Ja ku birimwo

Ja ku rutonde rw’ibirimwo

Imana yo ‘yumva amasengesho,’ irahimbarwa no kutwumviriza.​—ZABURI 65:2

Nugume usenga usaba gushimwa n’Imana

Nugume usenga usaba gushimwa n’Imana

Imana yarahaye abantu ingabire idasanzwe, na yo akaba ari uko bashobora kuyisenga bakayibwira ibibaraje ishinga. Intumwa y’Imana Dawidi yasenze ati: “Wewe wumva amasengesho, emwe, abantu b’ubwoko bwose bazoza kuri wewe.” (Zaburi 65:2) Twosenga gute none kugira ngo Imana itwumve yongere iduhezagire?

NUVUGE IBIVUYE KU MUTIMA KANDI WICISHIJE BUGUFI

Amasengesho utura Imana atuma uyisukira ibiri ku mutima, ukayibwira ukuntu wiyumva vy’ukuri. (Zaburi 62:8) Imana Mushoboravyose irakunda amasengesho avuye ku mutima.

NUSENGE IMANA UKORESHEJE IZINA RYAYO RY’URUHARO

Naho Imana ifise amazina menshi y’icubahiro, ifise izira ry’uruharo rimwe gusa. Yavuze iti: “Ndi Yehova. Iryo ni ryo zina ryanje.” (Yesaya 42:8) Mu Vyanditswe Vyeranda, izira Yehova riboneka incuro nka 7.000. Intumwa nyinshi z’Imana, zarakoresheje iryo zina ryayo ry’uruharo igihe zavugana na yo. Nk’akarorero, Aburahamu yayibwiye ati: “Ndakwinginze, ese Yehova atorungura n’ishavu, mugabo reka mbandanye kuvuga.” (Itanguriro 18:30) Na twebwe igihe dusenga, turakwiye gukoresha iryo zina ry’Imana, ari ryo Yehova.

NUSENGE MU RURIMI UTAHURA NEZA

Naho twoba tuvuga ururimi uruhe, Imana iratahura ivyiyumviro vyacu be n’ukuntu twiyumva. Ijambo ryayo ridukura amazinda riti: “Imana [nti]gira nkunzi, mugabo mw’ihanga iryo ari ryo ryose umuntu ayitinya kandi agakora ivy’ubugororotsi iramwemera.”​—Ivyakozwe 10:34, 35.

Ariko rero, kugira ngo Imana iduhezagire, turakeneye gukora n’ibindi uretse gusenga gusa. Mu biganiro bikurikira, turarimbura ivyo dukeneye gukora.