Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Turamenya ivyerekeye Imana biciye ku ntumwa zayo

Turamenya ivyerekeye Imana biciye ku ntumwa zayo

Muri kahise, Imana yarahaye intumwa zayo ubutumwa buhambaye bugenewe abantu. None ubwo butumwa, bwoba bushobora kutwereka ingene twokwironkera imihezagiro y’Imana? Neza cane. Reka turabe ico twigira ku ntumwa zayo zitatu z’intahemuka.

ABURAHAMU

Imana ntigira nkunzi kandi yipfuza guhezagira abantu bose.

Imana yasezeraniye intumwa yiwe Aburahamu iti: “Imiryango yose yo ku butaka izokwihesha koko umuhezagiro biciye kuri wewe.”​—Itanguriro 12:3.

None ivyo bitwigisha iki? Imana iradukunda cane kandi yipfuza guhezagira imiryango yose iyigamburukira, ni ukuvuga, abagabo, abagore n’abana.

MUSA

Imana ni inyembabazi kandi irahezagira abagira akigoro ko kuyimenya.

Mushoboravyose yarahaye intumwa Musa ububasha bwo gukora bitangaro bikomeye. Naho ari ukwo, Musa yasenze ati: “Ndakwinginze, umenyeshe inzira zawe, kugira ndakumenye, mpeze ngire ubutoni mu maso yawe.” (Kuvayo 33:13) Ico kintu Musa yasavye Imana carayihimbaye cane, ica imuha kurushiriza kumenya no gutahura inzira zayo be n’ukuntu imeze. Nk’akarorero, Musa yaramenye ko Umuremyi wacu ari “Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe.”​—Kuvayo 34:6, 7.

None ivyo bitwigisha iki? Imana yipfuza guhezagira abo bose bihatira kuyimenya, baba abagabo, abagore canke abana. Mu Vyanditswe Vyeranda vyayo, iratwereka ingene twoyisenga, ikatubwira n’ukuntu ishashaye kutugirira ubutoni no kuduhezagira.

YEZU

Yezu abigiranye impuhwe, yarakijije indwara z’ubwoko bwose

Kwiga ivyerekeye Yezu no kumenya ivyo yakoze n’ivyo yigishije, birashobora gutuma Imana iduha imihezagiro yamaho.

Ijambo ry’Imana riravuga ibintu vyinshi ku bijanye n’ubuzima bwa Yezu be n’ivyo yigishije. Imana yarahaye Yezu ububasha bwo gukora ibitangaro bikomakomeye, nko gukiza impumyi, abatumva be n’abamugaye. Yaranazuye abapfuye. Gutyo, Yezu yari yerekanye imihezagiro Imana izoronsa abantu bose muri kazoza. Yaravuze ingene umwe wese muri twebwe yokwironkera iyo mihezagiro, ati: “Kugira ngo baronke ubuzima budahera, ni uko baguma bironsa ubumenyi bwerekeye wewe, Imana yonyene y’ukuri, n’ubwerekeye uwo watumye, Yezu Kristu.”​—Yohani 17:3.

Yezu yari umuntu afise ikibabarwe n’umutima mwiza. Abagabo n’abagore, abato n’abakuze, bose baritabiriye akamo yabateye kagira gati: “[Ni]munyigireko, kuko nitonda kandi niyoroheje mu mutima, namwe muzokwumva muruhuriwe.” (Matayo 11:29) Yezu ntiyari ameze nk’abantu bo mu gihe ciwe bafata nabi abagore, kuko wewe yabafatana iteka, ubuntu n’icubahiro.

None ivyo bitwigisha iki? Yezu yarerekanye ko akunda cane abantu, yongera atubera akarorero kadasanzwe k’ingene twofata abandi.

YEZU SI IMANA

Ivyanditse Vyeranda bivuga ko kuri twebwe “hari Imana imwe” be n’uko Yezu yari intumwa yicisha bugufi y’Imana. (1 Abakorinto 8:6) Yezu yarivugiye ko Imana imuruta kandi ko ari yo yamurungitse kw’isi.​—Yohani 11:41, 42; 14:28. *

^ ing. 17 Kugira umenye vyinshi ku bijanye na Yezu Kristu, raba igice ca 8 n’ica 9 mu gatabu Ukwizera nyakuri kurashobora gutuma ubaho uhimbawe, ku rubuga rwa www.mr1310.com.