshi, ingene mukoresha amahera birerekana ko mwemera ayo majambo canke mutayemera.—Iciyumviro co muri Bibiliya cofasha: 1 Timoteyo 6:8.

Nimugire ivyo muhinduye. Umugabo yitwa Aaron amaze imyaka ibiri yubatse, avuga ati: “Ibintu bimwebimwe, nk’akarorero imboneshakure ikoresha ubuhinga bugezweho no kwama muja gufungurira muri resitora, mu ntango mwoshobora kubona umengo nta mahera menshi bizotwara, mugabo amaherezo birashobora gutuma mumererwa nabi mu vy’ubutunzi. Twarize kwihoza ibintu bimwebimwe kugira ngo tubeho duhuje n’uburyo dufise.”

^ par. 4 Naho iki kiganiro kigenewe abaherutse kurushinga, ivyiyumviro birimwo biraraba abubakanye bose.

^ par. 14 Nimba ugura ibintu kw’ideni canke ukoresheje ubuhinga bwa none, buri bahasha yari igenewe amahera nuze urayibikamwo agapapuro kanditseko ayasohotse.