Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Niwakirane ugukenguruka, utangane umutima wawe wose

Niwakirane ugukenguruka, utangane umutima wawe wose

Niwakirane ugukenguruka, utangane umutima wawe wose

YEHOVA, Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru, ubwiwe aratwitwararika. Ijambo ryiwe riradukura amazinda yuko ababara abasavyi biwe bose bimwe bigera kure. (1 Pet. 5:7) Uburyo bumwe Yehova agaragaza ukuntu atubabara ni mu kudufasha mu buryo butandukanye kugira ngo dushobore kumukorera turi abizigirwa. (Yes. 48:17) Igihe canecane duhanzwe n’ingorane zituma duta umutwe, Yehova ashaka ko twikora ku mfashanyo aturonsa. Rya Tegeko rya Musa rirashira ahabona ukwo kuri.

Mu gihe ca rya Tegeko, Yehova yararonkeje imfashanyo iranga urukundo “aboro,” nk’impfuvyi, abapfakazi be n’abanyamahanga. (Lew. 19:9, 10; Gus. 14:29) Arazi yuko bamwebamwe mu basavyi biwe boshobora gukenera gufashwa n’abo basangiye ugusenga. (Yak. 1:27) Ku bw’ivyo, nta n’umwe mu basavyi biwe akwiye kugonanwa kwemera imfashanyo ahawe n’abo Yehova avyurira umutima wo kuyitanga. Naho ari ukwo, igihe twemeye gufashwa, twipfuza kubigirana agatima kabereye.

Muri ico gihe nyene, Ijambo ry’Imana rirerekana ko abasavyi bayo bafise n’akaryo ko gutanga. Ibuka inkuru ya wa “mupfakazi . . . w’umukene” Yezu yitegereza ku rusengero rw’i Yeruzalemu. (Luka 21:1-4) Ashobora kuba yarungukira ku ntunganyo ziranga urukundo Yehova yari yashiriyeho abapfakazi nk’uko vyavugwa muri rya Tegeko. Ariko rero, naho uwo mupfakazi yari akenye, ntiyibukirwa ku kuba yarahawe, ahubwo yibukirwa ku kuba yaratanze. Agatima kiwe ko gutanga gategerezwa kuba karamuzaniye agahimbare kuko, nk’uko Yezu yabivuze, “gutanga kurimwo agahimbare kuruta guhabwa.” (Ibik. 20:35) Ufise ukwo kuri mu muzirikanyi, ni gute ‘wogira akamenyero ko gutanga’ maze bigatuma uronka agahimbare?​—Luka 6:38.

“Nzokwishura iki Yehova?”

Umwanditsi wa Zaburi yaribajije ati: “Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira?” (Zab. 116:12, NW) Ni ivyiza ibihe yari yararonse? Yehova yari yaramushigikiye mu gihe c’“ivyago n’umubabaro.” Vyongeye, Yehova yari ‘yarakijije ubugingo bwiwe urupfu.’ Ico gihe rero, yashaka ‘kwishura’ Yehova mu buryo bunaka. None uwo mwanditsi wa Zaburi yari gukora iki? Yavuze ati: “Uhoraho nzomushitsakw amasezerano yanje.” (Zab. 116:3, 4, 8, 10-14) Yari yiyemeje gukora ahuza n’ibintu vyose yari yarasezeraniye Yehova ku mugaragaro be no gushitsa ivyo yamusaba vyose.

Urashobora gukora nk’ukwo nyene. Uti gute? Mu gukurikirana ingendo y’ukubaho igihe cose wisunga amategeko n’ingingo ngenderwako vy’Imana. Ku bw’ivyo, nurabe neza ko ugusenga Yehova kuguma ari co kintu gihambaye gusumba ibindi vyose mu buzima bwawe be n’uko ureka impwemu y’Imana ikakuyobora mu bintu vyose ukora. (Umus. 12:13; Gal. 5:16-18) Mu vy’ukuri, birumvikana ko udashobora kwigera wishura Yehova bimwe bishitse ku bintu vyose yagukoreye. Ariko rero, ‘biranezereza umutima wa Yehova’ kubona uriko uritanga n’umutima wawe wose mu murimo wiwe. (Imig. 27:11) Ese ingene ari agateka keza igitangaza gutuma Yehova anezerwa muri ubwo buryo!

Nuterere agacumu k’ubumwe ku kumererwa neza kw’ishengero

Ata gukeka, ntiwohakana ko wungukiye kw’ishengero rya gikirisu mu buryo bwinshi. Biciye kw’ishengero, Yehova yaratanze umukimba w’ibifungurwa vyo mu buryo bw’impwemu. Waramenye ukuri kwagukuye mu binyoma vy’amadini no mu mwiza wo mu vy’impwemu. (Yoh. 8:32) Ku makoraniro y’ishengero, ku materaniro no ku mahwaniro ategurwa na wa “mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge,” wararonse ubumenyi buzogushikana mu buzima budahera mw’isi y’iparadizo itarimwo umubabaro no gucumukura. (Mat. 24:45-47) Mbega woba woshobora kwiyamvya ngo uharure ivyiza vyose waronse be n’ivyo uzoronka biciye kw’ishengero ry’Imana? None ni igiki nawe woshobora guha ishengero?

Intumwa Paulo yanditse ati: “Umubiri wose, mu kuba ufatanirijwe hamwe ukanywana neza ukaba uwukorera hamwe biciye kw’ifatanirizo ryose ritanga ibikenewe, nk’uko igihimba kimwe cose gikora mu rugero rubereye, urafasha kugira habe ugukura kw’umubiri kugira ngo wiyubake mu rukundo.” (Ef. 4:15, 16) Naho ico canditswe cerekeza ubwa mbere na mbere ku mugwi w’abakirisu barobanuwe, ingingo ngenderwako gitekeye irashobora gukora ku bakirisu bose muri kino gihe. Ego cane, umwe wese mu bagize ishengero arashobora guterera agacumu k’ubumwe ku kumererwa neza no ku gukura kw’ishengero. Mu buryo ubuhe?

Ivyo turashobora kubigira mu kwihatira igihe cose kubera abandi isôko ry’indemesho n’ukuruhurirwa mu vy’impwemu. (Rom. 14:19) Turashobora kandi guterera ku “gukura kw’umubiri” mu gutsimbataza ivyamwa vy’impwemu y’Imana mu bintu vyose tugirana n’abo dusangiye ukwemera. (Gal. 5:22, 23) N’ikindi kandi, turashobora kurondera uturyo two “[gukorera] bose iciza, mugabo canecane incuti zacu mu kwizera.” (Gal. 6:10; Heb. 13:16) Uwo ari we wese mw’ishengero, baba abavukanyi canke abavukanyikazi, uwukiri muto canke uwukuze, barashobora kugira uruhara mu ‘kwubaka umubiri mu rukundo.’

Vyongeye, turashobora gukoresha ububangukirwe bwacu, inguvu zacu be n’ivyo dutunze kugira ngo tugire uruhara muri ca gikorwa ishengero rirangura kirokora ubuzima. Yezu Kristu yavuze ati: “Mwahawe ku buntu.” None dukwiye guca dukora iki? Yavuze ati: “Mutange ku buntu.” (Mat. 10:8) Ku bw’ivyo rero, nugire uruhara bimwe bishitse muri ca gikorwa gihambaye co kwamamaza Ubwami no guhindura abantu abigishwa. (Mat. 24:14; 28:19, 20) Woba udashoboye gukora vyinshi muri ico gikorwa? Niwibuke wa mupfakazi w’umukene Yezu yavuga. Ivyo yatanze vyari bike cane. Ariko rero, Yezu yavuze yuko yakoze vyinshi gusumba ivy’abandi bose. Yatanze ivyo yari ashoboye gutanga vyose.​—2 Kor. 8:1-5, 12.

Niwakirane agatima kabereye

Yamara rero, hoshobora gushika ibihe wosanga ukeneye gushigikirwa n’ishengero. Ntiwigere ugonanwa kwakira imfashanyo iyo ari yo yose ishengero rishobora gutanga igihe uriko uranyinyana n’imikazo y’ivy’iyi si. Yehova yaratanze abagabo babishoboye kandi bitwararikana ngo “[ba]ragire ishengero,” kugira ngo bagufashe igihe uriko urashikirwa n’ibigeragezo be n’amakuba. (Ibik. 20:28) Abakurambere be n’abandi bo mw’ishengero baripfuza kuguhoza, kugushigikira be no kugukingira mu bihe bigoye.​—Gal. 6:2; 1 Tes. 5:14.

Ariko rero, nurabe neza yuko igihe wakira imfashanyo kanaka uba ukeneye, ubigirana agatima kabereye. Niwame wemera ubigiranye ugukenguruka ugushigikirwa uronswa. Nubone iyo mfashanyo uhawe n’abo musangiye ukwemera ko ari ikintu cerekana ubuntu ata wari abukwiriye bw’Imana. (1 Pet. 4:10) Ni kubera iki ivyo bihambaye? Kubera yuko tudashaka kwakira nk’uko abantu benshi muri iyi si babigira, ni ukuvuga ata gukenguruka tubigiranye.

Nugire uburimbane kandi ukore ibitegereka

Mw’ikete Paulo yandikiye ishengero ry’i Filipi, yanditse ku bijanye na Timoteyo ati: “[N]ta wundi mfise ari n’umutima nk’uwiwe azokwitaho koko ivyanyu.” Ariko rero, Paulo yaciye yongerako ati: “Abandi bose bironderera inyungu zabo bwite, atari iza Kristu Yezu.” (Flp. 2:20, 21) Dufise ku muzirikanyi ico kintu gihambaye Paulo yavuze, ni gute dushobora kwirinda kuba abitwararika birenze urugero “inyungu [zacu] bwite”?

Ntidukwiye kwigera tuba abantu basaba ibirenze urugero igihe dusaba abandi bo mw’ishengero ngo baduhebere umwanya wabo bongere batwitwararike kugira ngo badufashe gutorera umuti ingorane zacu. Uti kubera iki? Nuzirikane kuri iki kintu: Nta gukeka ko twokenguruka bimwe bigera kure bishitse umuvukanyi akaduha imfashanyo kanaka y’umubiri kugira ngo adufashe igihe dushikiwe n’ikintu cihutirwa. Ariko none, ubwo twokwigera tumusaba ngo aduhe iyo mfashanyo y’umubiri? Birumvikana ko tutobigira. Mu buryo busa n’ubwo, naho abavukanyi bacu b’abanyarukundo bama nantaryo bahimbarwa no kudufasha, turakeneye kugira uburimbane no gukora ibitegereka mu vyo twitega ko baturonsa mu bijanye n’umwanya wabo. Nakare, ikintu ico ari co cose abo dusangiye ukwemera bokora kugira ngo badufashe kwihanganira ibihe bigoye, twokwipfuza ko bokigira babikuye ku mutima.

Nta gukeka ko abavukanyi n’abavukanyikazi bawe bakirisu bazokwama nantaryo biteguriye kugufasha kandi bari n’umutima ukunze wo kubigira. Ariko rimwe na rimwe, boshobora gusa kuba badashoboye kukuronsa ivyo ukeneye vyose. Ivyo nivyashika, uramenya neza ko Yehova azogushigikira mu bigeragezo ivyo ari vyo vyose woshobora guhura na vyo, nk’uko yabigiriye umwanditsi wa Zaburi.​—Zab. 116:1, 2; Flp. 4:10-13.

Ku bw’ivyo rero, ntugonanwe kwakirana ugukenguruka intunganyo izo ari zo zose Yehova agushiriraho, na canecane mu bihe uba wataye umutwe canke ufise ingorane. (Zab. 55:22) Ashaka ko ubigenza gutyo. Ariko rero, ashaka kandi ko uba “uwutangana akamwemwe.” Ku bw’ivyo, ‘niwiyemeze mu mutima wawe’ bimwe bishitse gutanga ikintu ico ari co cose ushoboye bivanye n’uko ivyawe vyifashe, mu gushigikira ugusenga kw’ukuri. (2 Kor. 9:6, 7) Muri ubwo buryo, uzoshobora kwakirana ugukenguruka wongere utangane umutima wawe wose.

[Uruzitiro/Amafoto ku rup. 31]

“Nzokwishura iki Yehova ku vyiza vyose angirira?”​—Zab. 116:12, NW.

▪ Nurondere uturyo two “[gukorera] bose iciza”

▪ Nubere abandi isôko ry’indemesho be n’ukuruhurirwa mu vy’impwemu

▪ Nugire uruhara bimwe bishitse muri ca gikorwa co guhindura abantu abigishwa, bivanye n’uko ivyawe vyifashe