Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 VYOBA VYARIYADUKIJE?

Ubuhinga bwo kumenya inzira bw’agakoko bita nyabumba

Ubuhinga bwo kumenya inzira bw’agakoko bita nyabumba

AMASE arafasha vyinshi ako gakoko bita nyabumba (ako bamwe bita akabumbamase). Ako gakoko karayarya kakongera kakayatamwo amagi. Utugabo tumwetumwe na two turaresha utugore mu kuduha amase manini. Utwo dukoko turarwanira cane amase akiri mashasha. Abashakashatsi barigeze kwihweza udukoko nyabumba nka 16.000 twaguma tuja ahari ikirundo c’amase y’inzovu, mu masaha abiri gusa tuba turayakuyeho.

Udukoko nyabumba two mu bwoko bumwebumwe turitandukanya na tugenzi twatwo mu kubumbabumba amase, tukagenda turayatembagariza kure y’ikirundo tuyakuyemwo, tugaca tuyahamba ahantu hari ivu ryoroshe. Mu gutembagaza ayo mase, agakoko nyabumba kagenda gatumbereye neza, ivyo bigatuma bikorohera kuva mu tundi, bigatuma kandi tugenzi twako tutagasahura amase kabumbabumvye.

None ni igiki gituma ako gakoko kagenda kadata inzira, na canecane mw’ijoro?

Rimbura ibi: Ivyigwa vyari vyaragizwe vyerekanye yuko ako gakoko gashobora kugenda kisunga umuco w’izuba canke w’ukwezi, mugabo karashobora kugenda gatumbereye n’igihe ukwezi kuba kutaboneka ariko ijoro rikaba rikeye. Abashakashatsi bo muri Afrika y’Epfo basanze ako gakoko kisunga umuco uva ku kigwi c’inyenyeri citwa Nzira Nyamweru, aho kwisunga inyenyeri imwimwe ukwayo. Ikinyamakuru kimwe (Current Biology) kivuga ko ako ari “ko karorero ka mbere gafise ibimenyamenya k’igikoko kigenda cisunga umuco uva kuri Nzira Nyamweru.”

Umushakashatsi yitwa Marcus Byrne avuga ko ako gakoko nyabumba gafise “ubushobozi bwo kubona bugafasha kumenya inzira naho haba hari umuco muke cane w’inyenyeri, gakoresheje ubwenge buke cane gafise.” Yongerako ati: “Utwo dukoko turashobora rero kugira ico twigishije abantu mu vyo gutorera umuti ingorane zitoroshe zijanye n’ubushobozi ivyuma bifata amasanamu bifise bwo kubona ibintu.” Nk’akarorero, harashobora guhingurwa icuma c’ikirobo kijejwe kurondera ibintu mu nzu yasenyutse, kikigana ubuhinga agakoko nyabumba gakoresha mu kumenya inzira.

None uvyibazako iki? Ubushobozi agakoko nyabumba gafise bwo kumenya inzira coba ari ikintu ciyadukije? Canke hariho uwabushizeho?

Wari ubizi?

Udukoko nyabumba turorosha ubutaka tukongera tukabufumbira, tugatuma kandi insazi zitagwira cane.