Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 1: Soma Bibiliya yawe

Bibiliya yomfasha gute?​—Igice ca 1: Soma Bibiliya yawe

 “Naragerageje gusoma Bibiliya, ariko ubunini bwayo bwaranteye ubwoba!”​—Briana, imyaka 15.

 Nawe woba ari uko ubibona? Iki kiganiro kirashobora kugufasha.

 Kubera iki nosoma Bibiliya?

 Gusoma Bibiliya vyoba bikurambira? Nimba bikurambira, nta wobura kugutahura. Ushobora kuba ubona Bibiliya nk’igitabu c’impapuro ibihumbi, gifise utudome dutoduto, kitagiramwo ifoto n’imwe, ata ho gihuriye na televiziyo canke amasinema.

 Dufate akarorero: Hamwe woza ubona wubutse kw’isandugu ya kera cane yabikwamwo ibintu vy’agaciro, none ntiwoshima kumenya ibiri indani?

 Bibiliya ni nk’iyo sandugu. Irimwo amajambo y’ubukerebutsi ashobora kugufasha:

  •   Gufata ingingo nziza

  •   Kwumvikana n’abavyeyi bawe

  •   Kuronka abagenzi beza

  •   Kwihanganira amaganya

 Kubera iki none Bibiliya ishobora kudufasha gutyo kandi ari igitabu ca kera? Ni kubera ko “icanditswe cose cahumetswe n’Imana.” (2 Timoteyo 3:16) Ivyo bisigura ko impanuro ziri muri yo ziva kw’Isôko ruheta ry’ubukerebutsi.

Bibiliya ni nk’isandugu yuzuyemwo ubukerebutsi bw’agaciro ntangere

 Noyisoma gute?

 Urashobora kuyisoma kuva mu ntango gushika mu mpera. Ivyo biratuma ubona muri rusangi ubutumwa buri muri Bibiliya. Hariho uburyo bwinshi bwo kubigira. Raba uburorero bubiri:

  •    Urashobora gusoma ibitabu 66 biyigize uko bigenda birakurikirana, kuva mw’Itanguriro gushika mu Vyahishuwe.

  •    Urashobora kuyisoma wisunze uko ibivugwamwo vyagiye birakurikirana.

 Impanuro: Mu gihimba ca 4 c’Agatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana hariyo urutonde rw’ibintu nyamukuru vyabaye mu buzima bwa Yezu bwo kw’isi nk’uko vyagiye birakurikirana.

 Uburyo bugira kabiri bwo gusoma Bibiliya ni uguhitamwo inkuru ihuye n’ingorane uriko uracamwo. Nk’akarorero:

  •   Woba wipfuza kuronka abagenzi beza? Nusome inkuru ya Yonatani na Dawidi. (1 Samweli ikigabane ca 18-20) Nuce ukoresha umwimenyerezo uvuga ngo “Ukuntu woronka abagenzi b’intahemuka” kugira urabe ivyigwa ngirakamaro ushobora gukura kuri iyo nkuru.

  •   Woba wipfuza kuronka inguvu zo kunanira ibigeragezo? Nusome inkuru y’ukuntu Yozefu yananiye ibigeragezo. (Itanguriro ikigabane ca 39) Nuce ukoresha umwimenyerezo uvuga ngo “Ingene wonanira inyosha mbi . . . Yozefu​—Igice ca 1” n’uwuvuga ngo “Yarabeshewe! Yozefu​—Igice ca 2” kugira urabe ivyigwa ngirakamaro ushobora gukura kuri iyo nkuru.

  •   Woba wipfuza kumenya ukuntu isengesho rishobora kugufasha? Nusome inkuru ya Nehemiya. (Nehemiya ikigabane ca 2) Nuce ukoresha umwimenyerezo uvuga ngo “Imana yarishuye isengesho ryiwe” kugira urabe ivyigwa ngirakamaro ushobora gukura kuri iyo nkuru.

 Impanuro: Igihe usoma Bibiliya, nusomere ahantu hatekanye kugira ushobore gushira umutima ku vyo usoma.

 Uburyo bugira gatatu bwo gusoma Bibiliya ni uguhitamwo inkuru canke izaburi, ukayisoma maze ukaraba ukuntu ikwerekeye wewe ubwawe. Uhejeje gusoma, niwibaze ibibazo nk’ibi:

  •    Kubera iki Yehova yandikishije ibi bintu muri Bibiliya?

  •    Bihishura iki ku kuntu Yehova ameze be no ku kuntu akora ibintu?

  •    Nobishira mu ngiro gute mu buzima bwanje?

 Impanuro: Niwishingire umugambi! Niwandike itariki ushaka kuzotangurirako porogarama yo gusoma Bibiliya.