Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Woba ushobora gufasha abandi utaravye imyaka yabo, igihugu baturukamwo canke idini ryabo?

Imihezagiro iva ku gufasha abandi

Imihezagiro iva ku gufasha abandi

Hirya no hino kw’isi, usanga abantu benshi bakeneye ibifungurwa n’uburaro. Hari n’abo usanga bakeneye gusa icizigiro ca kazoza. None tugize akigoro ko gufasha abo bantu, bishobora gute gutuma Imana idushima kandi ikaduhezagira?

ICO IVYANDITSWE VYERANDA BIVUGA

“Uwugirira ubutoni umuntu mutoyi aba aguranye Yehova, kandi ivyo akoze azobimwishura.”​—IMIGANI 19:17.

ICO GUFASHA ABANDI BISOBANURA

Yezu yaravuze inkuru y’umuntu yaguye mu bambuzi bamusiga ari intere. (Luka 10:29-37) Hari umuntu w’ingenzi yaserutse kuri uwo muntu yari yakomeretse bikomeye, araheza aramufasha. Yaramwitwararitse naho batari basangiye ubwoko.

Uretse ko uwo mugabo w’umutima mwiza yabanje kumuvura akamuronsa n’ivyo yari akeneye, yaranamuhumurije yongera aramuruhurira.

None iyo nkuru itwigisha iki? Yezu yashaka kutwereka ko twofasha abari mu nkenero uko dushoboye kwose. (Imigani 14:31) Ivyanditswe Vyeranda biravuga ko vuba Imana igiye gukuraho ubukene n’imibabaro yose. Ariko rero turashobora kwibaza igihe Imana izokora ivyo bintu be n’ingene izobigenza. Ikiganiro gikurikira kiraca irya n’ino imihezagiro Umuremyi wawe agukunda akubikiye.