Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

 IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO

Umugenzi nyakuri ameze gute?

Umugenzi nyakuri ameze gute?

KU WA 25 Kigarama 2010, umugore umwe w’imyaka 42 wo mu Bwongereza yaranditse mu kibanza kizwi cane co kuri Internet abantu bashirako amakuru aberekeye (réseau social) yuko agomba kwiyahura. Ubwo butumwa yanditse bwari nk’uburyo bwo kwitabariza. Naho uwo mugore yari afise abitwa ngo ni abagenzi bo kuri Internet barenga igihumbi, nta n’umwe muri bo yamuserutseko. Bukeye bwaho, igipolisi camusanze ari ikiziga. Yari yiyahuye mu kunywa umuti mwinshi.

Muri iki gihe, ubuhinga bwa none buratuma dushobora kugira abitwa abagenzi amajana canke mbere ibihumbi bo kuri Internet, mu kwongera gusa amazina yabo ku rutonde rw’abo duhanahana amakuru biciye kuri orodinateri. Kandi igihe twipfuza guhagarika ubugenzi dufitaniye n’umwe muri bo, dukira gusa gukura izina ryiwe kuri urwo rutonde. Ariko rero, irya nkuru ibabaje y’umugore wo mu Bwongereza irerekana iki kintu gitangaje yamara c’ukuri: Abantu benshi biracabagora kuronka abagenzi nyakuri. Nkako, hari itohoza riheruka kwerekana yuko igitigiri c’abagenzi somambike b’ukuri cagabanutse, naho dusigaye duhanahana cane amakuru biciye kuri Internet.

Ushobora kuba uri mu bantu benshi babona ko abagenzi nyakuri bahambaye. Ushobora kandi kuba utahura ko kuba umugenzi bidasaba gusa gufyonda ahantu kuri orodinateri canke kuri telefone. Ni igiki witega ku mugenzi? Ushobora gute kuba umugenzi nyakuri? Wokora iki kugira ubugenzi burambe?

Rimbura ibi vyiyumviro bine wokwisunga, urabe n’ingene impanuro ngirakamaro zo muri Bibiliya zishobora kugufasha kuba umuntu abandi boshima ko ababera umugenzi.

 1. Niwerekane ko witwararikana vy’ukuri

Ubugenzi nyakuri busaba kwemera ibanga ryo kwitwararika uwundi. Mu yandi majambo, umugenzi nyakuri ariyumvamwo ko hari ico ajejwe ku bikwerekeye kandi akakwitwararika vy’ukuri. Ariko ntiwumve, bisaba ko mwempi mwemera iryo banga, umwe wese akagira akigoro kandi akemera kugira ivyo ahevye. Yamara utwo twigoro turavamwo ivyiza. Niwibaze uti: ‘Noba niteguriye kwitanga, ngatanga umwanya wanje n’ivyo mfise ku neza y’umugenzi wanje?’ Niwibuke iki kintu: Kugira uronke umugenzi nyakuri, wewe ubwawe ukwiye kubanza kuba umugenzi nyakuri ku bandi.

IVYO ABANTU BITEGA KU MUGENZI

Irene avuga ati: “Kurondera ubugenzi no kubutsimbataza ni nko kwitwararika umurima w’amashurwe, kuko bisaba umwanya mwinshi n’ubwitwararitsi. Nubanze ugire icipfuzo co kubera abandi umugenzi mwiza. Nube umuntu yerekana cane igishika kandi yitwararikana cane. Vyongeye, niwemere gutanga umwanya wawe igihe umugenzi wawe agukeneye.”

Luis Alfonso agira ati: “Isi ya kino gihe iremesha abantu kwikunda aho kwitwararika abandi. Ni co gituma bikora ku mutima cane iyo hagize uwukwitwararika ata co yiteze ko nawe umukorera.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Nk’uko mushaka ko abantu babagirira, abe ari ko nyene mubagirira. Mugire akamenyero ko gutanga, namwe bazobaha.” (Luka 6:31, 38) Ng’aho Yezu aturemesha kuba abantu vy’ukuri batanga kandi batagira ubwikunzi. Ukwo gutanga kurakomeza ubugenzi nyakuri. Witanze ku neza y’abagenzi bawe utiteze ko na bo bagira ico bagukoreye, ntibazobura kukwiyumvamwo.

2. Nube umuntu azi kuyaga

Ubugenzi nyakuri ntibushobora kurama igihe abantu bataza barayaga. Nimuze rero muraganira ku vyo mwempi mukunda. Nutege ugutwi ivyo umugenzi wawe avuga kandi wubahirize ivyiyumviro vyiwe. Igihe cose bishoboka, numukeze wongere umuremeshe. Rimwe na rimwe, umugenzi yokenera ko umuhanura canke ukanamukebura, kandi ivyo ntivyama vyoroshe kugira. Ariko rero, umugenzi w’intahemuka ararya umutima amenyo akereka mugenziwe ikintu kitabereye amubonako maze akamuhanura mu bwitonzi.

IVYO ABANTU BITEGA KU MUGENZI

Juan avuga ati: “Umugenzi nyakuri ntiyitinya gushikiriza ivyiyumviro vyiwe, mugabo ntashavura igihe mudahuje.”

Eunice agira ati: “Ndakunda cane abagenzi bemera kumarana nanje umwanya kandi bakantega ugutwi, canecane igihe mfise ingorane.”

Silvina na we ati: “Abagenzi nyakuri barakubwiza ukuri naho baba bazi ko biza kukubabaza, kubera ko bakwipfuriza ineza.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Umuntu wese atebuke kwumva, atebe kuvuga, atebe kuraka.” (Yakobo 1:19) Abagenzi nyakuri bama bashima ko ubatega yompi. Wiharije ijambo uba werekanye ko ubona ko ivyiyumviro vyawe ari vyo bihambaye gusumba ivyabo. Nutege yompi rero igihe umugenzi yipfuza kukubwira akari ku mutima n’akamubakiye. Kandi ntubabare akubwije ukuri. Mu Migani 27:6 havuga hati: “Ibikomere bitewe n’umukunzi [vyerekana ubwizigirwa].”

 3. Ntiwitege ibidashoboka

Uko ubugenzi dufitaniye n’umuntu bukomera, ni ko vyoroha cane ko tubona utunenge twiwe. Abagenzi bacu ntibatunganye, nk’uko nyene natwe tudatunganye. Ni co gituma tudakwiye kwitega canke gushaka ko abagenzi bacu baba abatagira akanenge. Ahubwo riho, dukwiye gushima ivyiza tubabonamwo tukanabatahura iyo bakoze amakosa.

IVYO ABANTU BITEGA KU MUGENZI

Samuel avuga ati: “Kenshi usanga abandi tubitegako vyinshi kuruta ivyo twitega kuri twebwe ubwacu. Igihe twemera ko ubwacu dukora amakosa be n’uko dukeneye guharirwa, biroroha ko duharira abandi.”

Daniel na we ati: “Nutahure ko bizoshika abagenzi bawe bagakora amakosa. Iyo rero havyutse ingorane, dukwiye kuzitorera umuti mu maguru masha maze tukihatira kuvyibagira.”

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

Woba witeguriye kubabarira?Abakolosayi 3:13, 14

“Twese dutsitara kenshi. Nimba hari uwudatsitara mw’ijambo, uyo ni umuntu atagira akanenge, ashoboye no kujiginyika umubiri wiwe wose.” (Yakobo 3:2) Kwemera ico kintu c’ukuri birashobora kudufasha gutahura abagenzi bacu. Ivyo biraheza bigatuma twirengagiza udukosa n’utunenge dushobora kudushavuza. Bibiliya ivuga iti: “Mubandanye kwihanganirana no kubabarirana ata gahigihigi iyo hari uwufise ico yidogera uwundi. . . . Mugabo ikigeretse kuri ivyo vyose, mwambare urukundo, kuko urukundo ari umugozi utagira akanenge wunga ubumwe.”Abakolosayi 3:13, 14.

 4. Nucudike n’abantu batandukanye

Ni ivy’ukuri yuko tutopfa uwo tugize umugenzi. Mugabo ivyo ntibisobanura ko abafise imyaka minaka canke bakuriye mu mico minaka ari bo gusa twoca tugira abagenzi. Kwiyegereza abantu b’imyaka itandukanye, b’imico kama itandukanye, bakomoka no mu bihugu bitandukanye vyoshobora vy’ukuri gutuma ubuzima bwacu buryoha.

IVYO ABANTU BITEGA KU MUGENZI

Unai avuga ati: “Gucudika gusa n’abantu munganya imyaka kandi mukunda bimwe, ni nko kwambara imisi yose impuzu z’ibara ukunda cane. Naho iryo bara woba urikunda gute, ryoteba rikakurambira.”

Funke na we ati: “Gucudika n’abantu batandukanye vyatumye nkura. Narize kubana n’abantu b’imyaka itandukanye n’imico itandukanye, ivyo bikaba vyaratumye ndushiriza kuba umuntu yiyegereza abandi kandi azi guhuza na bo. Kandi ivyo abagenzi banje barabishima cane.”

Woba wiyegereza abantu b’ubwoko bwose?2 Abakorinto 6:13

BIBILIYA IBIVUGAKO IKI?

“Nuko rero, bwa mpembo—mvuga nk’uwubwira abana—namwe nyene nimwaguke.” (2 Abakorinto 6:13) Bibiliya ituremesha kwaguka tukiyegereza abantu b’ubwoko bwose. Ukwo guhitamwo abagenzi ata we twinuba, kurashobora gutuma ubuzima bwacu butama ari bwa bundi nyene, bigatuma kandi abandi badukunda.