Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Urukundo ruratuma dushira inyungu z’abandi imbere y’izacu

Ingene twokwerekana ko dukunda bagenzi bacu

Ingene twokwerekana ko dukunda bagenzi bacu

Kubera ko twese dukomoka ku muntu wa mbere ari we Adamu, turi umuryango umwe. Naho usanga vyitezwe ko abagize umuryango bakundana kandi bakubahana, muri iki gihe usanga bitoroshe ko abantu bakundana gutyo. Ariko Imana yacu y’urukundo, ivyo si vyo yipfuza.

ICO IVYANDITSWE VYERANDA BIVUGA KU BIJANYE N’URUKUNDO

“Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.”​—ABALEWI 19:18.

“Mubandanye gukunda abansi banyu.”​—MATAYO 5:44.

ICO GUKUNDA BAGENZI BACU BISOBANURA

Raba ingene Ijambo ry’Imana ridondora urukundo mu 1 Abakorinto 13:4-7:

“Urukundo ruriyumanganya kandi rugira ubuntu.”

Iyumvire: Wumva umerewe gute igihe abandi bakwihanganiye kandi bakakugirira ubuntu ntibaguhambarire igihe ukoze amakosa?

“Urukundo ntirugira ishari.”

Iyumvire: Wumva umerewe gute igihe abandi batakuraba ryiza canke bagufitiye ishari?

Urukundo “ntirurondera inyungu zarwo bwite.”

Iyumvire: Wumva umerewe gute igihe abandi bubahiriza ivyiyumviro vyawe, ntibame bashimika ku vyiyumviro vyabo bwite?

Urukundo “ntiruza ruraharura ikibi rukorewe.”

Iyumvire: Imana irababarira n’umutima ukunze abantu bayicumurako mu nyuma bakigaya. Ivyanditswe Vyeranda bivuga ko Imana ‘itazoguma itora amahinyu, kandi ko itagumana inzika.’ (Zaburi 103:9) Iyo twagiriye nabi umuntu maze akatubabarira, turabishima cane. Natwe rero, dukwiye kwama twiteguriye kubabarira abandi igihe baducumuyeko.​—Zaburi 86:5.

Urukundo “ntirunezererwa ibitagororotse.”

Iyumvire: Iyo dushikiwe n’ikintu kibi, ntitwipfuza ko abandi baca banezerwa. Natwe rero ntidukwiye kunezerwa igihe abandi bashikiwe n’ingorane, mbere n’aho vyoba vyarashitse bakadufata nabi.

Nimba twipfuza ko Imana iduhezagira, dutegerezwa gukunda abandi muri ubwo buryo, tutaravye ico bari. Uburyo bumwe twobigira ni mu gufasha abari n’ivyo bakeneye.