Ja ku birimwo

URWARUKA RURIBAZA

Kubera iki ntagira abagenzi?

Kubera iki ntagira abagenzi?

Uri kuri Internet, uriko uraba amafoto y’urubanza ruheruka kuba. Abagenzi bawe bose bari ng’aho, kandi biboneka ko bahimbawe. Ariko hariho ikintu kibuze. Tubivuze dutomora, hariho umuntu abuze, na we akaba ari wewe!

Uribaza uti: ‘None kubera iki ntatumiwe?’

Wariko urondera kumenya ibintu, ariko ubu birahindutse uciye ugira umujinya. Wumva wakumiriwe! Wumva umengo ubucuti mwari mufitaniye bwasambutse bukwi na bukwi nka kurya kw’inzu idakomeye yubakishijwe amakarato. Igihuhusi c’irungu caguteye, maze ukibaza uti: ‘Kubera iki ntagira abagenzi?’

 Umwimenyerezo ku bijanye n’irungu

 Ni vyo canke si vyo

  1.   Ufise abagenzi benshi ntuzokwigera ugira irungu.

  2.   Ugiye muri vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako ibiberekeye ntuzokwigera ugira irungu.

  3.   Ugiye urarungikira ubutumwa abantu benshi kuri telefone ntuzokwigera ugira irungu.

  4.   Ugize ivyo ukorera abandi ntuzokwigera ugira irungu.

 Ivyo bintu vyose uko ari bine si vyo.

 Uti kubera iki?

 Ukuri ku vyerekeye ubugenzi hamwe n’irungu

  •   Kugira abagenzi benshi si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

     “Nditwararika abagenzi banje, ariko rimwe na rimwe simbona ko nanje banyitwararika. Urashobora kwumva ugize irungu ridasanzwe igihe ukikujwe n’abagenzi ariko bikaboneka ko batagukunda canke batagukeneye.”​—Anne.

  •   Kuja muri vya bibanza vyo kuri Internet abantu bashirako ibiberekeye si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

     “Hari abegeranya abagenzi nka kurya begeranya udupupe. Ariko kuba umuntu afise utuntu twiza twinshi ntivyigera bituma aca yumva ko akundwa. Igihe ata bucuti buri n’ico buvuze mufitaniye, abagenzi bo kuri “Internet” bakumerera nka kurya kw’udupupe tutagira ubuzima.”​—Elaine.

  •   Kurungikira ubutumwa abantu benshi kuri telefone si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

     “Rimwe na rimwe iyo wumva irungu uguma uraba muri telefone ko ata mugenzi yakwandikiye. Igihe wamaze kwumva irungu maze ukabona ko ata n’umwe yagerageje kukurondera, ivyo birashobora gutuma urushiriza kumererwa nabi!”​—Serena.

  •   Kugira ivyo ukorera abandi si icemeza ko utazokwigera ugira irungu.

     “Nama ngerageza guha ibintu abagenzi banje, ariko ndabona ko batamfata nk’uko ndabafata. Sinicuza kuba narabahaye ibintu ariko ntivyumvikana ukuntu batigeze vy’ukuri nanje bansubiriza mu ndumane.”​—Richard.

 Ico twoshikako: Irungu riba mu mutwe. Umugore umwe akiri muto yitwa Jeanette avuga ati: “Riva indani mu muntu ntiriva hanze.”

 Wokora iki wumvise utagira abagenzi ukumva n’irungu?

 Ingene umuntu yotsinda urwo rugamba

Niwiyumvemwo ko hari ico umaze.

 “Umuntu arashobora kwumva irungu bivuye ku kuba yiyumvamwo ko ata co amaze. Biragoye kurondera abagenzi igihe utumva ko ubereye gukundwa n’abandi.”​—Jeanette.

 Bibiliya ivuga iti: “Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.” (Abagalatiya 5:14) Kugira tugiranire ubugenzi bwiza n’abandi, turakeneye kwiyumvamwo ko hari ico tumaze ku rugero kanaka, ariko ntitwoca tuba abantu bikunda.​—Abagalatiya 6:3, 4.

Niwirinde kwiganyira.

 “Irungu rimeze nk’urushanga. Uko urushiriza kunyika muri rwo ni ko birushiriza kugora ko uruvamwo. Uko uguma wiganyira ni ko abandi bazorushiriza kwumva batagushaka. Rero uzoca urushiriza kwumva irungu.”​—Erin.

 Bibiliya ivuga iti: “Urukundo . . . ntirurondera inyungu zarwo bwite.” (1 Abakorinto 13:4, 5) Ikizwi coco ni uko igihe twibanze cane ku bitwerekeye, duca turushiriza kutaba abanyempuhwe kandi bigaca bituma abagenzi batumva bakwegerewe kuri twebwe. (2 Abakorinto 12:15) Ico womenya coco ni iki: Nimba kugira uroranirwe bivana n’abandi, uzoba uriko uratuma utaroranirwa! Mu vy’ukuri, amajambo nk’aya ngo “Nta n’umwe yigera anterefona” na “Nta n’umwe yigera antumira” atuma umunezero wawe uva ku bandi. None ukwo ntikwoba ari ukubaha ububasha burenze?

Ntupfe uwo ugize umugenzi.

 “Abantu bafise irungu baba bashaka kwitwararikwa, kandi barashobora gushika aho bapfa kwemera kwitwararikwa n’uwo ari we wese. Ico bashaka gusa ni ukwumva ko bari n’agaciro. Ariko hari abantu bazotuma wumva ko uri n’agaciro mugabo bagaca barondera kukwungukirako. Ivyo bizoca bituma urushiriza kwumva irungu.”​—Brianne.

 Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi, mugabo uwugirana imigenderanire n’ibijuju azokwibonerako.” (Imigani 13:20) Umuntu yishwe n’inzara arya ivyo ari vyo vyose abonye. Muri ubwo buryo nyene, abantu bipfuza cane kuronka abagenzi boshobora kuronderera abagenzi ahantu hatabereye hose. Barashobora mbere no kuba ibikoresho vy’abandi, biyumvira ko ubwo bugenzi ari ikintu gisanzwe kandi ko ata kindi kintu ciza kuruta bokwitega.

 Ico twoshikako: Uwo ari we wese birashika akumva irungu; bitandukaniye gusa ku rugero rw’iryo rungu. Kandi naho irungu rishobora kugirira nabi umuntu, amaherezo ni inyiyumvo gusa. Akenshi inyiyumvo zacu zivana n’ivyo twiyumvira, kandi turashobora gucungera ivyiyumviro vyacu.

 Ntiwitege ku bandi ibidashoboka. Umwe Jeanette twavuga yigana ati: “Si umuntu uwo ari we wese azokubera umugenzi mwiza ibihe vyose, ariko uzoronka abantu bakwitwararika. Kandi kukwitwararika birahagije. Ivyo bituma utumva irungu.”

 Ikindi kintu cofasha. Nusome ahavuga ngo “ Kudatinya kugiranira ubugenzi n’abandi.” Nuvome kandi PDF y’ikiganiro kivuga ngo “Gutsinda irungu.”